IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abanyagihugu bararajwe ishinga n’umwanda wandagaye aha na (...)

Bujumbura : Abanyagihugu bararajwe ishinga n’umwanda wandagaye aha na hariya

lundi 6 Nzero 2014

Haraheze iminsi umukuru w’igisagara ca Bujumbura amenyesheje ko ikibazo c’isuku mu gisagara arongoye kiri mu bimuraje ishinga. Biraboneka ko aho abantu babonesha amaso, nko mu mabarabara acamwo abantu, abakenyezi batandukanye baguma bariko barakubura, bayagira neza, ariko ushitse iruhande y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura ugasanga atariko bimeze.  

Mu micungararo y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, bikaba vyibonekeza ko ikibazo c’isuku kitaratorerwa umuti, na rirya usanga umwanda w’ibisigaririra vy’ibidandazwa bisanzaye aha na hariya, bikagaragara ko abakenyezi basanzwe bakora akazi ko gusukura muri ico gisagara kenshi baba bari mu mwambaro w’ubururu, ibibabanza biri iruhande y’ahahoze isoko nkuru batigera bahakubura, isuku rike rikaba ariryo riharangwa.

Icibonekeza cane akaba ari ubumwanyi butandukanye usanga bwandagaye aha na hariya, buvanye n’abanywa amazi bahejeje bagaca bata aho nyene, eka n’ibindi bisigarira vy’ivyo abantu bafungura, bigenda birashwiragizwa ahatandukanye. Bamwe mu banyagihugu bagasaba ko, igisagara ca Bujumbura cotegekanya ibibanza vyo gutabwamwo ibisigarira vy’iyararara nk’uko no mu bindi bisagara bimeze.

Bamwe rero bakaba bavuga ko ico kibazo c’isuku cari gikwiye kwitabwaho n’igisagara ca Bujumbura, mu gihe abandi nabo bavuga ko ico kibazo cokwitabwaho na SETEMU ( Services techniques municipaux).

Muri izo nzego zibiri rero, urwoba rubona ko ari rwo rujejwe ico kibazo, rukaba rwogikorerako kuko umwanda umeze nk’umuravyo iyo ukubise utamara abansi gusa, ariko n’abakunzi ujaniranya. Umunsi za ndwara z’isuku rike zari zimaze iminsi zibangamiye igisagara ca Bujumbura zagarutse, zikaba zizojaniranya bose, abo vyari vyerekeye bakirabira hirya eka n’inzirakarengane, nk’uko umwe yabibariye ikinyamakuri IGIHE.


Aristide Nizigire

Messages

  • City cancel ya bujumbura canke mairie ikwiye kugwiza ibikoresho vy’isuku nka. Dustbin ahantu hosemugusagara ahakoranirabantu nabajejw’ivyisuku(cleaners)benshi kandi hose

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.