IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : kutamenya amategeko y’amabarabara biri mu biteza (...)

Bujumbura : kutamenya amategeko y’amabarabara biri mu biteza amasanganya

mercredi 6 Myandagaro 2014

Amasanganya mu gisagara ca Bujumbura aguma yibonekeza, mu gihe ibimenyetso bimwe vyategerezwa kwerekana aho abamaguru baca bimwe bitaboneka neza, ibindi navyo ntivyubahirizwe n’abagendesha imiduga.

N’aho mu giporisi bamenyesha ko imivuduko y’imiduga igiye guhanwa, bikaboneka ko ivyo ahubwo bidakunda gushirwa mu ngiro, co kimwe n’abagendesha imiduga baborewe, abandi nabo bagaha imiduga abana batarakwiza imyaka, mu gihe hari n’abadi bapfa kugendesha imiduga batazi amategeko y’amabarabara. Ivyo bikemezwa n’amasanganya menshi aba hama mw’ijoro canke ku murango.

Bamwe mu bagendesha imiduga bavuga ko uruja n’uruza rw’amapikipiki hamwe n’amakinga mu gisagara ca Bujumbura, biri mu bitera amasanganya. Amakinga canke amapikipiki vyari vyarabujijwekwinjira mu gisagara hagati ca Bujumbura, ariko bikaboneka ko abagendesha ayo makinga hamwe n’amapikipiki binjira bakoresheje utundi tuyira. Isanganya ryabereye kw’ibarabara ryitiriwe JRR, aho umuduga Toyota RV4, n’ipikipiki vyagonganye, vyibonekeje ko bamwe mu banyonga yaba imiduga canke amapikipiki bataramenya neza amategeko y’amabarabara.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.