IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Amakara yasubiriye kuboneka

Bujumbura : Amakara yasubiriye kuboneka

mercredi 10 Nyakanga 2014

Ibiciro vy’amakara vyasubiye kugabanuka ahatari hake mu gisagara ca Bujumbura, kuva aho ubushikiranganji bw’amashamba n’ibidukikije bufatiye ingingo yo kureka abasanzwe bayashora bakayamanukana.

Abadandaza b’amakara basubiye kuyashora mu gisagara ca Bujumbura, guhera ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri, inyuma y’iminsi itari mike ibikorwa vyabo bihagaritswe. Aho ikinyamakuru IGIHE caciye mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 10 Nyakanga, amakara yari yabonetse nk’uko n’abadandaza bavyiyemerera. Abo badandaza rero bakaba baciye bamanura ibiciro. Nzeyimana, umwe mu badandariza amakara impande y’ikibuga c’umuganwa Rudoviko Rwagasore yatumenyesheje ko bakoroye igiciro c’ayo makara, kuko guhera kuri uno wa gatatu mu gatondo ariho abasanzwe bayabazanira basubiriye kuyazana.

Muri iyo minsi iheze, uwo mudandaza avuga ko umufuku bawugurisha amafaranga ari hagati y’ibihumbi 50 n’ibihumbi 60, ariko ubu uwo mufuko bakaba bawugura amafaranga ibihumbi mirongo ine vy’amarundi, bagaca bawugurisha ibihumbi 45. Ku basanzwe bagura ku kadobo naho nyene abo badandaza batumenyesha ko bamanukije igiciro, akadobo kahora ku 1500 c’amafaranga y’amarundi amakara yabuze, ubu kariko kagurishwa amafaranga igihumbi gusa.

Tubamenyeshe rero ko iryo bura ry’amakara ryari ryatewe n’uko ubuyobozi bukuru bw’amashamba busaba ibipapuro bitari bike abo basanzwe bayashora. Abatari bake bakaba bibaza ikizoca gikurikira inyuma y’iyo indwi yatanzwe n’ubwo bushikiranganji bw’ibidukikije.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.