Accueil > Amakuru > u Burundi > Bukeye : Amahegitari 25 y’ishamba rya Kibira yahiye
Bukeye : Amahegitari 25 y’ishamba rya Kibira yahiye
mardi 30 Myandagaro 2016, par
Amahegitari agera kuri 25 niyo amaze gusha mw’ishamba rya Kibira, ku ruhande rw’imisozi ya Runtsinda, Gashishima na Nyambo, muri zone Busangana iri muri kmine Bukeye mu ntara ya Muramvya.
Umuriro watanguye kwibnekeza kuva kuri uwu wa mbere, gushika kuri uwu wa kabiri, ikibira kikaba cari kikibonekamwo uwo muriro.
Musitanteri wa komine Bukeye amenyesha k abajejwe intwaro, bafashijwe n’abanyagihugu hamwe n’abajejwe gucungera iryo shamba rya Kibira, bagerageje kuzimya, ariko imiriro ikaba yagumye irandagata, itandukira ibindi bibanza.

Abajejwe intwaro muri komine Bukeye bavuga ko ahavuye uwo muriro hataramenyekana, ahubwo bagasaba abanyagihugu ko boza barakorana n’abajejwe umutekano, mu kudoma urutoke ku bantu boba baturira iryo shamba, ibikunze kwibonekeza mu ci.
Mu kiringo c’iminsi idakwira 15, ico gihande c’ishamba rya Kibiri gitewe n’impanuka y’umuriro kabiri kose, ubwa mbere amahegitari agera kuri 60 akaba ariyo yahiye.
IGIHE
Messages
30 Myandagaro 2016, 21:43, par Strong Rwanda
Ngo harya mwafunze i tomates n’amapera ntibijye mu Rwanda, barababeshye,habaye inkongi 4 mu minsi 7 mukaba nta n’ubushobozi bwo kwizimiriza imiriro mufite,ko aritwe twabazimirije isoko rya Bujumbura,les hélicoptère z’u Rwanda mwazikulah, muhame hamwe na bado
31 Myandagaro 2016, 06:35, par Parena
Jewe ndisabira ko Peter ko yosaba u Rwanda rukamufasha twirengangije amakosa DD yakoreye u Rwanda, kuberako mu minsi iza tuzumva Bujumbura yose yahiye,akari inyuma karahinda
31 Myandagaro 2016, 07:49, par Mob
Ubuyobozi buri mubiihe byanyuma burangwa ninkongi zimiriro za hato na hato ejo ni mpungwe ejobundi ruvubu ahandi wumve mu rukoko,bukemba,kinyinya,gisuru,no hatari
31 Myandagaro 2016, 08:12, par Parena
@Mob,wewe uvuga ukuri,ndabira igihugu cifungira imipaka n’umubanyi wari umuzimyamuriro tukaba ntana kizimya mwoto vraiment,ubu ntitwisamburiyeko nk’impene
31 Myandagaro 2016, 11:52, par alain aime nyamitwe
NTIMURONDERERE UMUHORO KURE KANDURI MUKWAHA.IYOMIRIRO ITURIRWA NA LETA BIBAZA KO HOBAHINYEGEJEMWABARWANYI.
21 Mukakaro 2018, 10:10, par Ernest
Nisawa