IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Inzu y’ubudandaji yahiye yose n’ivyarimwo

Bujumbura : Inzu y’ubudandaji yahiye yose n’ivyarimwo

mardi 22 Mukakaro 2014

Inzu y’ubudandaji (Magasin) y’umudandaza akorera impande y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura yahiye irotokombera. Naho ata n’umwe aramenya icatumye haduka iyo mpanuka y’umuriro, abatari bake bibaza ko vyoba vyavuye ku mucanwa wa Regideso.

Nk’igihe c’isaha imwe ibura iminota itanu niho abari aho habereye iryo sanganya babona umucanwa mwinshi waduka muri iyo nzu y’ubudandaji. Nk’uko Patrick MITABARO, umwe mubari aho ibara rikirwa abimenyesha, babonye umucanwa wadutse n’inguvu nyinshi. Imiduga ijejwe kuzimya ahadutse impanuka y’umuriro yaciye ihanyarukira, batangura gusukamwo amazi naho ataco bashoboye kurokora.

Igiporisi cakoze akazi kaco neza nk’uko uwo munyagihugu yari aho abivuga, kuko cashoboye gukinga kugira izindi nzu ntizishobore gufatwa ndetse bashoboye no guhagarika abasuma bashaka gusahura mu nzu zindi zari ziri kumwe n’iyo nzu y’ubudandaji yariko irasha. Bamwe mubari aho bakavuga ko uwo muriro woba wavuye ku mucanwa wa Regideso, bagashima kubona igiporisi cahanyarukiye kuko vyari gushoboka ko station y’igitoro yegeranye n’iyo nzu yari gufatwa.

Nyene kuhahombera nawe ashitse muri ico kibanza, abonye ivyabaye yaguye igihumura, aracika intege kuko bubaye ubugira kabiri acika amaboko. Yari amaze kuburira ibintu vyiwe mw’isoko nkuru ya Bujumbura igihe yasha igatokombera, nk’uko abari aho bamuzi babandanya babivuga. Bagenzi we babonye ibimushikiye baciye bamukura aho iryo bara ryabereye, kuko yari amerewe nabi.

Tubamenyeshe ko uwo mudandaza yahahombeye ibidandazwa vyose vyari muri iyo nzu, naho tutaramenya agaciro kavyo. Tubibutse kandi ko hari n’iyindi nzu iherutse gusha yose irahera muri karitiye Gasekebuye, ba nyeneyo bakavuga ko vyaturutse ku mucanwa wa Regideso nyene waje ari mwinshi.


Floxella Karire

Messages

  • Jewe Imana y uburundi na barundikazi ndabababwire 1/kumpemukira 2/kwankamwenewanyu 3/kwigira ibigugu 4/gusabanyabana 5/abakecuru bacimbwa imitwe etc 6/kwikunda mubitarigwawe 7/mukushaka kusubirira mwitwanje ngo murasenga 8/nkwanka incambwenge zanje 9/kunezegwa nakabi 10:kubahuka mukabira umwana wamezi !!!?????#untari umuntu umwe ncan

  • Pole sana ariko jewe sinera ko ari regideso sinon izo nzu zose zarigusha zose

  • Murantuga sinaribwaragize. Jewe Imana zobabamarako abanyu ni vyanyu hushika mwemeye inca mbwenge zanje ?.gushika musubiye kusenga atagahemo?.gushika mwitadukanije nabicanyi?. Gushika m!witadukanije nivyo 10 nababariye ataruko zobateza amabi yose gushika mugaruke kumurongo .uwuva niyumve nayo ndahojeje ncane uwo mudadaza imana izomushubusha kuko wewe imana irazi ukuri kwiwe

  • Mana Nugarukire Igihugu Cacu.Nimwihangane Imana Irababona.

  • Barundi bavandimwe ni mwihangane. natwe hano I Kigali ndetse no mutundi duce tw u Rwanda hamaze iminsi hashya. ariko Imana iturinde pe!

  • Pore.Sana Kwer Nn Ntabant Bakomerec

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.