Accueil > Amakuru > u Burundi > Ivyashikiye banki nkuru y’igihugu woba ari umwotsi wanyegejwe kandi inzu (...)
Ivyashikiye banki nkuru y’igihugu woba ari umwotsi wanyegejwe kandi inzu yariko irasha
lundi 21 Ndamukiza 2014
Banke nkuru y’igihugu yatewe n’umuriro wamenyekanye bivuye ku myotsi mwinshi yabonetse hejuru y’iyo banki. Abategetsi b’igihugu batandukanye bishikiye muri ico kibanza, ariko bigatangaza ingene ata n’umwe muri abo bategetsi yashatse gutanga umuco kuvyabaye. Bonyene binjiye, mu nyuma basohoka bataha ataco bashikirije c’uguhumuriza. N’abamenyeshamakuru bakaba batemerewe gushikayo kugira bibonere ivyabaye.

Nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, umwotsi wabonetse hejuru ya banki nkuru y’igihugu. Bimaze kuvugwa ko iyo banki itanguye gusha, abaporisi n’abasirikare baciye banyarukira muri ico kibanza ku bwinshi, bari kumwe n’abajejwe kuzimya umuriro. Abanyagihugu benshi baciye nabo bihutira kuja kuraba ivyari bishikiye ikigega c’igihugu. Ku bwinjiriro bw’ibanki nkuru y’igihugu, kwinjira ntivyari vyoroshe, bamwe bemererwa (abategetsi bo muri Reta), abandi bakankirwa. Abashingamateka (harimwo na Yohani Minani arongoye umugambwe FRODEBU Nyakuri), Gabriel Rufyiri wa OLUCOME, Vital Nshimirimana wa FORSC, Petero Karaveri Mbonimpa wa APRODH, n’abandi banyeporitike bankiwe kwinjira, bagatangazwa n’ukungene badashoboye kuja kwibonera ukuri kuvyari bishikiye ibanki nkuru y’igihugu. Abashikiranganji bashoboye kuhishikira ni Pontien Gaciyubwenge ajejwe kwivuna abansi, Gabriel Nizigama ajejwe umutekano, Edouard Nduwimana ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Tabu Abdallah Manirakiza ajejwe ikigega ca Reta, umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara n’abandi.

Abo bategetsi bose binjiye, umwe wese yasohoka ataha, mu nyuma vyatevye umuyobozi mukuru wa banki nkuru y’igihugu, Ciza Jean amenyesha ko umwotsi wibonekeje watewe n’inoti zishaje bariko baraturira, nkuko basanzwe baziturira, ariko bigatangaza ingene uwo mwotsi wibonekeje ugahagurutsa abagize Reta n’abakozi ba banki nkuru y’igihugu ku bwinshi, hama ntibareke bamwe mubaserukira abanyagihugu n’abamenyeshamakuru kugira binjire kuvyibonera namba vy’ukuri ariko vyari vyagenze.
N’aho Ciza Jean umuyobozi mukuru wa banki nkuru y’igihugu yamenyesheje ko uwo mwotsi wavuye ku noti zishaje bariko baraturira, amwe mu makuru yariko aravugwa yamenyesha ko vyoba atariko vyagenze, bica vyunyurwa n’uko abamenyeshamakuru batashoboye kuganira n’indongozi za banki y’igihugu, ahubwo uwo muyobozi arengana abamenyeshamakuru bari bagandagaje imbere ya banki nkuru y’igihugu, aja gutanga ikiganiro ku nsamirizi n’imboneshakure vy’igihugu.

Gushika nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro, abanyagihugu n’abamenyeshamakuru bari bakiboneka imbere ya banki nkuru yigihugu, kuko bari barindiriye ko bohava bahabwa umuco kuvyashikiye ubwo bubiko bw’amafaranga y’igihugu.






Egide Nduwimana
Messages
21 Ndamukiza 2014, 23:28, par NIL.
none abarundi tugiy kuba abande?mana tabara igihugu cawe!inyuma y’amasoko yahiy umwuzure uhitana beneburundi ubunaho BRB ifashw numuriro!nahimana pe.
