IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura:Isanganya ry’imodoka muri Komine ya Gihosha

Bujumbura:Isanganya ry’imodoka muri Komine ya Gihosha

mardi 29 Nzero 2013

Imiyabaga itandatu uwukuze muri bo afise imyaka 15 yagize isanganya ihakwa kwitaba Imana kuir uyu w’Imana igenekerezo rya27 nzero 2013 isaha zitanu zo mu gatondo. Iryo sanganya ryabereye muri komine Gihosha muri karitiye Kikungu ibarabara ryitiriwe uburimyi hafi y’ishure kaminuza ‘Umuco.

Nk’uko vyavuzwe n’abavyiboneye ngo muri iryo sanganya ntawapfuye ariko iyo miyabaga yarakomeretse cane, baciye bajanwa mu bitaro. Uko vyagenze ngo imodoka barimwo yasetse uruhome rw’irembo ry’inzu ica irajanjagurika.

Iyo modoka yoba yari ivuye mu Kigobe ari naho abo bana baba ica imbere y’isengero rya Mont sion yiruka cane. Irabandanya ishitse kw’ibarabara ryitiriwe uburimyi ica iseka inzu iri ibubamfu bw’iryo barabara.

Abari bacunze iyo nzu bavuze ko uwari atwaye iyo modoka yari umwana muto cane kandi yayitwara cane vyerekana ko atari amenyereye ubuhinga n’amategeko yo gutwara imodoka. Abo bana baciye bajanwa ku bitaro vy’abasirikare mu Kamenge aho batatu muribo bari bababaye cane bariko baravurirwa.

Umwe yoba yaravunitse ukuguru abandi babiri ntaco babaye. Nk’uko amakuru twakuye aho habereye isanganya avuga, abo bana boba bakotesheje iyo modoka kugira bazunguruke mu gisagara. Aho twahashika iyo modoka yari ikiri aho yagiriye isanganya kuburyo nyene iyo nzu yabuze aho aca mu kwinjiza imodoka yiwe.

Abari bacunze iyo nzu yagonzwe bavuze ko kuva iryo sanganya riba ata muntu n’umwe yigeze aza kuraba iyo modoka habe n’abavyeyi b’abo bana kiretse abarengana gusa .
Abo banyezamu bagatangazwa n’ingene umuntu ashobora kwemera agaha imodoka yiwe abana bato.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.