Accueil > Amakuru > u Burundi > Justine Nkurunziza yatowe nk’umukenyezi w’intwari mu guharanira agateka ka (...)
Justine Nkurunziza yatowe nk’umukenyezi w’intwari mu guharanira agateka ka zina muntu
jeudi 12 Ntwarante 2015, par
Umupfasoni Justine Nkurunziza, niwe yatowe n’ubuserukizi bw’igihugu ca Amerika hano mu Burundi, nk’umukenyezi yabaye intwari mu guharanira agateka ka zina muntu na cane cane akabakenyezi.

Uwo mupfasoni akaba ashima cane kubona bamwizeye. Umupfasoni Justine Nkurunziza akavuga rero ko, ako gashimwe ari ako gutera intege umupfasoni w’umurundikazi, kuva mu gifuri kugira nabo bafatanye n’abasaza babo gukorera igihugu c’abibarutse .
Umupfasoni Justine Nkurunzi akaba yipfuza kuronka abandi bakenyezi benshi bakorana ,ari nayo mpamvu abahamagarira guhaguruka bumve nabo kobashoboye, kugira bashobore kwiha ikibanza na cane cane mu kuja mu bibanza vya poritike. Ikindi ashikiriza n’uko bagiye gutegura abazobasubirira, kuko bamaze kubona abandi bigeme b’imboneza. Abapfasoni basanzwe bazwi nk’imboneza hano mu Burundi akaba aribo bari bitavye ivyo birori, aha twovuga nka Sylvie Kinigi yahoze ari umushikiranganji wa mbere ku ntwaro ya Ndadaye Melchior, Maragarita Barankitse arongoye ikigo Shalom, Christine Ntahe aharanira ineza y’ ibibondo batazira’’ maman dimanche’’, Mariya Louise Sibazuri n’abandi.

Justine Nkurunziza akaba asanzwe arongoye urunani rikurikirana amatora COSOME( Coalition de la société civile pour l’observation et le monitoring et l’observation des élections au Burundi).
Floxella Karire
Messages
13 Ntwarante 2015, 12:36, par mukobwajana
MBE UMUKOBWA WACU MWENE WACU MU NTASHIKIRWA KO ATADUTUMIYE NGO TUMUKEZE ..KANDI IYO LEADERSHIP NA CLUB YARATEREREYE KUMUKUZA MU BUNTU N UBWITONZI,,SIVYO MA???
26 Myandagaro 2015, 17:09, par Vincent Nsengiyumva
Abo Bategarugori Bose Nkunda Umutima Mwiza Wabo Muguharanira Ineza Yabantu Batobato