IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Ibikorwa vyogusubiriza ibikoresho ku kibuga c’indege vyaranguwe (...)

Bujumbura: Ibikorwa vyogusubiriza ibikoresho ku kibuga c’indege vyaranguwe neza

lundi 11 Ruhuhuma 2013

Umushikiranganji wo gutwara ibintu n’abantu Deogratias Rurimunzu yashikikirijwe ibikorwa vya nyuma vyaranguwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuri uno wa mbere igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2013.

Nk’uko amakuru dukesha insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu,ngo ivyo bikorwa vyaranguriwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura bijanye no gusubiriza ibikoresho bikoresha umuyagankuba hamwe no kuboneshereza ikibuga c’indege.

Ivyo bikorwa vyashobotse kubera uburyo bwatanzwe n’ingoma y’u Bubirigi, bungana n’amafaranga arenga umuliyaridi w’amafaranga y’amarundi, ivyo bikorwa vyakurikiranywe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’iterambere PNUD.

Kubw’uwo umushikiranganji Rurimunzu, ngo ivyo bikorwa bifise akamaro kanini ku gihugu no ku kibuga c’indege ca Bujumbura.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.