IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abari mw’idini rya isiramu bashimirwa ko bigenjeje neza mu bihe (...)

Abari mw’idini rya isiramu bashimirwa ko bigenjeje neza mu bihe vy’intambara

mardi 9 Kigarama 2014

Mw’ijambo yashikirije yugurura inama mpuzamakungu ijanye n’imico, imibereho hamwe na kamere k’abari mw’idini rya isiramu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yibukije ubutwari abari muri iryo dini berekanye mu guha ubuhungiro abarundi bari bataye izabo mu ntambara Uburundi buhitiyemwo.

Mu gisagara ca Bujumbura, hatanguye kuri uwu wa kabiri inama mpuzamakungu igira gatatu, ijanye n’imico, imibereho hamwe na kamere k’abari mw’idini rya isiramu. Muri iyo nama ibereye ubwa mbere mu Burundi, ikaba yateguwe n’urwego rw’umuhuza w’abarundi, abayitavye barabira hamwe uruhara rw’abanya Oman mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Juma Saidi, mw’ijambo ryo kwakira abaje bava mu bihugu bitandukanye vyari vyitavye iyo nama, yamenyesheje ko imihingo yose n’ibibanza bibonekamwo imico n’imibereho y’abari mw’idini rya isiramu, uhabwirwa ’iterambere riharangwa, ari nakwo kwibutsa ko Reta y’Uburundi yiyemeje kwubahiriza ubwigenge bw’ubutandukane bw’ukwemera, nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Muri iyo nama y’ukurabira hamwe uruhara rw’abanya Oman mu bihugu vyo mu karere k’ibiyaga binini, hamwe n’imico n’imibereho y’abari mw’idini rya isiramu, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yibutsa ko iryo dini ryazanwe n’abanya Oman mu Burundi, agashima kubona barashoboye gutanga inyigisho z’ukubana neza hagati y’abayisiramu n’abari mu yandi madini gikirisu, ivyo bikaba bitandukanye no mu bice bimwe bimwe vy’isi, aho abari mw’idini rya isiramu bafatwa nk’intagondwa zitera ubwoba. Umukuru w’igihugu akipfuza ko iyo nama yoba akaryo keza k’ugukomeza ubucuti hagati y’abanya Oman n’abanyagihugu bo mu karere k’ibiyaga binini.

JPEG - 61.7 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mw’ijambo ry’ukwugurura iyo nama, akaba yibukije ubutwari abari muri iryo dini berekanye mu guha ubuhungiro abarundi bari bataye izabo mu ntambara Uburundi buhitiyemwo, aho agatanga akarorero k’abanyagihugu bagumye bafatanye mu nda mu bibanza vyabamwo aba isiramu nka Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’ahandi haba abanyagihugu bavuga ururimi rw’igiswahiri nko mu Rumonge n’ahandi.


Egide Nduwimana

Messages

  • RUKARA BUGERAGEZA KWAMBARA NKABO BENEWANYU BAVUYE OMANI

  • nishimiye byumwihariko abagize uruhare rwo gutegura iyi nama mpuzamahanga yo kugaragaza uruhare igihugu cya Oman cyagize mu gusakaza idini ya Islam mu Burundi ndetse no mubindi bihugu byo mubiyaga bigari.

    Nejejwe cyane n’intumwa zaje ziyobowe na Sheikh ABDULLAH BUN MUHAMMAD SALIMY, we nabandi bayobozi baje bamuherekeje uruhare bagize mu gutanga bourse zo kujya kwiga muri OMAN muri Kaminuza zitandukanye, byumwihariko Mufti wa Oman Sheikh AHMED BUN HAMADI AL KHALILY, Imana imurinde , ndetse nuruhare rwa SULTAN QABOOS BUN SAID AL SAIDY, we wafunguye imiryango yubworoherane n’iterambere atahwemye kugeza kubaturage b’igihugu cye, byumwihariko imiryango yafunguriye abanyeshuri bo muri AFRIKA mukwiga mumashuri ye Agenzurwa na Diwani Balatwi Al sutaniya, SULTAN QABOOS INSTITUTE OF ISLAMIC CULTURE, Jaalan bani bu Hassan, Muscat,na Musandamu, twishimiye uburyo mwatwakiriye tukarererwa muribyo bigo ndetse n’uburere mwadutoje bwo ubworoherane buranga kandi bukiranga abanyaomani ndetse n’abategetsi babo.

    Ntibagiwe uruhare rwa Minister ABDULLAH, mukwigisha abanyeshuri baturutse imihanda yose kw’isi muri INSTITUTE OF ISLAMIC SCIENCES, AL KHUWEIRI, yahoze yigira Ruwi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.