Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Imodoka yunguruza abantu yahiye yose Imana irakinga
Bujumbura : Imodoka yunguruza abantu yahiye yose Imana irakinga
mercredi 2 Mukakaro 2014
Ibara ryarahaswe kurwa ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa kabiri mu gisagara ca Bujumbura. Imodoka yunguruza abantu yo mu bwoko bwa HIACE yarahiye yose, ariko Imana ikaba yarakinze, abari muri iyo modoka ntaco babaye.

Hari nk’isaha hafi nk’igihe c’isaha cumi zibura iminota mike, aho imodoka yo mu yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura yazima igeze imbere y’ahakorera ishirahamwe KK SECURITY GROUP. Uwutwara iyo modoka yatangajwe n’ukubona iyo modoka yizimije, aca yikora kuwusanzwe amufasha (convoyeur), amusaba ko yoja kuraba kuri batterie ikibaye. Uwo nawe yaragamburutse, anyarukira kuraba batterie, ahejeje arugara. Bugingo uwo atwara iyo modoka ayakije, yaciye ifatwa n’umuriro, ushwara imodoka yose. Abiyunguruza bari muri iyo modoka baciye bayanyagisha amaguru, igihe twahashika, iyo modoka ikaba yariko yaka yonyene, umuriro mwinshi, abari muriyo bamaze gutungwa nayo bameze. Amakuru dukura aho nyene habereye iryo sanganya avuga ko uwo muriro woba waturutse kuri uwo "Convoyeur" yoba yafatanije intsinga ukutariko, zimwe akazinyuranya n’izindi.
Haciye nk’iminota nka cumi iyo modoka iriko iraka, imodoka izimya "kizimyamwoto" yaciye ihashika, naho ataco yashoboye gukiza, kuko iyo modoka yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura yo mu bwoko bwa HIACE yari yamaze gusha yose.




Egide Nduwimana
Messages
2 Mukakaro 2014, 17:24, par Mama
Mbanjegushimira Imana ko atamuntu yahasize ubuzima ngohagire umuzima numubiri uhungabana, hanyuma imbereyuko ngira icomvuze iryonisanganya murindi, Ariko uvyumvije wumvamengo niyamigozi ifata kuri battery kuri : positive na negative yanyuranganijwe umwe ukaja ahutagenewe uyundi gurtyo, arikuyundimwanya ugasanga iyohabaye kwihenda kwiyomigozi ubibona mwakokanyanyene ugikozako numusagonda ntukwira mukubona amasasara yimiriro ukacumenya kowihenze nukuraba ntitugume twibaza kuwo mu comvoyeur twibaze ko hashobora kuba hariho ibindivyateye iyosanganya, kuko burya umu comvoyeur usanga kubijanye na batterry aribintu azobereyemwo cane kandibirimubintu vyintango bimworohera kumenya iyobija niyobiva, nakaretwobanza nokwibaza icatumye inzima kandiyarikwiragenda tukamenyako uwomu comvoyeur atariwe yatumwe izima ariko ivyovyabaye umuntu araheza atimbegayemwe iyisanganye yateweniki?
2 Mukakaro 2014, 22:15, par KAKA!
KAZIMA POLICE YARIYAYIKONTOROYE AKARONGA 2000!IMANA ISHIMW KWATAWAHASIZ UBUZIMA!
2 Mukakaro 2014, 22:21, par CONGERA Sylvère
Jewe ndashimiye IMANA ko atawapfuye,ariko convoyeur si we kuk bateri yatsa imoteri,imoteri nayo igaca isharija bateri.kubona yarijimije ni uko hari hasanzwe harimwo panne.
3 Mukakaro 2014, 08:38, par NDC
Ikindi gitangaje n’uko iyo modoka yaciye irandagata mu kanya gato ikaba imaze gufatwa n’umuriro kuriya. Ariko kandi biragoye ivy’ivyuma haraho usanga umucanwa waciye ushika muri reservoir ya essence gutyo igaca ifatwa yose.
1er Rusama 2015, 18:52, par NIYOMUKUNZI FINIASI
IBIJANYE NIBINTU BIRIKO BIRABERA MUGIHUGU CUBURUNDI BIRABABAJE ABARUNDI NAMAKUNGU