IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Bubanza : Abakenyezi bavuga ko umuceri weze iharikwa riba ritanguye

Bubanza : Abakenyezi bavuga ko umuceri weze iharikwa riba ritanguye

lundi 13 Gitugutu 2014

Ingeso yo kutadandaza umuceri utaruma abanyagihugu bo mu ntara bariko barabiheba nk’uko bivugwa na buramatari w’intara ya Bubanza.

Anselme Nyandwi avuga ko kugira abanyagihugu barwanye inzara, yabujije kugurisha umuceri utumye. Ubu abanyagihugu bararima umuceri bakongera bakawanika, bakaza barashora buke buke kandi harashizweho amasoko bashoreramwo umuceri. Ubu umuceri ntukigurishirizwa mu mirima. Ingeso rero yo kugurishiriza umuceri mu mirima, bikaba vyrai bigisibije mur8i iyo ntara ya Bubanza. Ariko rero naho biri uko, iyera ry’umuceri rigeze, bamwe mu bakenyezi bo muri iyo ntara bakavuga ko guharikwa bica bitangura.

Baremeza ko abagabo babo baronse amafaranga, bamwe atakindi biyumvira atari ukuzana umugore agira kabiri canke gatatu. Abo bakenyezi bakaba basaba abategetsi bo muri iyo ntara gukora ibishobotse kugira iyo ngeso ituzwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • JEWE NZI O ABAKENYEZI BOOSE BAFISE INYIGISHO ZIKWIYE KUBURYO UZI KO YUBATSE MU MATEGEKO ATEMERA AMABI NKAYO ACA ABASHENGEZA UWO MUGORE WA KABIRI AGASIOHOKA KANDI NUWO MUGABO AGAHANWA.NIVYO BIRI MUBISUBIZA ABANTU INYUMA ,,!!!MBE UWO MUGABO AKENYE GUSA UMUGORE IMANA ITUBABARIRE TURAGOWE NTITUZI NICO TUBUZE...KANDI N ABAGABO BIZE NUKO..NIGUTE UMUNTU AGIRA ABANA BATATU AKONGERA MWO ABANDI HANZE NGO VYASHITSE EREGA NI AKAMARAMAZA..MBEGA MURABONA INGENE UBUZIMA BUZIMYE INDERO Y ABANA ISABA VYINSHI...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.