IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Bujumbura: Isukari isigaye ari nk’umuzi w’ibuye

Bujumbura: Isukari isigaye ari nk’umuzi w’ibuye

mercredi 22 Rusama 2013

Ikibazo c’isukari cabaye akananirabahinga muri iyi minsi ku buryo aho bahora bayidandaza hose ubu ikiro cayo ari hagati y’amafaranga 2200 n’amafaranga 2800. Abahora bayigura n’abo uretse ko batinya igiciro ,n’iyo izimvye kuyibona ntivyoroshe.

Nk’uko abadandaza babivuga, basigura umufuko bahora bawurangura amafaranga ibihumbi 87, none ubu umufuko ugeze ku mafaranga ibihumbi 120.000, bisigura ko nabo batunguka badandaje kukiro amafaranga 1600 nk’uko bisabwa na Leta y’Uburundi. Ubu rero bamwe mu badandaza batanga ikiro kidakwiye mu ntumbero yo kugerageza kuraba uko bokwunguka nabo.

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura, bamenyesha ko ataco bagifise bavuga kuko abana basigaye baja ku mashure ataco bashize ku munwa mu gatondo, bati ubuho akayi abana barahevye, baja kw’ishure uko, bisigura ko badaheza ngo bige neza mu mashure.

Abavyeyi n’abandi basaba Leta ko yokora ukwo ishoboye kugira itorere inyishu ikibazo c’ isukari cabaye ndanse mu gisagara ndetse mu gihugu cose, aho bamwe bavuga ko isukari yoba ijabukanwa mu bihugu bibanyi, kuko kubwabo banyagihugu ng’umwimbu ukwiriye wari wabonetse mw’ihinguriro ry’isukari SOSUMO, ari naco gituma bitumvikana uko isukari yoba yabuze muri iki gihe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.