IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bugarama : Imvukira zihamagarirwa gufatira ku karorero k’abandi bariko (...)

Bugarama : Imvukira zihamagarirwa gufatira ku karorero k’abandi bariko barateza imbere iyo komine

mardi 26 Myandagaro 2014

Imvukira za komine ya Bugarama iri mu ntara ya Bujumbura, ziri muzifasha mw’iterambere ry’iyo komine, mu gufasha mu bisata bitandukanye nk’ivy’indero, amagara y’abantu, inkino n’ibindi.

Joachin Manirakiza musitanteri a komine ya Bugarama

Ivyo bikaba vyavuzwe na Joachin Manirakiza, musitanteri wa Bugarama, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE. Joachin Manirakiza akavuga nk’abapatiri babiri bavuka muri iyo komine Ferdinand Mugabonihera hamwe na Deo Maruhukiro, eka n’uwurongoye ikigo Nsengiyumva Global Development John Clinton Nsengiyumva, akaba atibagiye kumuvuga mu bantu bafasha rwose mw’iterambere ry’iyo komine. Avuga ko Abo bantu batatu bitanga rwose mu gufasha mu gisata c’indero, inkino hamwe no mu bindi bisata. Joachin Manirakiza musitanteri wa komine ya Bugarama akavuga ko mu bimaze kurangurwa n’izo mvukira zitatu harimwo ibitabu vyatanzwe na Patiri Deo Maruhukiro biciye imiriyoni zitatu, abicishije mw’ishirahamwe Mariya Arafasha, ivyo navyo bikaba biri mubifasha abanyeshure bo muri iyo komine. Uwundi ni Patiri Ferdinand Mugabonihera, aho yubatse inzu ihuriramwo abantu yaba abitaba amanama, n’abafise imanza zitandukanye eka n’abandi. Uwa gatatu, Joachin Manirakiza akaba yatubwiye John Clinton Nsengiyumva, aho abicishije mu kigo Nsengiyumva Global Development asanzwe arongoye, yama atanga imfashanyo z’ibikoresho vy’amashure uko umwaka utashe. Eka ndetse akaba yavuze ko uwo munyagihugu yitwararitse n’igisata c’inkino muri iyo komine.

Avuga ko hari n’abandi banyagihugu bafasha aho bashoboye, ariko agasaba imvukira n’abandi bagiraneza gufasha kugira iyo komine ironke ikibuga ciza c’umupira w’amaguru, co kimwe n’ibibuga vy’izindi nkino zitandukanye. Joachin Manirakiza akaba ashimishwa rwose n’ibirangurwa n’izo mvukira. Asaba ko n’abandi bobafatirako akarorero, bagafasha mw’iterambere ry’ikomine yabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.