Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahinga ba ONU bajejwe amatohoza bagarutse i Bujumbura
Abahinga ba ONU bajejwe amatohoza bagarutse i Bujumbura
lundi 13 Ruheshi 2016, par
Umurwi w’abahinga bigenga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bajejwe amatohoza ushika i Bujumbura kuri uwu wa mbere, mu ntumbero y’ukubandanya amatohoza ariko arakorwa mu Burundi, ku bijanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu hamwe n’ubwicanyi ndengerabutungane buvugwa.
Abo bahinga ba ONU baje basanga mu Burundi bagenzi babo bamaze hafi amezi abiri bariko baratohoza ku bwicanyi ndengerabutungane buvugwa, hamwe n’ibinogo rusangi vyoba vyahambwemwo abantu benshi, inyuma y’ibitero ku makambi y’igisirikare vyabaye kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.
Uwo murwi w’abahinga bigenga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bashika i Bujumbura kuri uwu wa mbere mu gihe baheruka mu Burundi mu kwezi kwa Ntwarante 2016, aho bari baje kubonana n’abategetsi batandukanye b’Uburundi, hamwe n’ugutanguza ico gikorwa c’amatohoza, ubu bakaba bagarutse kuraba aho bagenzi babo batandatu basigaye ku rubuga kuva mu kwezi kwa Rusama 2016 bagejeje igikorwa c’ugutohoza ku bwicanyi hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu vyibonekeje kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2016.
Imbere y’uko bafata urugendo rubashikana i Bujumbura, babiri muri abo bahinga ba ONU baragiye kuri uwu wa gatanu i Kampala mu gihugu ca Ouganda, aho baganiriye na bamwe mu Barundi bahunze igihugu, abo bariko bakora amatohoza bakaba bategekanya kandi n’ukuja mu Rwanda hamwe no muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo kubonana n’abandi Barundi bahunze.
IGIHE
Messages
13 Ruheshi 2016, 15:36, par jean
nibaze ikibi nuko bogira ahobahengamiye baze bavugishukuri nibaze bacanishemwo mukubesha
13 Ruheshi 2016, 15:37, par jean
nibaze ikibi nuko bogira ahobahengamiye baze bavugishukuri nibaze bacanishemwo mukubesha
13 Ruheshi 2016, 16:07, par Richard Gitoko
Batama kuvyukuri ntamahorotwitez ko mutuzaniye.kuko amahoroyukuri atangwa n’Imana.nivyo j nizigiye.kandi abarundi ninzara iraturembej, bemwibuka muz mutuzaniy’agakate mwizokoti nzizanziza mbona mwambaye.
13 Ruheshi 2016, 21:04, par Boda laco
Endeleeni kufanya uchunguzi kama vilivyo nawatakia amani na usalama pande zote
13 Ruheshi 2016, 21:24, par Boda
itohoza rikuru turiziga ku Mana. ariko mwe ni mubandanye akazi kanyu mwizigiweko
13 Ruheshi 2016, 21:56, par KAMASHI
BAZOTOHOZE KUVA UBURUNDI BWIKUKIYE!MU 72,NTEGA NA MALANGARA,93,95MURI KAMINUZA Y’UBURUNDI GUSHIKA UNOMUSI MURIYO MYAKA YOSE NTABWO HAPFA INKENDE!HAPFA ABARUNDI!
14 Ruheshi 2016, 04:30, par j paul
bagenzi imana yonyene niyo ibibona
14 Ruheshi 2016, 21:15, par P.ANTOINE
KUBERIKI EATAJA GUTOHOZA MURI ISLAEL? ABANYAPARESTINA SABANTU ? ABO NABASUMYI BURUSAKU .MURAMBAZE JEWE NABIBONYE KUVA KERA :UMUTUTSI AKORANA N;UMUZUNGU.
14 Ruheshi 2016, 21:27, par P.ANTOINE
KUBERIKI EATAJA GUTOHOZA MURI ISLAEL? ABANYAPARESTINA SABANTU ? ABO NABASUMYI BURUSAKU .MURAMBAZE JEWE NABIBONYE KUVA KERA :UMUTUTSI AKORANA N;UMUZUNGU.
17 Ruheshi 2016, 09:48, par Rukundo
NTAGISHA TUBONA MURUGORUGENDO ,UMUTI NUKO UMUNTU YOKWIBAGIRA AKAHISE TUGETEGURA KAZOZA TUKIBANIRA MUMAHORO ABAHUNZE BAGAHUNGUKA KUKO IMANA NIYITEGURA KAZOZA KIGIHUGU KUKO NIBIZOBA IBA IBIZI NUBUTEGETSI BUZOJAHO IBA IBUZI BUBA BUBI CANKE BUBA BWIZA IZERE IMANA IBISIGAYE VYOSE UZOBIHABWA NIMANA YONYENE NAHO AMA RETA YOSE YOKORANA ATA DIEU NTACOSHOBOKA.