Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bukeye : Amahegitari 25 y’ishamba rya Kibira yahiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bukeye : Amahegitari 25 y’ishamba rya Kibira yahiye

Bukeye : Amahegitari 25 y’ishamba rya Kibira yahiye

mardi 30 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Amahegitari agera kuri 25 niyo amaze gusha mw’ishamba rya Kibira, ku ruhande rw’imisozi ya Runtsinda, Gashishima na Nyambo, muri zone Busangana iri muri kmine Bukeye mu ntara ya Muramvya.

Umuriro watanguye kwibnekeza kuva kuri uwu wa mbere, gushika kuri uwu wa kabiri, ikibira kikaba cari kikibonekamwo uwo muriro.

Musitanteri wa komine Bukeye amenyesha k abajejwe intwaro, bafashijwe n’abanyagihugu hamwe n’abajejwe gucungera iryo shamba rya Kibira, bagerageje kuzimya, ariko imiriro ikaba yagumye irandagata, itandukira ibindi bibanza.

Abajejwe intwaro muri komine Bukeye bavuga ko ahavuye uwo muriro hataramenyekana, ahubwo bagasaba abanyagihugu ko boza barakorana n’abajejwe umutekano, mu kudoma urutoke ku bantu boba baturira iryo shamba, ibikunze kwibonekeza mu ci.

Mu kiringo c’iminsi idakwira 15, ico gihande c’ishamba rya Kibiri gitewe n’impanuka y’umuriro kabiri kose, ubwa mbere amahegitari agera kuri 60 akaba ariyo yahiye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.