IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ica kabiri c’imfashanyo amakungu yemeye kiramaze gushika mu gihugu

Ica kabiri c’imfashanyo amakungu yemeye kiramaze gushika mu gihugu

mardi 7 Rusama 2013

Inyuma y’inama yahuje abafasha Uburundi i Génève mu mugambi wo gufasha kurwanya ubukene CSLP ya kabiri mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu mu mwaka w’2012, amafaranga angana umuriyaridi umwe w’ama dolari y’Amerika uramaze gutangwa mu gihe hari hemewe gutangwa imiriyaridi 2 n’imiriyoni 600 z’amadolari ya Amerika.

Ivyo vyamenyeshejwe na Pamfiro Muderega, umunyamabanga mpuzabikorwa mu gisata kijejwe gutorokanya imfashanyo zinjira mu Burundi.

Yongera kandi akamenyesha ko hari inama zibiri zateguwe kugira baze bigire hamwe ico ayo mafaranga yokora mu kiganiro yahaye abanditsi n’abanyamakuru.

Izo nama zibiri zateguwe mu kwezi kwa Ruheshi ku magenekerezo ya 24 na 25 n’amagenekerezo ya 28,29 na 30 Gitugutu mu mwaka w’2013.

Hari ibikorwa bizogenda birirwa mu nama imwimwe yose, nko mu nama ya mbere hazokwiga ibikorwa bine navyo ni nko mu gisata co gutwara ibintu n’abantu, gutumanako amakuru n’ubushakashatsi, gufasha ibisata vyigenga, ubuzi hamwe n’ubudandaji, hazokwirwa kandi n’ingene igisata c’amagara y’abantu n’indero vyofashwa hamwe n’igisata c’amatongo, amazi n’ibidukikije.

Mu nama igira kabiri naho bazokwigira hamwe ibijanye intwaro ibereye, umutekano, agateka ka zina muntu, iterambere rusangi, ubutare, umuyagankuba, n’ibindi…

Twobamenyesha ko iyo migambi yose izoshirwa mu ngiro ihagarikiwe n’intumwa y’abadufasha iri kumwe n’intumwa ya Leta y’Uburundi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.