Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Abana barashima igikorwa c’ibinyamakuru
Bujumbura: Abana barashima igikorwa c’ibinyamakuru
jeudi 7 Ntwarante 2013
Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante wari umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana,abana twavuganye bo mu gisagara ca Bujumbura baragize ico bashikirije ku bijanye n’uwo munsi wabagenewe bafatiye ku gikorwa c’ibinyamakuru.
Igenekerezo rya 6 Ntwarante uko umwaka utashe ni umunsi mpuzamakungu wahariwe umwana.Abana bamwe bamwe bo mu gisagara ca Bujumbura barashima cane igikorwa c’ibinyamakuru kuko bibashikiriza uko ibintu biba vyifashe haba mu gihugu canke mu makungu.
Abana ntibashima gusa amakuru,ariko barashima ibiganiro bitandukanye bica ku masamirizi n’imboneshakure bivuga ku gateka k’umwana.
Abo bana basaba ibinyamakuru vyo mu gihugu ko vyotangaza ibiganiro vyinshi vyagenewe abana bikongera bigatanga akaryo ku bana ko gushikiriza ivyiyumviro vyabo babicishije muri ivyo binyamakuru bikorera mu gihugu.
Mugisha Van Naris