IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bihome niwe yatahukanye agashimwe kitiriwe Manirumva

Bihome niwe yatahukanye agashimwe kitiriwe Manirumva

lundi 23 Kigarama 2013

Agashimwe kitiriwe Ernest Manirumva kagira gatatu karaye gatahukanye umunyagihugu Bihome yakingiye umwami Mwezi Gisabo igihe yagira yicwe, uyo munyagihugu akemera kwambara inyambarabami, kugira yemere gupfa mu kibanza c’umwami.

Kw’igenekerezo rya 23 Rusama umwaka w’1903 umwami Mwezi Gisabo akaba yarashoboye guca mu ryahumye abagira bamwice, haca hasiga ubuzima uyo munyagihugu Bihome, kuko yemeye kwambara nk’abami, kugira akingire ubuzima bw’umukuru w’Uburundi. Ku bw’umukenguzamateka Ntibantunganya Sylvestre yahoze arongoye igihugu c’Uburundi yari arongoye umurwi wize uwotahana agashimwe kitiriwe Manirumva, yamenyesheje ko umunyagihugu Bihome yakoze igikorwa gikomeye cane, mu gihe yakingira umwami Mwezi, ati kwigura uwundi si benshi bobikora, ndetse igikorwa ca Bihome kikaba cakingiye igihugu n’abanyagihugu bose.

Eka na Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE rimwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, avuga ko igenekerezo rya 23 Rusama ryari rikwiye kuba igenekerezo ridasanzwe, ndetse iryo genekerezo rikitirwa umunsi mukuru w’umurwanyi, Bihome yarwaniye umwami, agakiza igihugu cose kurwa mu kaga.

Twobamenyesha ko ivyo birori vyo gutanga agashimwe kitiriwe Ernest Manirumva vyari vyitabwe n’abantu isinzi harimwo abanyagihugu bari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike n’abandi.

Ernest Manirumva yagandaguwe ari icegera c'uwurongoye OLUCOME

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.