IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Abahuza ibitsina babisangiye barabangamiwe n’ikiza (...)

Burundi : Abahuza ibitsina babisangiye barabangamiwe n’ikiza SIDA

jeudi 7 Munyonyo 2013

Mu kurondera ingene hotorwa inyishu irama mu kurwanya umugera wa Sida mu Burundi, icigwa cakozwe ku banyagihugu bakunda kwandukirwa n’umugera wa Sida kurusha abandi cerekana ko boshimikira ku mirwi ibangamirwa kuruta iyindi mu kwandura uwo mugera, ariyo iy’abahuza ibitsina babisangiye.

Mu gihe bariko bashira ahabona icegeranyo c’amatohoza bagize, Diane Mpinganzima, umwe mubakoze ico cigwa muri Ruheshi 2013 amenyesha ko imirwi ikunda gufatwa cane n’umugera wa Sida mu Burundi ari iy’abagabo bahuza ibitsina n’abandi bagabo MSM (Man who have Sex with other Man). Mu gihugu cose, baharurwa mu bihumbi bitandatu n’amajana atatu na mirongo itatu na batatu (6333). Muri ico gitigiri, 4657 ni abo mu gisagara.

Abandi babangamiwe ni abadandaza imibiri yabo, abo benshi bita "Abamaraya", baharurwa mu 27657. Muri abo, abaharurwa mu 7092 ni abo mu gisagara ca Bujumbura. Abanywa ibiyayuramutwe bimwe batera mu nshinge nabo barabangamiwe n’umugera wa Sida.
Ibituma kenshi abantu banduzanya hari kunywa cane inzoga ziboreza, hamwe n’ibiyayura mutwe.

Muri ico cigwa basanze ibibanza abo banduriramwo cane vyohabwa uburyo bukwiye bw’imigambi yo kurwanya ikiza ruhonyanganda Sida, hamwe n’ukurwiza udukingirizo muri ivyo bibanza, nk’uko vyabandanijwe bivugwa na Diane Mpingazimana.
Ico cigwa kivuga kandi ko ibibanza vyo kwinezererezamwo, aho twovuga amahoteri, ubunywero, uburiro hamwe n’inzu z’ubutambiro (boite de nuit) ntibironka amakuru akwiye ku vyerekeye kurwanya umugera wa Sida.

Ico cirwa ca mbere mu Burundi kije mu gihe umushikiranganji w’amagara y’abantu hamwe no kurwanya umugera wa Sida, afashijwe n’abasanzwe bafasha, bari mu gusubiramwo umugambi w’igihugu ujejwe kurwanya umugera wa Sida (2012-2016). Bitegekanijwe ko urwandiko rw’icegeranyo ruzoca ruhabwa ikigega mpuzamakungu kijejwe kurwanya umugera wa Sida, indwara ya malariya hamwe n’igituntu. Ico cegeranyo nico kizoheza gikoreshwa kugira basabe imfashanyo izokora imyaka itatu.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.