21 Ndamukiza 2014, 23:37, par hi
Muragabe barundi...musenge
21 Ndamukiza 2014, 23:47, par janvier niyonkuru
twizere ko imana rugira vyose itovyemera koduhisha ibigega vyigihugu.amen
21 Ndamukiza 2014, 23:52, par gipina
Imana nifashe u Burundi, ni ukuri!!!
21 Ndamukiza 2014, 23:58, par datus
mana dusenga raba uburundi n’abarundi,tugez aho umwansi ashaka.isoko nkuru ishe,imvura ihitane abarundi,n’umutima w’uburundi usheBRB?Mana ww urengeye vyose niwe twizeye.urakoze
21 Ndamukiza 2014, 23:59, par picado
On y met le feu pour voler les lingots d,or ou faire disparaitre les traces d,un vol deja consommé.
22 Ndamukiza 2014, 00:01, par runezerwa clovis
pole sana barundi mwese!!! musenge gusa imana ibona kimwe cose kibera kubutaka bw’uburundi!!! igihe cy’ubutayu kirihafi kurangiraaaaaa!!!
22 Ndamukiza 2014, 00:10, par Coldman’Zi
Kumva vyashitse Banque y’igihugu igasha, ni akamaramaza. Ikindi ntategera, ni ukuntu ivyo bibaye hadaciye n’iminsi Isengero yo mu Nyakabiga idogombeye. Mu magurumasha, Leta n’abanyagihugu bose, dukwiye kuvira hasi tugir’amatohoza tumenye neza amamuko n’imvo y’iyo miriro. Hovyakabereye ni kera
22 Ndamukiza 2014, 00:50, par Nyamoya
Ariko ga yemwe ntakuntu bofatira ibihano iki kinyamakuru chimonogoje nukwandika inkuru zidafise ishingiro!? None tuzokwama tubesha kugirango turonke uwusoma ibinyamakuru vyacu, canke tugomba kumenya uko turondera amakuru, nukuyandika neza kugirango abantu bzohore bagura ibinyamakuru vyacu. Ivyo banditse ngaha vyose nukubesha kandi ntamucanwa uriko uraka aho kuri BRB...nimba bavuga BRB y’ igitega canke ibindi bice nibabitomore neza.
22 Ndamukiza 2014, 00:51, par BUKURU ASMANI
Jewe nzobareka ubu muradutse ku Gihe ntimutangwe mw’abakehabwenge mwe muvug’ayo mushaka ngo mutambe murarons’ico mukorereko !mukwiginano gutukana bamuvug’ivyo mwatohoje, Mme n’a KIRAHUHAMVU muramaramaye, nta BRB. yahiye izonzoga nimuziraze murahomvye, NGW’INKUB’IRABIJE, NTUVUGE NGO MAR’ABANSI M’UMUKUNZI BIRAJANA -URUCIRA MUKASO RUGATWARA NYOKO mbega mumbonera yob’ar’iy’umugambw’umwe? Camk’Ubwoko bumwe cank’Ihembabamwe?bamurekakub’INTAMBIRARAKIZA.Aho guseng’Imana ngw’ikingir’Abarundi n’Uburundi muj’ikuzimu mwambaza Satani ngw’aturir’’Uburundi,mwomenyera munezerwa ngo muzocemMugabe?
22 Ndamukiza 2014, 01:29, par Nshimirimana so lange
Mana ibuka uburundi na barundi nibwo buzoguma mungorane zidahera
22 Ndamukiza 2014, 02:27, par oliver
Ahubwo abarundi barakwiye kwisubirako mukureka kwimenerako nk,impene zo muci.None hasigaye iki?murapfuma mukidandaza mutugabangarize canke dusubire m,ubukoroni aho mama we ngira twogira agahengwe
22 Ndamukiza 2014, 03:19, par HAKIZA
Uy’umumenyesha makuru numubeshi pe,ngo abamenyesha makuru ntibemerewe gushikayo bibonere uko irimwo isha,none yanditse ivyo atatohoje canke atiboneye?usomye iyinkuru neza umengo numunyamahanga yayanditse abona ko iriko irasha ataco vyomubwira.abamenyesha makuru bandika inkuru zicivutu imitima y’abarundi turabiyamirije.
