Accueil > Amakuru > u Burundi > Bénin : Umunyeshure w’umurundi yahitanwe n’isanganya ry’imodoka
Bénin : Umunyeshure w’umurundi yahitanwe n’isanganya ry’imodoka
mercredi 7 Nzero 2015
Umwe mu banyeshure b’abarundi bari kunonosora ivyigwa mu gihugu ca Bénin yitavye Imana ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri i Cotonou mu gisagara ca Bénin. Arnaud Nininahazwe w’imyaka 28 yagonzwe n’imodoka aca yitaba Imana mu gihe yariko yiyunguruza kw’ipikipiki.
Arnaud Nininahazwe asanzwe yahora aba ku Mutakura muri komine Cibitoke, kuva ku genekerezo rya 13 Munyonyo 2013 yari mu gihugu ca Bénin, aho yari yagiye kunonosora ivyigwa muri Master, igisata kijejwe ubuhinga bwa none mu mashirahamwe (MIAGE : Master en informatique Appliqué à la Gestion des Entreprises), akaba yari ageze mu mwaka wa kabiri kuri Université Polytechnique International Obiang N’Guema.
- Arnaud Nininahazwe yohejeje amashure muri Myandagaro 2015
Amakuru duhabwa n’abanyeshure b’abarundi biga mu gihugu ca Bénin amenyesha ko mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 6 Nzero 2015, yasezeye uwo babana mu cumba amubwira ko agiye kugura "disque dur", ari kw’ipikipiki ahetse isakoshi yarimwo inyabwonko yiwe (ordinateur). Ageze hagati ya Carrefour étoile rouge na carrefour vedoko, yahuye n’imodoka "Camion" imutesha ibarabara, iramugonga, akaba yaciye yitaba Imana aho nyene. Hari nk’igihe c’isaha zine mu masaha yo muri Cotonou (10h de Cotonou), ni ukuvuga isaha zitanu ku masaha y’i Bujumbura (11h de Bujumbura).
Arnaud Nininahazwe, imfura akaba n’umuhungu umwe mu bana bane, yohejeje amashure arimwo muri Bénin mu gisata kijejwe ubuhinga bwa none mu mashirahamwe (MIAGE : Master en informatique Appliqué à la Gestion des Entreprises) mu kwezi kwa Myandagaro (Aout) 2015. Amakuru duhabwa n’abanyeshure b’abarundi biga aho muri Bénin avuga ko bamaze gutangura kwegeranya uburyo, babifashijwe n’ishure hamwe n’abandi bose bavyipfuza, kugira bashobore gutahukana ikiziga, umuryango n’abagenzi biwe bamusezere, kandi bamushingurane iteka.

- Arnaud Nininahazwe (uwutangura i bubamfu)

Egide Nduwimana
Messages
7 Nzero 2015, 14:02, par boaz
ndahojeje umuryango abuze ! il etait mon ami twaricaranye muri lycee du lac kuntebe imwe is verry bad! is a sad news! Imanimwakire mubwami bwayo!!
7 Nzero 2015, 14:02, par boaz
ndahojeje umuryango abuze ! il etait mon ami twaricaranye muri lycee du lac kuntebe imwe is verry bad! is a sad news! Imanimwakire mubwami bwayo!!
7 Nzero 2015, 14:21, par manu
oooh Imana imuhe iruhuko ridashira kabisa abasigaye turababajwe n’uru rupfu. Ariko vyose biba kubushake bwayo. Mes condoleances au famille éprouvée.
7 Nzero 2015, 14:40, par So
Nihaganishije imiryango, ariko ibibabaza ngahakw’Isi nivyishi uruphu rwuyumunyeshure runkuyeho narwo Imanimwakire iwayo.
7 Nzero 2015, 16:30, par uwamwiza lambertine
imana ikunyakirire aha kwisi waragerageje kuba sage cane waradufashije mwishure aho twigana kuri universite ntaco wimana ufise mungabirano wahawe ruhuka amahoro
7 Nzero 2015, 20:49, par divine kanyange
Imana ibane nawe arnaud.urupfu sinyishu ngaha kw,isi duhojej umuryango wawe nabo mw,arikumwe bose benin.mukomez kwihangana .niwiruhukire mwana w,imana
7 Nzero 2015, 23:19, par Barutwanayo Emery
Ndahojeje umuryango nabo biganye ntibagiye nabo bahorana mumugwi nserukira gihugu wa taekwondo mu burundi,Arnaud warintwari Imana ikwakire mubwami bwayo.
8 Nzero 2015, 08:27, par Habarugira
Imana imwakire mubwami bwayo
8 Nzero 2015, 08:28, par Habarugira
Imana imwakire mubwami bwayo
8 Nzero 2015, 08:28, par Habarugira
Imana imwakire mubwami bwayo
8 Nzero 2015, 08:31, par Habarugira
Imana imwakire mubwami bwayo