IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bugabira : Abakenyezi batari mu mugambwe CNDD-FDD barabuzwa (...)

Bugabira : Abakenyezi batari mu mugambwe CNDD-FDD barabuzwa kuvoma

lundi 28 Ndamukiza 2014

Abakenyezi batari muri CNDD-FDD bo ku musozi Kigina, komine Bugabira intara ya Kirundo barabangamiwe, kuko badafise uburenganzira co kimwe n’abandi bwo kuvoma ku mabombo rusangi. Nk’uko bimenyeshwa na Alice Mukandanga asanzwe arongoye ishirahamwe "Green Bugesera cooperative", ntivyumvikana ingene abakenyezi batari muri CNDD FDD bobaka uburenganzira ku mabombo rusangi.

Mu nama bagiranye n’abakenyezi bo mu ntara ya Kirundo bariko baraba aho abakenyezi bageze mu kwiteza imbere, Alice Mukandanga arongoye ishirahamwe "Green Bugesera Cooperative" avuga ko basanze abakenyezi batari mu mugambwe CNDD-FDD bafise ingorane zijanye n’ubudasa mu vyerekeye imigambwe.
Inyuma y’ibivugwa ko abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi bakubitwa abandi nabo bagaterwa ubwoba, muri iyo ntara ya Kirundo, ubu naho abatari muri uwo mugambwe nta burenganzira bafise bwo kuvoma ku mabomba rusangi. Alice Mukandanga aratanga akarorero ko ku musozi Kigina iri muri komine Bugabira, abakenyezi batari mu mugambwe CNDD FDD baragira ingorane y’ukuvoma, kuko babuzwa n’abari muri uwo mugambwe. Uwo mupfasoni avuga ko abo bakenyezi batangazwa cane n’ukungene bose batanga amafranga yo kubungabunga ayo mavomo, ariko ugasanga ntibaronka uburenganzira bumwe mu kuvoma.

JPEG - 138.6 ko
Alice Mukandanga arongoye ishirahamwe "Green Bugesera cooperative"

Alice Mukandanga abandanya avuga ko no mu vyerekeye indero hariho abana bankirwa gufungurirwa muri bimwe bita "Cantine scolaire", bakabwirwa ko iwabo bafise uburyo, ariko abavyeyi b’abo bana bo bakavuga ko ata kindi bahorwa atari uko batari mu mugambwe uri ku butegetsi.
Aratanga akarorero k’ivyabaye i Kiyonza, komine Bugabira, aho umunyeshure yoba yarankiwe gukora ikibazo ahorwa ko abavyeyi biwe batari mu mugambwe uri ku butegetsi.

Bizimana Emmanuel arongoye umugambwe FRODEBU Nyakuri muri komine BUGABIRA aremeza ayo makuru, akavuga ko ari umupfasoni w’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD i Kigina yima abanywanyi bo mu yindi migambwe urufunguruzo rwo kuvoma, kuko ari nawe asanzwe arubika.
Alice Mukandanga arongoye ishirahamwe "Green Bugesera cooperative", hamwe n’umukuru w’umugambwe Frodebu Nyakuri mu ntara ya Kirundo, bompi basaba ko ivyo bintu vyohagarara, kuko amazi y’amabombo rusangi aba yatanzwe kuri bose, nta n’umwe akwiye kubuzwa kuvoma, kuko bitari bikwiye ko umuntu ahorwa ivyiyumviro vyiwe, kanatsinda umuntu mudasangiye ivyiyumviro ntakwiye guca acika umwansi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.