Accueil > Amakuru > u Burundi > Bimwe mu vyahindutse mu bushikiranganji bw’ibidukikije, amazi n’ugutunganya (...)
Bimwe mu vyahindutse mu bushikiranganji bw’ibidukikije, amazi n’ugutunganya ibisagara
lundi 25 Myandagaro 2014
Integuro y’itegeko risubiramwo itegeko n°100/95 ryo ku wa28 Ntwarante umwaka w’2011, co kimwe n’integuro y’itegeko rigena ibirangurwa n’ibikorwa mu kigo kijejwe gukingira ibidukikije, biri mu vyizwe mu nama nshikiranganji.

Muri iyo nama yari irongowe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, izo nteguro zibiri z’amategeko zikaba zashikirijwe na Jean Claude Nduwayo, umushikiranganji w’amazi, ibidukikije n’ugutunganya ibisagara. Muri izo nteguro zizwe, zikaba zari zaranizwe ku wa 12 Ntwarante uyu mwaka, aho hariko harigwa uko ubushikiranganji bw’ibidukikije, amazi n’ugutunganya ibisagara bwotunganywa neza. Muri iyo nama nshikiranganji, hakaba hashitsweko ko ubuyobozi bukuru bw’amashamba n’ibidukikije bwoja hamwe n’ikigo c’igihugu kijejwe gukingira amashamba n’ibidukikije, ivyo bigo vyose bigaca bihurira mu kigo c’igihugu kijejwe gukingira ibidukije( Office Burundais pour la Protection de l’Environnement (OBPE).
Mwomenya kandi ko muri iyo nama nshikiranganji yabaye mu mpera z’iyi yinga, umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza Joseph Butore yashikirije integuro y’itegeko rigenga itunganywa rishasha ry’umurwi w’igihugu muri UNESCO. Mu Burundi, uwomurwi w’igihugu muri UNESCO washinzwe mu mwaka w’1964, uca wemezwa n’itegeko nshikiranganji ryo mu mwaka w’1989. Muri iryo tegeko ry’ico gihe, rikaba ritamenyesha itunganya ry’ibikorwa vya UNESCO mu bisata vy’inyigisho, ubushakashatsi, imicokama, hamwe n’igisata co gutanga amakuru. Muri UNESCO rero nk’uko umushikiranganji yabimenyesheje mu nama nshikiranganji, bakaba basaba igihugu cose kwitunganiriza itunganywa ry’umurwi w’igihugu muri iryo shirahamwe.
Aristide Nizigire