Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Imfashanyo abahuye n’imvura bahawe basabwe kutayonona - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Imfashanyo abahuye n’imvura bahawe basabwe kutayonona

Bujumbura : Imfashanyo abahuye n’imvura bahawe basabwe kutayonona

vendredi 27 Ruheshi 2014

Ababuriye ivyabo mu mvura yaguye ku wa 9 ushira uwa 10 Ruhuhuma mu makomine y’Uburaruko bw’igisagara ca Bujumbura, baronkejwe imfashanyo zitandukanye n’ubushikiranganji bw’ugufatana mu nda.

Imiryango y’abantu bagera kuri 338 akaba aribo bahawe imfashanyo igizwe n’ibifungurwa, impuzu, amamesa hamwe n’amafaranga agera ku bihumbi ijana na mirongo itanu ku muryango wose wahuye n’akokaga. Ayo mafaranga bahawe rero, akaba azoba arabafasha mu kubaho mu mezi atatu, mu kurindira ko basanurirwa amazu yabo.

Umushikiranganji Clotilde Niragira aramutswa ubushikiranganji bw’ugufatana mu nda akaba yasavye abo banyagihugu baronkejwe iyo mfashanyo, kuyikoresha neza. Mwomenya ko iyo mvura yaguye mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura yahitanye abantu batari bake, ndetse amazu n’ibindi bintu bitandukanye bikaba vyarononekaye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.