22 Ndamukiza 2014, 03:55, par RICHARD HOPEFUL
jewe ndabona umuhero ugra ushike kugihugu c uburundi.reka tubihe mungu.imigani16:3,MANA URIHO KORA!
22 Ndamukiza 2014, 06:09, par WILLIAM
IYO UMUTWE UGWAYE NTABUZIMA KUBIHIMBA BISIGAYE .GUSHA KWIKIGEGA CIGIHUGU NIKIMENYETSO KIBI MUVYINTAWARO AMAHEREZO YIBI AZOBA MABI CANE .MUSENGERE IGIHUGU NI MBA HOHO YOBUMVA
22 Ndamukiza 2014, 07:00, par Kajekurya
Je harikintu kintangaza,none iyo umuriro wadutse,akaba arisanganya icotuma abanyagihugu batamenya ukuri nigiki?none abarundi bose babaye ubusimbirahamwe?konzi harincabwenge muburundi.twagirango twozanye imitahe tugakorera mugihugu camavukiro none ndabona harigihaze pe
22 Ndamukiza 2014, 07:25, par Dieudonné
Imana Izobamara Ubukene Bwanyu Bwose Hamwe Nitunga Ryo Mu Bwiza Bwayo Muri Kristo.Umviriza Imana Yitwararits Ik Gihugu Gusumbuk Uwundi Wese Yocitwararika.Nimba Banki Yahiye Ntihahiy Isoko Hahiy Igikoresho.Imana Niyo Soko Rya Vyose .Humura UMUGAMBI IMANA IFITIY UBURUNDI NTAWOWUHINDURA.
22 Ndamukiza 2014, 08:07, par bifaranga
Abo ba dd nama mvuga mbe bibaza ngo Abarundi ni ibijuju,aho bageze guturira bank nkuru y’igihugu ngo bi couvre ku mahera banyonyeje ngo yashanye n’i banki mbe mwibaza ko ayo ma bank n’amasoko muri kwituriza ko bihereye aha?2015 turababoha mwa bigugu mwe,canke niyo nama peter yari gumoresha ko mbona yabereye no mw’ibanga,canke hoho mwiyagiriza iki ko bareka bamwe abaserukira abanyagihugu n’amashirahamwe yigenga ,basha ni mugire mugende nobamenyesha ko naho muturira vyose aho dufatira igihugu 2015 tuzonagura igohugu mumaramare
22 Ndamukiza 2014, 08:09, par burundi buhire
Mana data wa twese.tugirire ikigongwe nkuko wamye kandi waraye usubiye kugaranzura ikiganza hejuru y’uburundi kumwe wagaranzura ikiganza ubwato bugira butwarwe.namwe barudi guhera ku mukuru w’igihugu n’abarundi bose bacumuye ingo twamabre amagunira dusabe ikigongwe nka dawudi
22 Ndamukiza 2014, 08:17, par HatJan A.k.A Black Eagle
Mbega man abarundi tuzoruhuka ryari kweli? Vyamaze kurenga kuvaho vyaho vyabereye sivuba!!
#IYI LETA YUBURUNDI IVYO IRIMWO IRAKORA VYOSE NTABWO ARIVYIZA NAGATO NIMBA VYABANANIYE GUTWARA NIBAHEREZE ABANDI MBE? BAGOMBA GUTEMBA BATEMBANYE IGIHUGU COSE MUNGU WANGU WE!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!BUCA TUBA ABANDE?
22 Ndamukiza 2014, 08:28, par Nzojibwami
Mwe nimwinumire ivyabayevyose
turabimenya mumwanya muto
nivyabereye mumibonano peter
yagize kumunsi7 uheze twamaze kubibona nkabakoresh Fb bazabakwiboneye ukobimeze amashamba sayeru umanikagatu wicaye mukukamanura ugahaguruka
22 Ndamukiza 2014, 08:45, par mukunde
Erega ntawuhisha umwotsi inzu iriko irasha uwo avuga ngo ntihahiye ugomba uvuge ko abamenyeshamakuru badafise amaso ukuri ntigupfa ntagupfukapfuka nkuko bamwe babigira ariko mwari mukwiye gusengera igihugu mwese hakutukana mumarana nkuko umenga murabanyamahanga
22 Ndamukiza 2014, 08:56, par claire
INKURU YUKURI NUKO NTABINTU VYA HATARI VYABAYE. ICUMA GISANZWE GITURIRA AMAHERA CAGUMA GISOHORA IMYOTSI KUKO AMAHERA BARI BATURIYE YARI ATARAHERA GUTURIGWA MURI INCINERATEUR. REKA GUSHUSHA IMITWE ABANTU. IYO NI NKURU MBAHAYE NKUWURI A LA SOURCE.
