Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abahinga ba ONU bajejwe amatohoza bagarutse i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahinga ba ONU bajejwe amatohoza bagarutse i Bujumbura

Abahinga ba ONU bajejwe amatohoza bagarutse i Bujumbura

lundi 13 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi w’abahinga bigenga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bajejwe amatohoza ushika i Bujumbura kuri uwu wa mbere, mu ntumbero y’ukubandanya amatohoza ariko arakorwa mu Burundi, ku bijanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu hamwe n’ubwicanyi ndengerabutungane buvugwa.

Abo bahinga ba ONU baje basanga mu Burundi bagenzi babo bamaze hafi amezi abiri bariko baratohoza ku bwicanyi ndengerabutungane buvugwa, hamwe n’ibinogo rusangi vyoba vyahambwemwo abantu benshi, inyuma y’ibitero ku makambi y’igisirikare vyabaye kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.

Uwo murwi w’abahinga bigenga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bashika i Bujumbura kuri uwu wa mbere mu gihe baheruka mu Burundi mu kwezi kwa Ntwarante 2016, aho bari baje kubonana n’abategetsi batandukanye b’Uburundi, hamwe n’ugutanguza ico gikorwa c’amatohoza, ubu bakaba bagarutse kuraba aho bagenzi babo batandatu basigaye ku rubuga kuva mu kwezi kwa Rusama 2016 bagejeje igikorwa c’ugutohoza ku bwicanyi hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu vyibonekeje kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2016.

Imbere y’uko bafata urugendo rubashikana i Bujumbura, babiri muri abo bahinga ba ONU baragiye kuri uwu wa gatanu i Kampala mu gihugu ca Ouganda, aho baganiriye na bamwe mu Barundi bahunze igihugu, abo bariko bakora amatohoza bakaba bategekanya kandi n’ukuja mu Rwanda hamwe no muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo kubonana n’abandi Barundi bahunze.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.