IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi ECO : Imyaka ibiri iraheze bakora amakuru y’ubutunzi

Burundi ECO : Imyaka ibiri iraheze bakora amakuru y’ubutunzi

vendredi 22 Myandagaro 2014

Ikinyamakuru Burundi ECO kizohimbaza kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 23 Myandagaro, imyaka ibiri candika amakuru y’ubutunzi. Umuyobozi w’ico kinyamakuru cahora gitangwa ku buntu, ariko ubu kikaba kigiye kugurishwa, arashima intambwe bagezeko, akamenyesha ko mu migambi bafise harimwo kwongereza n’ugukomeza uruganda rw’itangazamakuru rwabo.

Tabitha Mukamusoni, umuyobozi w’ikinyamakuru Burundi ECO yibutsa ko hari kw’igenekerezo rya 23 Myandagaro 2012, aho umugambi w’ishirahamwe HOPE Design wo gutanguza ikinyamakuru gikora amakuru y’ubutunzi waja mu ngiro. Inyuma y’imyaka ibiri bakora, umuyobozi w’ico kinyamakuru avuga ko bashize imbere guhamagarira abanyagihugu kwikorera imigambi yabo y’iterambere. Tabitha Mukamusoni, umuyobozi w’ikinyamakuru Burundi ECO arashima intwambwe bagezeko, ibonekera ku makuru bama basohora iminsi yose kuwa gatanu, ubu bakaba bageze ku nomero 104 z’ibinyamakuru bimaze gusohoka, hamwe n’ayandi makuru bacisha ku muhora ngurukanabumenyi w’ikinyamakuru Burundi ECO ariwo www.burundi-eco.com

JPEG - 57.2 ko
Tabitha Mukamusoni (i buryo), umuyobozi wa Burundi ECO, na Mélance Maniragaba (i bubamfu), ajejwe uruganda rw’itangazamakuru muri Burundi ECO

Mu ngorane bagiye baragira muri iyo myaka ibiri, Mélance Maniragaba, ajejwe uruganda rw’itangazamakuru mu kinyamakuru Burundi ECO, avuga izijanye n’uburyo, ico naco akaba ari ikibazo ibinyamakuru nka vyose bifise mu Burundi. Mu buyobozi bw’ico kinyamakuru bamenyesha ko bipfuza kuba uruganda rw’itangazamakuru rukomeye, kandi rukora amakuru ajanye n’ubutunzi gusa. Baboneraho akaryo ko kumenyesha abakunzi b’ico kinyamakuru cahora gitangwa ku buntu ko kuva mu kwezi kwa Gitugutu uwu mwaka turimwo, ico kinyamakuru kizotangura kugurishwa ku mafaranga igihumbi y’amarundi (1000 Frs Bu), nk’uko babisabwe n’abasomyi babo bashaka kubafata mu mugongo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.