IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Abahora badandariza mw’isoko binjiye kwirabira uko ibintu (...)

Bujumbura: Abahora badandariza mw’isoko binjiye kwirabira uko ibintu vyifashe

jeudi 31 Nzero 2013

Abahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura biciye ku batowe mu migwi bishikiye kuraba ko atacasigaye mu bibanza bahora badandarizamwo mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 31 Nzero 2013.

Nk’uko twabibonye igihe twahashika,abadandaza benshi bari bahagaze imbere y’aho hahoze isoko nkuru ya Bujumbura, bamwe bicaye abandi bahagaze, barindiriye ico bagenzi babo batowe ngo babaserukire babashikiriza uko ibintu vyifashe ahahora ibibanza vyabo.

JPEG - 109.2 ko

Nk’uko twabimenyeshejwe n’umwe mu bari muri iyo migwi yari avuye mw’isoko,yatubwiye ko hari nk’igihe c’isaha zitatu aho binjira bizigiye ko hari ico batora ariko bagasanga ibintu vyose vyarahiye biratokombera.

JPEG - 89.9 ko

Nk’uko yabandanije abitumenyesha ngo abo bagize iyo migwi binjiye bari kumwe n’abapolisi bari kumwe n’abasirikare. Bashitseyo bagenzuye basanga ibidandazwa vyose vyarahiye biratokombera,ariko hari n’udusandugu dukozwe mu cuma babikamwo amafaranga basanga twuguruye biboneka ko twoba twuguruwe n’abantu bari kuri iyo soko kuva aho ihiriye,utundi dusandugu twaba twugaye ariko biboneka ko amafaranga yari muritwo yahiye kuko umucanwa winjira uciye mu mpande zatwo.

JPEG - 76 ko

Mu kibanza cahora kidandarizwamwo ibiharage hafi y’aho mbere bivugwa ko umucanwa ariho watanguriye, ibiharage vyarahiye bicika umunyota,ibitahiye vyarahinduye ibara kubera umwotsi,ku buryo ata mwizero wo gusubira kubidandaza.
Tubamenyeshe ko abo badandaza bari mu migwi yatowe kugira ije kuraba uko ibintu bimeze mw’isoko batumenyesheje ko atacizere co kurokora ibintu kuko vyose vyabaye umunyota .

Abadandaza bamwe rero bakaba batanezerejwe n’uko abo bagize iyo migwi binjiranye n’abasoda bari kumwe n’abapolisi.

JPEG - 96.1 ko

Van Naris Mugisha

Messages

  • umugunga mu vyubumara ati ntimukoreshe ivyo bisigarira bifise ubumara ..nyabuna leta ikingire abanyagihugu muri iki gihe c ubukene bazobigura babinywe bapfe leta gaba ugabishe abadandaza...

  • umugunga mu vyubumara ati ntimukoreshe ivyo bisigarira bifise ubumara ..nyabuna leta ikingire abanyagihugu muri iki gihe c ubukene bazobigura babinywe bapfe leta gaba ugabishe abadandaza...

  • ariko kweli, sha ni ukwihangana kuko nta kundi mwabigenza , naho ubundi Allah azabafasha muzabona ibindi kuko si umuhero w’isi:
    Maskiniiii????????? ubu rero aho mugiye gukorera mujye mwibuka gutanga ica cumi (ISADAKA) Imana Allah izabakingira amakuba nkayo, muzibuke no kujya mufata INSURANCE.
    njye n’umuryango wanjye twifatanyije namwe muri ako kababaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.