22 Ndamukiza 2014, 09:39, par Idi Buhanga Kheri
Burundians are useless!why can,t they follow da example of Egypt,Tunisia,Lybia?talk its all they know dat why am nt even proud of ma country or being a Burundian!go to hell useless country!
22 Ndamukiza 2014, 09:51, par Kajekurya
Kera iyo umwami yimye,hakaba ivyago bacabamenyako intwro yawe ataco izovamwo,ibuka bagifashe igihugu 2005 abantu barishwe ninzara mukirundo.Kuvicogihe ntaciza kiraboneka ciza.Inzu nziza uzobona nizaba DD.aho uzosanga directeur wa primaire agura imodoka kumushahara tuzi.ncantangara ingene baturira amahera ashaje bakayaturirira muri bank indani,bikabananira no kumenyesha abanyagihugu,je nibaza ko barekuye aba DDkuko amahera arayabo gusa.Barundi,mwihangane igifise intango kigira iherzo.Farao muri egiputa yaricaye kubisirael ariko baramucitse
22 Ndamukiza 2014, 10:03, par HAKIZA
Ww wiyita Bifaranga urashobora kurota kumurango butarira?ahubwo urasara ntukomeye mumutwe kuko ivy’ejo ntavyuzi none ivya 2015 wobimenya gute?kiretseko ww usara mumutwe niwe wobimenya.
22 Ndamukiza 2014, 10:12, par BWARIKERA
Guys reka kwirirwa muratanako umwikomo!!!Something is going on in BRB!!! It’s a real deal which DD did not wantanybody from left to know!!Reka imitwe ariko DD mwayibagiwe mukuzimiza amakuru n’ama dossiers aba ababangamiye muri politiques?Acheni manyanga sha!!
22 Ndamukiza 2014, 10:55, par Mélance KUBWIMANA
ibanki nkuru y’uburundi=isoko nkuru yahiye?ntavyo nibaza ntanibizoba ngo bingane
22 Ndamukiza 2014, 11:20, par Ndaramvye
umuntu ibi bitotera ubwoba yoba ata mutima afise! Nibaze ko ata document niùmwe yahiye. Twizere ko ivyo gouverneur wa BRB yavuze arivyo. nta fuite dukeneye! uwiyumvira guturira BRB abura ingene yica abarundi bose yobica. Après marché central n’izindi nyishi, ntanuwovyiyumvira.
Supposons ko yaraye ihiye! UBURUNDI mwibaza ko hari numwe yaba asigaye? Igihugu coba cifuse! ibuye riserutse ntiriba rigihongora isuka, iryo bara rirwanye, mwige ukuntu umuriro aho wozanana hose uzimywa atabirononekara.
22 Ndamukiza 2014, 11:21
Wao ivyobintu bratey amakenga . Ese namba ari ikibaz simple nkico kuki hagiz ikumigwa rya bamw bamw mwitohoza ? Tang umuco . Reka umumenyeshamakru bakre ico bajejwe.
22 Ndamukiza 2014, 14:14, par upson
Eka da nakajede kabo bamaze kwiba amahera yose none bashaka gutakaza evidence. Hawana huruma
22 Ndamukiza 2014, 20:01, par Nahimana juma
Bratey ubwob ni batubwir ukuri
22 Ndamukiza 2014, 20:08, par jobless
sha ibya barundi ni hatari
22 Ndamukiza 2014, 22:00, par Muco
Imana iradukunda none nkubu twaca tujahe?mugabo uwari kuba abigize nurusogi rwiwe rwoshikiwe nivyo yobaye akoze
23 Ndamukiza 2014, 07:47, par Bumwe
Yemwe yemwe insiguro zabategetsi bacu ziratwengeje.ngirambaze ibibazo :1_ngo n,amahera ashaje bari guturira imyotsi iciraduga muvyumba none ama tuyaux yico cuma kiyaturira aca muvyumba gukor,iki?ni oxygene?niberekane aho ico cuma kiri hama tuyaux isohora imyotsi babone aho ica kugira bavyemeze si non iyyoonnssiigguurroo siyooooooooo
23 Ndamukiza 2014, 10:39, par matendeko
Mbega kuva BRB ibaho ntibari bwaturire amahera ashaje??? ko umwotsi wibonekeje ubu?kibure n’aho yobaye impanuka kuki hari abakumiwe kwinjira kuraba ukuri ? ntamumenyesha makuru yemerewe kwinjira kuraba ngo tubwirwe ukuri. Icabaye co carabaye !! ntacahishijwe kitazomenyekana ivyarivyo vyose tuzoteba tumenya igituma.
