IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bubanza : Abasirikare 2 bitavye Imana abandi 13 barakomereka

Bubanza : Abasirikare 2 bitavye Imana abandi 13 barakomereka

lundi 9 Rusama 2016, par egide

Abasirikare babiri bitavye Imana, abandi 13 barakomereka cane mw’isanganya ry’imodoka y’igisirikare c’Uburundi ryabereye kw’ibarabara rya Bujumbura-Bubanza, mu gatondo ko kuri uwu wa mbere.

Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko iyo modoka yari itwaye abasirikare bari bagiye mu vyigwa mw’ikambi yo ku Muzinda.

Ku makuru yavuzwe ku mbuga ngurukanabumenyi ko na Lieutenant-Colonel Sindaye Dismas batazira Gafuni, umukuru w’ikambi yo ku Muzinda ari mubaguye muri iryo sanganya, Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi arabibeshuza, akavuga ko umukuru w’iyo kambi atari muri iyo modoka, ko yari yaraye mw’ikambi yo ku Muzinda asanzwe arongoye.

Iyo modoka yagize isanganya ni iyunguruza umukuru w’ikambi yo ku Muzinda, Lieutenant-Colonel Sindaye Dismas batazira Gafuni, akaba ari nawe yasubiriye mu kibanza carimwo umuhisi Darius Ikurakure aheruka kugandagurwa.

Iyo modoka yononekaye cane (Amafoto)


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.