Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Justine Nkurunziza yatowe nk’umukenyezi w’intwari mu guharanira agateka ka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Justine Nkurunziza yatowe nk’umukenyezi w’intwari mu guharanira agateka ka (...)

Justine Nkurunziza yatowe nk’umukenyezi w’intwari mu guharanira agateka ka zina muntu

jeudi 12 Ntwarante 2015, par IGIHE

Umupfasoni Justine Nkurunziza, niwe yatowe n’ubuserukizi bw’igihugu ca Amerika hano mu Burundi, nk’umukenyezi yabaye intwari mu guharanira agateka ka zina muntu na cane cane akabakenyezi.

Uwo mupfasoni akaba ashima cane kubona bamwizeye. Umupfasoni Justine Nkurunziza akavuga rero ko, ako gashimwe ari ako gutera intege umupfasoni w’umurundikazi, kuva mu gifuri kugira nabo bafatanye n’abasaza babo gukorera igihugu c’abibarutse .

Umupfasoni Justine Nkurunzi akaba yipfuza kuronka abandi bakenyezi benshi bakorana ,ari nayo mpamvu abahamagarira guhaguruka bumve nabo kobashoboye, kugira bashobore kwiha ikibanza na cane cane mu kuja mu bibanza vya poritike. Ikindi ashikiriza n’uko bagiye gutegura abazobasubirira, kuko bamaze kubona abandi bigeme b’imboneza. Abapfasoni basanzwe bazwi nk’imboneza hano mu Burundi akaba aribo bari bitavye ivyo birori, aha twovuga nka Sylvie Kinigi yahoze ari umushikiranganji wa mbere ku ntwaro ya Ndadaye Melchior, Maragarita Barankitse arongoye ikigo Shalom, Christine Ntahe aharanira ineza y’ ibibondo batazira’’ maman dimanche’’, Mariya Louise Sibazuri n’abandi.

Justine Nkurunziza akaba asanzwe arongoye urunani rikurikirana amatora COSOME( Coalition de la société civile pour l’observation et le monitoring et l’observation des élections au Burundi).


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.