IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Indangamuntu nshasha ziraboneka mu kwezi kumwe gusa

Bujumbura : Indangamuntu nshasha ziraboneka mu kwezi kumwe gusa

mercredi 25 Nyakanga 2013

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana ahamagarira abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura kunyarukira kwimenyekanisha, bidondore mu kiringo kitarenze ukwezi kugira bazoshobore kuronswa indangamuntu nshasha za kijambere zo mu buhinga bwa none ( carte nationale d’identité biométrique).

Edouard Nduwimana, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku munsi w’ejo kuwa kabiri igenekerezo rya 24 Nyakanga 2013, yamenyesheje ko kuva ejo nyene, abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bafise ukwezi kumwe gusa kugira babe bamaze kuja kwiyandikisha ku babijejwe bari ku mirwa mikuru y’amakomine yose agize igisagara ca Bujumbura.

Yibukije kandi ko izo ndangamuntu nshasha zo mu buhinga bwa none zizohabwa abarundi gusa, yaba abari basanzwe bazifise canke abazirondera bushasha kuko inyuma y’isohoka ry’izo nshasha, izari zihasanzwe zizoza zirakwa abazifise buke buke gushika aho zihera burundu mu bantu. Abanyamahanga ntibarimwo mubazohabwa izo ndangamuntu, n’aho bazoba ari abamaze imyaka myinshi mu gihugu c’Uburundi, kiretse gusa abamaze kuronka ubwenegihugu bw’Uburundi. Iyo ndangamuntu izoboneka mu kwezi kumwe kuri imbere izogengwa n’amategeko mashasha asubirira ayahahora yo mu mwaka w’1978. Iyo ndangamuntu kandi izoba iriko ibidondora neza nyeneyo, kandi uwuyifise azoba ashobora kwishira n’ukwizana mu karere ka Afrika y’ubuseruko Uburundi busanzwe burimwo kuva mu mwaka w’2007.

Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yateye ako kamo abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura mu gihe vyabonetse ko batariko baritaba kuja kwiyandikisha ku bwinshi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.