IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Birababaje kubona umwana adashobora kuvuga ururimi kavukire

Birababaje kubona umwana adashobora kuvuga ururimi kavukire

vendredi 26 Mukakaro 2013

Nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho inyigisho UNESCO, igice c’indimi zivurwa kw’isi ziriko zirazimangana kuva ubu gushika mu myaka ijana iri imbere.Indimi zirenga ijana ziriko zirazimangana, zijanye n’abazivuga ibihumbi n’ibihumbi baba batakiriho.

Tugereranije n’ururimi rukoreshwa n’abanyagihugu bo mu Bumanuko bushira Ubuseruko ba Kenya aba elmolo, abo nabo bakaba badashika abantu amajana ane, n’ikirundi gikoreshwan’abantu barenga imiriyoni umunani, wo menga ikirundi co gikoreshwa n’abantu benshi nico gikomeye cane, kandi ukamenga ntikizozimangana, sivyo na gato ururimi rurakoreshwa n’abantu benshi ariko haheze igihe rukazimangana, bivanye n’ukutitabwaho n’abanyagihugu canke ngo rukingirwe n’inzego zibishinzwe.

Abahinga mu vy’inyigisho z’indimi bavuga ko, iyo inyigisho zose zitangwa mu rurimi rw’icongereza n’igifaransa, abadandaza canke abikorera utwabo nabo bagakoresha igiswahili n’icongereza, ivyo bituma ururimi rw’ikirundi rubangamirwa. Abo bahinga rero bavuga ko ihanahana ry’ururimi hagati y’abantu ukwo baba bariko baravuka, abandi nabo bitaba Imana mu gihe c’ubusaza, ababa bariko barakura nabo bakurana zimwe mu mvugo zabo usanga bakoresha mu runganwe canke mu biyago vyabo n’abo bangana. Abo bahinga baremeza ko ururimi rujana n’iterambere ry’igihugu.

Imiryango rero isabwa ko yofasha abana babo bakiri bato, bakabigisha ururimi rw’ikirundi. Hari abanyagihugu bazi neza ikirundi kandi ugasanga bacandika neza, ariko ugasanga ntibafatwa nk’incabwenge. Mu nyigisho z’ikirundi, vyoba vyiza kuruta mu gihe abana bofashwa mu kwigishwa kwandika ikirundi bashirako ubwatuzo ku mungane nk’uko usanga abanyeshure bazi neza ukwo ubwatuzo bujako ku mungane y’ikinofunofu. Atari ukwo twosanga abana b’abarundi basigaye atanakimwe bazi mu bijanye n’inyandiko, ndetse ugasanga ubujuju aribwo busigaye bubaranga.

Nk’uko Uburundi bwamaze kwinjira mw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu Buseruko bw’Afrika, abarundi bategerezwa kumenya indimi zikoreshwa mu bihugu biri muri uyo muryango nk’igiswahili, icongereza, igifaransa. Ariko kumenya izo ndimi bikaba bitotuma ururimi rw’ikirundi ruzimangana burundu. Ururimi rw’ikirundi rwoshigikirwa kugirara ahubwo rukomere. Ubu muri kaminuza y’Uburundi mu gisata c’indimi bakoresha za kazinduzi ziri mu rurimi rw’ikirundi n’igifaransa hamwe n’izindi ziri mu rurimi rw’ikirundi n’icongereza.

Biratangaje kubona umwana muto adashobora kuvuga ururimi kavukire. Ikindi kandi ni mugihe mu mashengero usanga ururimi rw’ikirundi ruriko rurahazimanganira, mu gihe ijambo ry’Imana risomwa mu kirundi ariko ugasanga risiguwe mu rundi rurimi. Eka ahandi ni mumajambo y’abategetsi, usanga avanzemwo izindi ndimi cane cane nk’igifaransa, icongereza, n’igiswahili. Umuhinga mu vy’ukunonosora indimi z’inyafrika akaba n’umwigisha muri kaminuza, Patiri Ntabona niwe avuga ati : «Uhomba ururimi rw’amavukiro ukaba wihomvye »


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.