IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Croix-Rouge yahagurukiye ikibazo c’isuku rike

Burundi : Croix-Rouge yahagurukiye ikibazo c’isuku rike

jeudi 8 Rusama 2014

Uko umwaka utashe, kw’isi yose barahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amashirahamwe y’umuryango utabara imbabare Croix Rouge. Icivugo c’umwaka w’2014 akaba ari : "Akahise ka Croix-Rouge". Uburundi bukaba butasigaye inyuma mukwifakanya n’ibindi bihugu mu guhimbaza uwo munsi.

Ni muri iyo ntumbero kuva kw’igenekerezo rya 5 Rusama gushika irya 8 Rusama 2014, umuryango Croix Rouge yo mu Burundi wahariye iyo ndwi uguhimbaza uwo munsi mukuru mu ntara zose z’igihugu.
Nkuko vyashikirijwe n’igisata kijejwe gutangaza amakuru mu kigo gitabara imbabare Croix Rouge mu Burundi, ihimbazwa ry’iyi ndwi rikaba ryatangujwe n’ibikorwa vyo kwuguruza amabombo atanu yo kuvomamwo amazi meza yubatswe n’ishirahamwe Croix-Rouge, muri komine Gihanga hamwe n’izindi nyubakwa zitandukanye zubatswe n’uwo muryango utabara imbabare.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe Croix-Rouge mu Burundi, Anselme Katiyunguruza akaba yamenyesheje ko ayo mazi azofasha abanyagihugu bo muri komine Bubanza kurwanya ikiza ca korera cari kimaze iminsi ciha inkumbi muri ako karere. Ibombo rimwe zikazoshobora gufasha imiryango igera kw’ijana, hafi abantu amajana atanu akaba aribo bazohatorera akoyokwe.

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 8 Rusama 2014, umuryango utabara imbabare Croix-Rouge mu Burundi ukaba watanguje ibirori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amashirahamwe ari mu muryango utabara imbabare kw’isi yose. Ivyo bikorwa vyaranzwe n’ukwuguruza utuzu twa sugwumwe n’ubwogero mw’isoko yo mu Ruziba. Iyo soko yo mu Ruziba ikaba yari isanzwe yugarijwe n’ubukene bw’utuzu twa sugwumwe, ivyo bigatuma abahakorera n’abahagendera batoroherwa mw’isuku.

Tubibutse ko igenekerezo rya 8 Rusama ryashinzwe nk’umunsi mpuzamakungu wahariwe umuryango utabara imbabare Croix-Rouge kw’isi yose, bivuye kw’isabukuru y’amavuka y’uwatanguje uwo muryango mpuzamakungu,Henri Dunant, mu mwaka w’1863, isabukuru ihimbazwa kuri iryo genekerezo nyene rya 8 Rusama


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.