IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Isoko ya Ngagara irabangamiwe n’umwanda

Bujumbura: Isoko ya Ngagara irabangamiwe n’umwanda

vendredi 25 Nzero 2013

Isoko yo muri komine ya Ngagara mu gisagara ca Bujumbura iri mu masoko ngirakamaro yo mu gisagara ca Bujumbura kuko iremwa n’abantu benshi bava muri iyo komine nyene canke mu yandi ma quartier ahegereye.Kubwo abo rero ngo ikibazo c’umwanda kuri iyo soko catorewe inyishu ku gice.

Uzungurutse isoko yo mu Ngagara uhasanga ibintu bibiri nyakuri ariko bitandukanye.Hamwe usanga hariko harubakwa utuzu two kudandarizamwo Kiosques,aho naho akaba ari ahahora hashirwa umwanda,ugiye hirya naho uhasanga ikirundo c’umwanda ata gihe kinini giheze gitanguye kubaho.Utwo tuzu two kudandarizamwo tukaba tunezera baba abadandaza,abarengana ndetse n’abaguzi.Kubwo abadandaza ngo ivyo bari babirindiriye kera none bije vyashika.

Ku rundi ruhande rw’ibarabara,uhasanga umwanda uva mw’isoko.Nko ku metero zitanu z’aho,hari Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova,hirya kandi hakaba urushengero,inzu y’amakoraniro,tutibagiye mbere ivuriro riri hafi y’aho kuri iryo barabara.Inyuma y’uwo mwanda ni mw’isoko,aho naho hari utuzu tw’uburiro restaurant.

Umwe muri abo bafise uburiro ngaho atashimye kwivuga izina,yavuze ko bigoye kuguma akora ako kazi kuko,abaza gufungura m’uburiro bagenda baragabanuka kandi ko hari n’isazi nyinshi.

Nk’uko yabandanije abimenyesha,ngo niwe nyene atanga amafaranga kugira bakureho uwo mwanda,akaba ari mu migambi yo kwimuka,ariko naho nyene ngo ntabona ko bizomworohera kuronka ahandi akorera.

Abafungurira muri utwo tuzu tw’uburiro bavuga ko biteye isoni gusangira n’isazi,kandi ko bishobora kubatera indwara n’aho nyene ata kundi bogira.Bakaba basaba rero inzego zibijejwe gukora ico zishoboye kugira uwo mwanda uveho nk’uko vyagenze k’urundi ruhande rw’isoko.
Turondeye abarongoye isoko kuri terefone ngendanwa batubwiye ko ico kibazo bakizi,ariko ko ata vyinshi bobitubwirako.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.