IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Umusore yiyahuye avuga arengewe n’agatotezo akorerwa (...)

Bujumbura : Umusore yiyahuye avuga arengewe n’agatotezo akorerwa n’umuporisi

jeudi 25 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umusore azwi kw’izina rya Samuel NIZIGIYUKWAYO yapfuye yiyashuye kubera akarenganyo n’agatotezo avuga ko agirirwa n’umuporisi akorera kuri SOGEMAC. Uwo musore yikatishije urwembe mu gihe umuporisi yariko amutwara kumupfunga.

Nk’igihe c’isaha zine z’agatondo ko kuri uwu wa gatatu, mu gisagara ca Bujumbura, hafi y’aho bita kuri BATA, umuporisi yafashe umwe mu bantu badandaza amaterefone. Abanyagihugu babibonye bavuga ko uwo muporisi yamufashe akorera aho bita kuri SOGEMAC, akaba yari yabwiye uwo musore ko uko amubonye azokwama amufata. Samuel NIZIGIYUKWAYO yaragerageje kumusaba ikigongwe uwo muporisi aramwankira, nk’uko ababibonye babivuga.

JPEG - 20.2 ko
Samuel NIZIGIYUKWAYO yapfuye yiyashuye kubera akarenganyo n’agatotezo avuga ko agirirwa n’umuporisi akorera kuri SOGEMAC

Uwo yari afashwe yaridoze avuga ko yama afatwa incuro nyinshi, agapfungwa akuwe mu bandi bidegemvya, mbere akavuga ko ava mu gasho abanje gutanga amafaranga. Uwo musore niho yakora mu mufuko w’impuzu yiwe, akuramwo urwembe, aca acagagura imitsi yo kw’izosi ryiwe. Imodoka rusehabaniha yaramutwaye kwa muganga, ariko ubuzima bwiwe bukaba butashoboye kurokoka.

Samuel NIZIGIYUKWAYO yari afise imyaka 27, akaba yaba muri zone ya Kamenge mu gisagara ca Bujumbura, ariko yari imvukira yo mu ntara ya Gitega.


IGIHE

Messages

  • ibi nibiki ? ko akarengane gakomeje kwiyongera mu baturanyi bacu babarundi,
    ibi bibaye bikwiye guha abarundi isomo,mu rwanda baca umugani ngo
    ’uwigize agatebo ayora ivu’ abarundi mukwiye guhaguruka mugaharanira uburenganzi bwanyu . kandi ibi bibaye kuruyu mwana wumuhungu bishobora kukubaho nawe cyangwa bikaba ku mwana wawe cyangwa undi wese ukunda

  • kuvyukuri itotezwa aba jeunes bagirigwa muri no misi irarenze ’bataravye neza ndabona bigiye gukomera..ibaze namw kugezaho yumva ko yopfuma apfa kubera police arawe yarakwiye ariho kumukingira...BURUNDI attention.....

  • Abaporisi ivyo bigishijwe barabishira mungiro. Akarengane, kwica, ihonyabwoko nibindi. Wait and see

  • Imana imwakire mu bwami bwayo kandi abere icigwa abo bapolisi bigize utumana.

  • Uwo nimbwa kabisa,twese tuzopfa mugabo ntamuntu yontoteza ngende mu kuzimu tutajanye"LIVE FOR NOTHING BUT DIE FOR SOMETHING"

  • Mana turarush ,gira wibuk abaw ,utibagiy aba bavyeyi ,impfuvyi n’abapfakazi,intuntu n’agahinda bibuzuy ,babona ibibondo vy’igihugu bisesa amaraso kumugaragaro

  • Imana nimwakire mubwami bwayo hanyuma uyo mupolisi nawe amenye yuko ruriye abandi rutamwibagiye ejo buca nawe amusangayo

  • Urincungu Nkurunziza Imandayagatatu Acunze Nabi Ntimusiga Ivyo Bakora Vyaturambiye Ubwo Butegetsi Bwikibi Abarundi Tuzinduka Tubwikura Kwizosi Ntakabuza

  • Ewe Kubaho N’Imana Ndagutwenze.Urikijuju Koko?Ivyo Haraho Bihuriy Na Nkurunziza Cank Mandat?

  • Iyi ni intango hari uwo nabwiye haciye imisi itarenga 15 nti urwaruka ruri muri chomage, akarenganyo n’intworo mbi bizoshegesha abantu ingwano izovamwo izoba mbi cane kandi yo ntizoba ifise ubwoko, umugambwe, idini canke intara.

    Mu vyakuri Abanyafrika barakunda ubuzima, kwiyahura ntibiri muri kamere yabo. Birinze biba nkuko n’uko vraiment umuntu aba yashegeshwe. Ikindi tubwirizwa kwitega n’uko iyo phénomène yandukira, abize sociologie murabizi. Ni ukwitega ko n’urundi rwaruka rushobora kwiyahura. Nkurunziza himbarwa mandat yawe ni kandanda.

  • @falcon50. Uwo ni terroriste Sindimuja mujeri mukuru wawe dore ko mwese muri ibyihebe
    ... None wowe Falcon uziyica ryari?

