IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Abana barashima igikorwa c’ibinyamakuru

Bujumbura: Abana barashima igikorwa c’ibinyamakuru

jeudi 7 Ntwarante 2013

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante wari umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana,abana twavuganye bo mu gisagara ca Bujumbura baragize ico bashikirije ku bijanye n’uwo munsi wabagenewe bafatiye ku gikorwa c’ibinyamakuru.

Igenekerezo rya 6 Ntwarante uko umwaka utashe ni umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana.Abana bamwe bamwe bo mu gisagara ca Bujumbura barashima cane igikorwa c’ibinyamakuru kuko bibashikiriza uko ibintu biba vyifashe haba mu gihugu canke mu makungu.

Abana ntibashima gusa amakuru,ariko barashima ibiganiro bitandukanye bica ku masamirizi n’imboneshakure bivuga ku gateka k’umwana.

Abo bana basaba ibinyamakuru vyo mu gihugu ko vyotangaza ibiganiro vyinshi vyagenewe abana bikongera bigatanga akaryo ku bana ko gushikiriza ivyiyumviro vyabo babicishije muri ivyo binyamakuru bikorera mu gihugu.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.