IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Amazu amwe y’ubudandarizo akoreramwo abanyarwanda (...)

Bujumbura: Amazu amwe y’ubudandarizo akoreramwo abanyarwanda arugaye

jeudi 20 Myandagaro 2015

Kuva kw’igenekerezo rya 17 Myandagaro 2015,amazu y’ubudandarizo akoreramwo abanyagihugu bava mu gihugu c’Urwanda arugaye,hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Bene ayo mazu y’ubudandarizo ntibaboneka muri ivyo bibanza.Ababoneka bonyene ni abakozi babo kuko ,bavuga ko ababakoresha batinya guhagarikwa nkuko vyakozwe kuva kw’igenekerezo rya 17 Myandagaro ku banyarwanda bakorera mu gisagara ca Bujumbura.

Umwe mu bakorera hafi y’amazu y’ubudandarizo akoreramwo abanyarwanda,yavuze ko kuva mu ntango z’ino ndwi,abanyarwanda batanu aribo bamaze guhagarikwa bajanwa mu gipolisi kijejwe amatohoza BSR.

Mwomenya ko,abenshi muri abo banyarwanda harimwo abadandaza amavuta yo kwisiga,n’abadandaza ibikoresho vyo kuvuza umuziki.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Izi ningaruka zo kwivanga mu bibazo by uburundi mu Rwanda. Ibinyamakuru nk imirasire.com inkuru zo gukokeza mu Burundi nibyo bidukozeho. Ese iyo umuturanyi ari mubyago urabifana cg urumutabara ukamuvugira. Abanyarwanda baciriritse bishakira imibereho nibo bahombera muribi byose

  • Inturo yikeka.......... Canke abarundi barahungiye mugihugu iwabo kubera muburundi atamutekano hanyumabobo bahaguma bacungerewe umutekano nabande!? Reta yanyu yurwanda mwarayiretse yikorera ivyishaka ndababwirako bizibatericaka sinobabwirango mwifate nkuko twebwe ngahamuburundi twifata kuri reta yacu ariko mwaranumwe murarenza. Ingarukambi Rwanda.org

  • Batashye se ubundi muri ubwo bugaragwa barahakora iki? Nkurunziza ahejeje kuvugako azabamara nk’ifu yo kuminjira none nibatahe nta yindi nteguza

  • Nibirukane abo baginga kuko baje gusuma urusaku no gutera grenades. Ko ibinyamakuru byo mu Rwanda n’abategetsi b’u Rwanda bavuga ko muburundi ntamutekano uhari none barashakayo iki? Police nibahingemo ubudehe ibafunge kuko abenshi ni abagizi ba nabi bafite intego yo kunywa amaraso y’abarundi. Nizitahe iwabo izo ngegera.

  • cunganeza musanze aribenengango bateza akavuyo mubate mugasho ahubwo mubacunge ntibagende nukubakorerako amatohoza

  • Uraza Pacifique ubivugire i Bujumbura tuzoca tukwemera,Ivyo so yakoze woza wovyishura imbere yuko wishura ivyo ku gatwe iwawe.Ingo tukwemere.Nyangoma we aramenyereye gukorera ubusa,muzosanga muri ibiranganzira.Zikonwa ziboroga.Hanyuma baryimare niwe baryitere.

  • nibabatekeze batahe bose nabasumyiburusaku ba kagame nabo bapastor nabonyene babakorereko

  • Ndikondabona ubucundi bwurrwanda kubihugu bituranyi buzoguma bugoyagoya nimba ibintu mu Rwanda bidahindutse, ndabivuze mumajambomake ariko harimwo ubwenge uwuseka aseke ariko ukuri gucamuziko ntigusha.

  • je ndi umuru no kugitsina,shatse gufatira kuvyanditswa n-uwitwa kajisho,mbega atari kakubura icodupfa tugapfa nijimbere,jewe simbona abo banyarwanda babahora? kuko nabo bavuga ngo nibatekezwe,sikobose twosanga nationalite ari abarundi.ahubwo imbona boreka nokwirusha mu mitwe gusa bakaraba kobakwije isabwa,kuko abanyamahanga bari mu burundi si abanyarwanda gusa,ntitubure uruvyaro ngo...!

  • Mwicara mwikanga kubera interahamwe mubitse, none raba murafunga abantu nta nico bakoze ngo nuko ari abanyarwanda! Nobagira inama yo kwitonda mukabana neza n’ URWANDA, kuko musa n’abana batazi ico gukora. Je vous aurais prevenu!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.