Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Amazu asigaye yaradugijwe ibiciro bidasanzwe
Bujumbura : Amazu asigaye yaradugijwe ibiciro bidasanzwe
vendredi 21 Ruheshi 2013
Iduzwa ry’amazu mu gisagara ca Bujumbura risigaye ryabaye akayobera bahinga,ku buryo abantu baba mu mazu bariha ku kwezi bavuga ko biriko birabananira baravye uko amazu agenda arazimba ku munsi ku munsi.
Abanyagihugu rero bo mu gisagara ca Bujumbura bamenyesha ko inzu yahora ku mafaranga ibihumbi 120, ub igeze ku mafaranga ibihumbi 200, inzu zahora ku mafaranga ibihumbi 150 nazo ubu zikaba ziri hagati y’ibihumbi 250 n’300. Ababa mu gisagara babandanya bavuga ko barindiriye ibivurwa ko Leta y’Uburundi yoba iriko iratunganya bushaaha ibijanye n’amazu mu gisagara, babanndanya bavuga ko uyo mugambi woba ari mwiza mu gihe amafaranga yo kuriha amazu yoba hisunzwe ikaratiye kw’ikaratiye.
Iyo ngingo bagasaba ko yonyaruka kandi ndetse bakaba banashimira Leta kuri ico ciyumviro, naho bitaravugirwa ahabona, bakibaza ko mu minsi bagiye kuruhuka izimba ry’amazu rica rikorana n’ubukene bwuzuye mu banyagihug.
Aristide Nizigire