Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura: Abakozi bo ku kibuga c’indege baremeye gufasha ababuriye ibintu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Abakozi bo ku kibuga c’indege baremeye gufasha ababuriye ibintu (...)

Bujumbura: Abakozi bo ku kibuga c’indege baremeye gufasha ababuriye ibintu mw’isoko

dimanche 3 Ruhuhuma 2013

Abakozi bo ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’I Bujumbura bemeye gufasha abahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura yahiye kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2013.

Mu kiganiro umuyobozi w’ikibuga c’indege Albert Maniratunga yagiranye n’abamenyeshamakuru kuwa gatanu igenekerezo rya 1Nzero 2013,yamenyesheje ko ata kigega kiriho mu rwego arongoye co gufasha mu bihe vy’ingorane,ariko ko abakozi bo ku kibuga c’indege bemeranije n’ubuyobozi ko bazokora igikorwa c’urukundo kuri abo bose bakozweko n’umuriro wadutse mw’isoko nkuru ya Bujumbura.

Kubwa Albert Maniratanga ngo wewe azotanga igice c’umushahara wiwe,umukozi wese nawe wo ku kibuga c’indege yiyemeje gutanga kuvyo ashoboye kandi kuko avyipfuje.

Mu gihe ikibuga c’indege ca Bujumbura carungitse imodoka kizimyamwoto igihe isoko nkuru yariko irasha, Albert Maniratanga yavuze ko ikibuga c’indege gifise imiduga itatu ikinga umuriro ariko ko adashobora gutanga uburenganzira ko zisohoka zose kuko hariho imwe n’imiburiburi iguma ku kibuga c’indege yo gufasha igihe hokwaduka isanganya.

Tubamenyesheko ishirahamwe Brarudi naryo ryemeye gushigikira abahuye n’isanganya mu gutanga amafaranga imiliyoni 50 z’amafaranga y’amarundi.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.