IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Lawurenti Kavakure arahumuriza abamenyeshamakuru

Lawurenti Kavakure arahumuriza abamenyeshamakuru

mercredi 8 Rusama 2013

Mu kiganiro catazwe ku banditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Rusama 2013 n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu Lawurenti Kavakure, ngo yari mu ntumbero yo kwerekana ibikorwa vyaranguwe m’ubushikiranganji arongoye mu gice ca mbere c’umwaka w’2013.

Ku vyerekeranye n’impungenge abarundi bafise kungaruka zishobora kuhaba kw’itegeko riheruka gutorwa mu nama nshingamateka ku bwingenge bw’abamenyeshamakuru, ku migenderanire iri hagati y’Uburundi n’ayandi makungu, Umushikiranganji Kavakure yishuye ko ata ngorane n’imwe ihari ku buryo umuntu yogira ubwoba.

Ku bwiwe, birumvikana ko iryo tegeko ryoba ryarateye uruhagarara kuko ritemewe na bose. Ariko, arahumuriza abamenyeshamakuru ko hariko harakorwa ibishoboka vyose kubw’iryo tegeko kugira rishobore guhumuriza abarundi bose.

Yongeye avuga ko igikorwa ca Leta atari uguhonyanga agateka k’abamenyeshamakuru, ariko ari ukubashigikira m’ubwingenge bwabo, m’ubukerebutsi no m’umubemenyi bafise.

Ikibazo gihari kur’iryo tegeko riheruka gutorwa ry’ubwingenge bw’abamenyeshamakuru kandi rishigikiwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu; ni ukumenya ni nde hagati y’umushikiranganji Lawurenti Kavakure n’umukenguzamateka Gelase Ndabirabe bose bava mu mugambwe umwe Cndd-Fdd, yatomoye neza intumbero Leta y’Uburundi ifise kw’itegeko nk’iryo ryatowe ni nama nshingamateka?

"N’amahadabu agera ku miriyoni 8 z’amafaranga y’amarundi, ntiyari menshi kuko abahinga muvy’ugutanga amakuru ntibakenye amafaranga" ivyo n’ibivugwa n’umukenguzamateka Gelase Ndabirabe.

Abamenyeshamakuru barizeye ko Umukuru w’igihugu c’Uburundi azoshira k’umuzirikanyi ivyo umushikiraranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, wo muri Leta arongoye yashikirije imbere yuko yemeza k’umugaragaro ivyerekeranye n’iryo tegeko.

Mu gihe naho bitoba nkuko babiziga, abazana imitahe yabo mu gihugu, bashobora kuyihagarika n’ubwo umushikiranganji Kavakure yemeza neza yuko ivyiyumviro vy’abo bavuze kuri iryo tegeko ataco bizohindura ku bijanye no kurekura amafaranga.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.