Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Bugarama : Abantu babiri basize ubuzima mw’isanganya ry’imodoka
Yanditswe taliki ya 21-08-2016 - isaha 14:07' na IGIHE

Abantu babiri bitavye Imana, abandi cumi n’umwe barakomereka mw’isanganya ry’imodoka ryabereye muri zone Bugarama, intara ya Muramvya.

Imodoka yo mu bwoko bwa Hiace yari mw’ibarabara rija mu Bukirasazi, mu ntara ya Gitega, yataye ibarabara, ica iratembagara. Ababonye iryo sanganya bavuga ko ryoba ryavuye ku muvuduko munini iyo modoka yunguruza abantu yarimwo.

Abantu babiri baciye bahasiga ubuzima, abandi cumi n’umwe barakomereka, bakaba bariko bavurirwa ku bitaro bikuru vy’i Muramvya.

Iryo sanganya ryabaye kuri uwu w’Imana rije rikurikira ayandi atatu yabaye kuri uwu wa gatanu, hafi y’aho iry’uwu munsi ryabereye. Muri ayo masanganya atatu y’ubwa mbere, abantu babiri nibo bapfuye, abandi cumi barakomereka.

Ivyiyumviro vyanyu

Vyizo Bogabanya Imivuduko Kuko Ubu Biragoye Nibihangane Ntakundi Vyama Bishika

28.11.2016 à 17:21
PAMERA,

Reka Imana Yikorere Abonabo Bavuga Ngo Nimitego Yugwanda Nizereko Babesha Kuko Ntacarusha Sadamu Sen Ariko Imana Yaramwishuye,

25.08.2016 à 18:52
Joseph

mbenkicokirosi ahocohojejababuze kirikurota ngonumutego w’urwanda eregaragendarumwe yifashe kugwana afate urwanda isiyose izomufukamira uwonyerekuwomuteranyi ukwasa

25.08.2016 à 09:54
marc

Murabe neza mwosanga ari umutego w’u Rwanda none ko mwatevye kuvuga ??

22.08.2016 à 20:46
FNL

Turahojej Umuryango Wababuze

22.08.2016 à 12:56
Elysse

yooo !imana nibakire mubwami bwayo twongera duhoz numuryango wabuz

22.08.2016 à 09:22
nsabiyimbona yanick

ABABUZE ABABO BARIHANGANA KANDI RERO NABO BASOFERI BAZE BARAGENDA MUMUVUDUKO MUKE ABONABO BAKOMERECE BAZOKIRA IMANA IRABABONA.

21.08.2016 à 22:52
NIYUKURI JEREDIE

Ndahojej imiryongo yabuze yihangane kwisi nukonyene !

21.08.2016 à 22:05
Nihoreho

Nibihangane Imana Iratubona Kuko Iradukunda Ntihagire Uwusubira Kuvuga Ko Ari Ukwiruka Cane Kuko Jeme Nariboneye Imodoka Yatemve Ihagaze Bane Barapfuye Harimwo Ba2 Bakomeretse Cane

21.08.2016 à 20:37
Emile

Abapolisi bakwiye kugenzura abo bashoferi batagendera ku muvuduko ukwiye. Kandi ku mihanda bakahashira ivyapa vyerekana umuvuduko ukwiriye aho hantu. Turahojeje imiryango y’abo bahasize ubuzima, abakomeretse nabo bihangane, turi kw’isi yandujwe n’icaha

21.08.2016 à 19:29
Miburo

imana niy ibibona

21.08.2016 à 19:27
odiphaxe iradukunda

Ndahojeje imiryango y’abo bahisi. Mumenyeshamakuru : ibarabarabara riva canke rija i Bukirasazi riserukira hehe mu bice vya Bugarama y’intara ya Muranvya ?

21.08.2016 à 16:34
jean

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.