IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura :Amatohoza kw’isha ry’isoko yatanguye

Bujumbura :Amatohoza kw’isha ry’isoko yatanguye

mercredi 30 Nzero 2013

Inyuma y’iminsi itatu habaye isanganya y’ umuriro watumye isoko ya Bujumbura isha, umugwi w ‘amatohoza watowe n’umushikirizamanza mukuru wa republika Valentin Bagorikunda kugira amatohoza waratanguye igikorwa cawo kuri uyu wa kabiri.

Uwo mugwi ukaba urongowe n’icariho c’umushikirizamanza, Gervais Hajayandi.
uwo mugwi ugizwe n’abacamanza ba sentare nkuru y’igihugu hamwe nabo igipolisi cegamiye iyo sentare. Uwo wahawe imisi 60 kugirango uzobe washikirije ivyo watohoje.

Umushikirizamanza mukuru wa republika avuga ko uwo mugwi ufise ububasha uhabwa n’amategeko ari naco gituma izokwumviriza umuntu wese agomba gutanga umuco kucatumye iyo mpanuka iba.

Hambavu y’ico gikorwa haguma hatangwa ubutumwa bwo guhoza abagize ivyago aha twovuga nk’umugambwe FRODEBU ishirahamwe, mpuzamasendika, abashingamateka b’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko bari mu nama yabo i Bujumbura ndetse n’uwuserukira reta zunze ubumwe za Amerika m’u Burundi.

Abaserukira reta zunze ubumwe za amerika i Bujumbura bakaba baremeye gushigikira abahuriye n’ivyago mw’isoko ya Bujumbura.


Sylvere Bavumiragiye

Messages

  • ewe matohoza??!!!nzoba mbona.mwama mumatohoza hakabura ikivamwo nuwufashwe mumafuti nka crime nkirya ntamisi azomara afuzwe azoca arekurwa!1muburundi abazira ubusa nibo buzuye muri zagasho zo hirya nohino!!ngivyariho justice yo turazi ko ikoreshwa na leta aho kwigenga!!Mana ha umutima wubumuntu abarundi boose bakore ibintu bizima!!

  • ese ko mbona abene gihugu batemera ibyava mwiperereza ndumva niba koko ntakuri abaturage bizeye mwipererza aho kubeshyera bamwe kugirango reta yikure mukimwaro bareka iryo perereza bakumva inama bahawe na perezida ubwo yasuraga iryo soko bagafatanya bakubaka irindi rishya ubwabo nka barundi bakareka ubunebwe bagira no kunywa cyane kuko nabonye hariho numuganda ariko ubwo narindiyo nabwiye abo twarikumwe ngo turakorerahe umuganda baranseka cyane bafatanyije nareta nkuko nabonye abaministri batanze umushahara wabo nabandi bahereho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.