23 Ndamukiza 2014, 15:00, par Gagnant
Abarundi nitwige kwiyunaha iyo tuvuga iki canke kiriya, hariho imvugo atari iz’abantu biyubashe.Aba DD botsondwacnk batsinda ni abarundi icokwizeranuko batokwifuza guturira ngo bahomvye abatari aba DD. Kuko iyo inkuba irabije ntuvuga ngo Mara abansi...
23 Ndamukiza 2014, 18:06, par Aaron
None opposition ko bari bamaze dejas kuvuga ko icatumye aba DD baturira iyo bank none ibindi babaza vyari kuba ibiki. Umuntu akwimye amakuru nuko ataba ashima ingene uyavuga. barankiye opposition kwimjira none binjira ngo baje kuzimya. Baca babareka ngo binjire guko ari abantu bahambaye ba opposition ? nabarundi nkabandi bari basagaje harya hanze. Abamenyeshamakuru nabo ntaworinda kubababwira murabazi babima inkuru guko bazi ivyo baheza bakavuga kandi bari bahejeje kubivuga.
24 Ndamukiza 2014, 07:54, par DAVID Bigirimana
igihugu cacu kigeze ahatemba,nubu sindabona urukundo abategetsi bafitiye igihugu.
24 Ndamukiza 2014, 17:44, par NDC
Imvugo nk’izi sinibaza ko ari iz’abarundi nk’abandi.Ngo:"ariko bigatangaza...., hama ntibareke bamwe mubaserukira abanyagihugu n’abamenyeshamakuru............."
None uwuserukira banyaguhugu gusumvya Edouard NDUWIMANA, GACIYUBWENGE... canke uwutwara BRB ninde?!! Mwashaka Pacifique, RUGURIKA, Leonce, MBONIMPA.... Jewe abo bose sindabanka kandi sindabarwanya ariko nivyiza ko umwe wese yohabwa umwanya akwiriye haba muri LETA canke SOCIETE CIVILE. Abarwanya aba canke bariya ntaho bashikana uburundi n’abarundi kuko umutegetsi yama ari umutegetsi kandi agaserukira umurundi wese kugeza asubirijwe.
24 Ndamukiza 2014, 19:11, par KARUSWAZE
AYO MAFRANGA BATURIRA NI KUKI BATOYAFASHISHA ABATINDI B’I BURUNDI ? MBE UWUTURIRA UMWIMBU W’ABARUNDI (VYOSE BIRONDERWA NA BO )TUVUGE KO ABAKUNDA ? AGAHIMBO KA BAMWE .NONE MU BARUNDI NIBANGAHE BICIYE MU MATORA BOSHIGIKIRA KO HATURIRWA INOTI
25 Ndamukiza 2014, 16:04, par yvan
hazogera aho intambwe irera umwagazi w’intama ivyo mu burundi nuko byereka imana.................
14 Rusama 2014, 13:35, par kiriwabo
sha nakuhurumiya saaana ww wibaza ko amajambo nk’ayo yoba agikonvainca abantu can can abantu intelectuels. sikiy nikwambiy, kwinumira vyoba vyiza kuko dieu nous invite a se parler les uns les autres la verité wopfuma uvuga ico wibaza hako uvuga wemeza ngo ni ukuri ubariye abantu. none niyaba yari amahera ari muri incinérateur bankiriyiki ko abantu batavuga rumw na leta bokwinjira bakabiraba nabo?