Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Abakozi bo ku kibuga c’indege baremeye gufasha ababuriye ibintu (...)
Bujumbura: Abakozi bo ku kibuga c’indege baremeye gufasha ababuriye ibintu mw’isoko
dimanche 3 Ruhuhuma 2013
Abakozi bo ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’I Bujumbura bemeye gufasha abahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura yahiye kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2013.
Mu kiganiro umuyobozi w’ikibuga c’indege Albert Maniratunga yagiranye n’abamenyeshamakuru kuwa gatanu igenekerezo rya 1Nzero 2013,yamenyesheje ko ata kigega kiriho mu rwego arongoye co gufasha mu bihe vy’ingorane,ariko ko abakozi bo ku kibuga c’indege bemeranije n’ubuyobozi ko bazokora igikorwa c’urukundo kuri abo bose bakozweko n’umuriro wadutse mw’isoko nkuru ya Bujumbura.
Kubwa Albert Maniratanga ngo wewe azotanga igice c’umushahara wiwe,umukozi wese nawe wo ku kibuga c’indege yiyemeje gutanga kuvyo ashoboye kandi kuko avyipfuje.
Mu gihe ikibuga c’indege ca Bujumbura carungitse imodoka kizimyamwoto igihe isoko nkuru yariko irasha, Albert Maniratanga yavuze ko ikibuga c’indege gifise imiduga itatu ikinga umuriro ariko ko adashobora gutanga uburenganzira ko zisohoka zose kuko hariho imwe n’imiburiburi iguma ku kibuga c’indege yo gufasha igihe hokwaduka isanganya.
Tubamenyesheko ishirahamwe Brarudi naryo ryemeye gushigikira abahuye n’isanganya mu gutanga amafaranga imiliyoni 50 z’amafaranga y’amarundi.
Mugisha Van Naris