IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bugarama : Abapolisi bacunga uruja n’uruza bagirizwa kurya igiturire izuba (...)

Bugarama : Abapolisi bacunga uruja n’uruza bagirizwa kurya igiturire izuba riva

lundi 24 Ruheshi 2013

Imiduga ipakira abantu ija mu Bumanuko bw’igihugu, irarenza igitigiri c’abantu yategerezwa gupakira izuba riva, aho iva ku gituro co muri komine ya Kanyosha igana mu ntara zo mu Bumanuko abantu barenze, iyo miduga igaca ku birindiro vy’abapolisi bajejwe gucunga uruja n’uruza mu mabatabara ataco binona kandi ntibafatwe.

Nk’uko twavyiboneye, intebe yose yo mu miduga bita hiyasi, iba iriko abantu batanu canke barenga, uwufasha umudereva nawe aba ari hejuru y’abipakije kuko ataho aba afise yokwicara. Abantu baba bicaye nabi bimwe bidasanzwe, bicaranyeko. Ariko igitangaje ndetse gitangaza n’ababa bipakije muri iyo miduga, ni ukuntu iyo bashikiriye ishikiriye ibirindiro vy’abapolisi baca biherera gato, umuduga ukabandanya ukuri kwamye. Uburorero ni bwinshi twashoboye kwibonera muri iyo miduga ija mugisagara ca Rumonge co kimwe n’iyija mu ntara za Makamba.

Muri komine Kabezi ku kirindiro c’abapolisi, umuduga ntiwahagaze kugira abapoloisi barabe uko ibintu vyifashe muri wo, ariko ngo si ukubera boba batawubonye, ahubwo ngo baba bavuganye hakiri kare nk’uko abanyagihugu babivuga. Umuduga urabandanya ariko ushise aho bita ku Magara muri komine Bugarama mu ntara ya Bujumbura, uhasanga ikindi kirindiro c’abapolisi, abo nabo barahagarika umuduga, bakaraba uko ibintu vyifashe muri wo, eka mbere baraharura n’abantu bari muri wo, ariko uwufasha umudereva ari nawe asanzwe yakira amafaranga mu muduga, aca asohoka maze akavugana n’umupolisi.

Inyuma y’uwo mubonano, uwo afashanya n’umudereva yatumenyesheje ko amuhaye inoti y’ibihumbi bibiri gusa. Ivyo biri ukwo mu gihe aho baciye hose batanga amafaranga ibihumbi bibiri ku bapolisi bacunga uruja n’uruza mu mabarabara.
Iyo naho vyanse ko bumvikana, umudereva baramuhana bakamuca ihadabu. Urupapuro yarihiyeko ihadabu nirwo aguma atemberana kugire yerekane ko yaciwe ihadabu, ivyo bigatuma iyo modokari yirirwa irarenza abantu igaca yerekana urwo rupapuro, aho rero ngo ntaco asubira kuvugana n’abapolisi naho yoba yarengeje bimwe vy’akamaramaza.

Abanyagihugu bafata iyo miduga ija mu Buamnuko bw’igihugu, baridogera cane ukwo igipolisi gikora cane cane igipolisi co mu mabarabara, kuko imiduga irenza abantu izuba riva maze ntibahanwe. Ikindi kandi basaba abarongoye urwo rwego ko bogerageza bagahasha ako kageso ko kurya ibiturire kari mu bapolisi bacunga uruja n’uruza, kandi n’umunyagihugu yemeye kuja mu kibanza abona ko umuduga wuzuye agahanwa nawe nyene. Ibihano kuri abo bose barenze amategeko vyobaho kugira iyo ngeso y’ ukurenza ku bantu batwara ibintu n’abantu igabanuke muri ako karere.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.