  • Murasekeje nukuri nihehe vyanditwe ko umuntuyiyahuye kwashobora kuzorarwa ubwa Ijuru?
    Nayo abobanyarwanda nabinyebandika bakokeza baryabanyarwanda birirwa bihimigosi biyeneneka kwatacomwabivuzeko ariko kunurundi yiyahuye muciye mucomekereza ngo nikiringo cagatatu ca Nkurunziza sha mwarabonye kwabarundi tworoshe kugumura koko !

  • Uyo mupolisi natasaba imbabazi Imana amaraso yuwo mwana azomuhumira.

  • Ba Sindumijya mujeri bagiye gushira biyahura. Reba muri Uprona (Bagaza, Manwangari,...).ubutaha wa mugenocidaire mukuru wabi Buyoya.

  • Murabe neza,none ubwo ntiwosanga uwo mu Police wabigize yatumwe n’u Rwanda??afatwe atubarire abo bikorana bo mu Rwanda

  • uwo muporic nahanwe
    bishobotse yicwe
    cuc birarenze goh
    icomumpa nomurya
    abona

  • haa numugabo pe!yabikorey iki??imana nimwakir.

  • Uyo Musore ntiyari Kwiyahura Ahubwo,yari Kubimenyesha Abajejwe Itwaro Bakamufasha.Uwo,muporisi Nawe Ntaryame,ngo Asinzire Kuko Ejo,naho Niwe Ok

  • Uyo Musore ntiyari Kwiyahura Ahubwo,yari Kubimenyesha Abajejwe Itwaro Bakamufasha.Uwo,muporisi Nawe Ntaryame,ngo Asinzire Kuko Ejo,naho Niwe Ok

  • None Uwo Muporisi Yarafashwe?Arahanwa.

  • UWO MUPOLISI NAFATIGWE INGINGO ZIHUTA KUKO NTABWO YAKO IBINTU VYIZA.UBU YOBA ACIDEGEMVYA?MUMUFATE KUKO ABIWACU YABAMAZE.

  • Abapolice nimurabe ingene mwarengeje ukwemera Umuntu ntiwomuvinyuma atarinze kubura ubuzima kwapfuye niho wungutse canke ugiye kumupfunga umuhora ubuntu bwiwe urunguka nimwibuke Kahini na Abel ingene imana yamuvumy apfa yangara kwica canke gutoteza zigihano

  • Uyo mushenzi yiyita FNL areke kwigira umunyabwenge. Abarundi turiko tuvuga ibituraba urareke kuza utwinzizamwo ivyiwanyu mu Rwanda. Mwabijujumwe mwasamaye kugihugu bakakibafatana kubera ubwitso n’ubuswa mwibaza yuko u Burundi aribwo buzobasubiza mu Rwanda? Kurya ataco mwatumariye mukiri kubutegetsi niko nacu ataco tuzobamarira. Mbe mwibagiye ko GAHUTU REMY nabo barikumwe ko mwangegeramwe mwabirukanye mugihugu canyu bikaba arivyo vyatumye Incungu yacu REMY iza kugandagurigwa muri Tanzania.

  • Were wiyise kirimwabagabo uko pumbavu vuga uti kirimwamavyi

  • @Kirimwabagabo iyo utukana gurtyo wumva uri muzima mumutwe??

  • Uwo mu police n’atasaba ikigongwe Imana aragowe. Nta rubanza ndamuciriye ariko ngo yahora amurenganya kuva kera. Ni bareke abo bantu bironderere ubuzima! Mana turakeneye utwiyereke twebwe abarundi.

  • Mureke kuza mukora amanyanga imisi yose muyegeka ku Rwanda. Izo njavyi zaba DD nimbunuza nkabo, Jacques, Conciliation, nibijuju vyabahutu binterahamwe. Mwibaza yuko igihugu C’uburundi mwokigira itongo ryabaso. Turabagabishije ntimukomeze kwiyumvira yuko I turufu ryo kubeshera Kagame nu Rwanda haraho rizobashitsa. Jewe ndugu Hutu yiyemera atagendera kubinyoma vya bicanyi. Ico dushaka nukuri. Nkurunziza yiyuhagiye mandat atari yaturiye na Niyombari? Mwe military Musanga na Mop mwitonde kuko ntabwenge mu ndusha. Mwe muri inzoya kuko ntabwo muzi ikibi abo bahutu bo mu Rwanda badukoreye. Naho DD urwanko yanka FNL ntawutaruzi. Mwitonde rero kuko muri ibifatanzoka muri Politique yakarere.

  • NONE KUGIRA YIYAHURE BAPFA IKI NUWO MUPORISI ? AHUBWO ABAJEJWE AMATOHOZA NIBABAJE UWO MIPORISI ICATUMA AMUTETEZA AKAMUKURI MUBANDI HAMO BAMUHANE BAKURIKURIKIZE AMATEGEKO.

  • Oya Nakareganyo Nkako Umuporisi Nkuwo Akwiye Gukurwa Mukazi Mbega Abaporisi Iyomufite Igiti Komuca Mwigira Agakomeye Hahahaha Birahinduka Muritonda Mwenewanyu Binadamu Savire Weye

  • Biragoye!! Nihakogwe Amatohoza Kuruwo Muporisi N’uwo Musore.

  • AHUBWOUWOMUPORISINAKUGWEMUKAZI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.