Accueil > Amakuru > u Burundi > Biyemeje gukora ata matati gushika batoye urwego nyarwo
Biyemeje gukora ata matati gushika batoye urwego nyarwo
vendredi 21 Ruheshi 2013
Umuhuza w’abarundi Muhamed Rukara yari aramutse yakira abagize urwego nyobozi rw’ishirahamwe ry’abunguruza abantu ku ma pikipiki AMOTABU mu gatondo ko kuri uno musi wa gatanu igenekerezo rya 21 Ruheshi 2013.
Nk’uko vyashikirijwe na Jerome Ndiho, umuhanuzi mu biro vy’umuhuza ajejwe kumenyesha amakuru, bari baje gushikirizwa ico bashitseko mu mugambi wo kubahuza inyuma yo kwitura umuhuza kugira abumvikanishe ku mpari n’amatati vyari muri iryo shirahamwe.
- Jerome Ndiho, umuhanuzi mu biro vy’umuhuza w’abarundi ajejwe kumenyesha amakuru
Jerome Ndiho yamenyesheje ko ivyavuye mu biganiro abaserukira abandi mu mirwi y’abunguruza abantu n’ibintu ku ma pikipiki. Basavye umuhuza abumvikanishe bagire urunani rumwe rw’imfatakibanza ruzomara amezi atandatu mu nyuma baheze batore urunani nyarwo ruzotorwa n’abunguruza abantu ku ma pikipiki bose. Yasavye rero abo batowe ivy’imfatakibanza ko bobandanya bahimiriza abo baserukira kugira bashobore gukurikiza amategeko nko kwambara inkofero zikingiraumutwe umuntu agize isanganya hamwe n’ukutarenga aho babujijwe.
Abagize urwo runani ni 17 harimwo abahora bagize urwego nshingwabikorwa, abatanguje iryo shirahamwe n’abakuru b’ibituro bimwe bimwe.
Abo bose barashize umukono ku masezerano y’amategeko azobagenga bose uko ari 17.

Muri ayo hari nko kubungabunga amatungo y’ishirahamwe, gukora baja inama n’ingingo ata gikenye.
Habaye amatati bakaba bumvikanye ko bazotegerezwa gushikira urwego rw’umuhuza, basubire kumwitura.
Prosper Ndayikeza