Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Burundi - Rwanda : Impande zompi zivuga ko zifise ivyemezo
Yanditswe taliki ya 19-02-2016 - isaha 11:48' na IGIHE

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda uko iminsi igenda niko nayo ibandanya gutituka, Reta y’Uburundi nayo ikaba ibandanya gushikiriza ivyo yagiriza Urwanda, bishimikiye ku ruhara rwoba rufise mu bikorwa vy’uguhungabanya umutekano w’Uburundi. Urwanda narwo rukaba rwagiriza Uburundi ko bwahaye indaro abakoze ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu 1994 mu Rwanda. Impande zompi zimaze kumenyesha ko ziteguriye kuganira, kandi zompi zikavuga ko zifise ibimenyetso bikwiye.

Mu gihe yari avuye mu rugendo mu gihugu ca Angola, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yari ikwiye kuganira n’Urwanda kugira ivyo rwagirizwa bitangirwe umuco. Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko ababanyi babwirizwa kwumvikana, ari naco gituma bakwiye kuganira.
Kubwa Gaston SINDIMWO, ibibazo vy’Uburundi bituruka ku Rwanda, akavuga ko baganiriye bishobora gutorerwa umuti.

N’igihugu c’Urwanda kikaba kimaze kumeyesha ko citeguriye kuganira n’Uburundi, ariko akaba ari ku kibazo c’aba FDLR bivugwa ko bajabutse umupaka wa Repuburika Iharanira Demokarasi ya Congo, bakerekeza mu Burundi.
Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru The EastAfrican mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo 2015, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu akaba n’umuvugizi wa Reta y’Urwanda, Louise Mushikiwabo, yavuze ko Uburundi ubu buri mu bibazo, arico gituma ivyo bihugu bitoja muvyo kwagirizanya.
Yagize ati : “Nk’uko nigeze kubivuga, dushaka kuganira nabo umunsi igihugu cyasubiye ku murongo. Twagaragaje icyo kibazo na mbere y’uko ibiri mu Burundi bitangira. Nibamara gushyira ibibazo byabo ku murongo, tuzabegera n’icyo tukiganireho (FDLR).”

JPEG - 31.5 ko
Louise Mushikiwabo, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu akaba n’umuvugizi wa Reta y’Urwanda

Yabandanije agira ati : “Ntabwo dushaka kubongerera umuzigo. Tuzagira umwanya wo kuganira ibyo bibazo.”

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru co mu Budagi, Die Tageszeitung, umushikiranganji Mushikiwabo yavuze ko igihe ibibazo vya poritike mu Burundi vyatangura, abarwanyi ba FDLR bajabutse umupaka bava muri Kivu y’Amaja Epfo, bakerekeza mu Burundi.

Uburundi bwo buvuga ko Urwanda ata bimenyetso bifadika bwagaragaje vyerekana ko abo barwanyi bari ku butaka bwabwo, kandi ko n’icegeranyo c’abahinga b’inama mpuzamakungu y’ibihugu vy’akarere k’ibiyaga bigari, CIRGL cashizwe ahabona cerekanye ko abo barwanyi atabari mu Burundi.

Ivyiyumviro vyanyu

nta munyarwanda uzagirana ibiganiro na FDLR , naho abavuga muzabaze abasoda babarundi icyo baboneye muri Zaire nibo bazakubwira APR icyo aricyo , mujye mumokera ahongaho nyene mwamihirimbiri mwe.

23.02.2016 à 20:20
turaje

Mwasanze kumesa Kagame bidashoboka none murashaka kuganira.ntukaboneintare isinziriye ngo uyikore Mu jisho

21.02.2016 à 07:35
jean

Nta mututsi azaganira n’interahamwe ngo Peter

20.02.2016 à 18:29
kongoro

U Burundi burltera u Rwanda ? Ibi bivugwa nabasivili. Nta musirikare wu Burundi wabiviga.
Uzabaze abarundi barwanye muro Kongo icyp RPA aricyp.

20.02.2016 à 16:18
Mbonabihita

Ciza Xavier

20.02.2016 à 12:16
######

AHUBWO KAGAME NIBAMUKOREREKO ABANZE AVUGE ICO AHORA UBURUNDI !

20.02.2016 à 10:25
POREPORE

BASHA NAHO IRYOSHANO RYIGIHUGU CURWANDA RYIVUGISHA IBINDI MPAKA ONU IFATIYIBIHANO KAGAME NURWANDA IKINDI IRYOSHANO UWOMUSEGA YIYITA ERNEST TUGOMBA TUMUKOREREKO KUKO IVYOVYIYUMVIRO ATANGA VYOGUTYOZA UMUKURUWIGIHUGU NARINDIRE TUZOBA TUTAVUKA INYANGE.

19.02.2016 à 15:38
MUHUZA

Iminsi ya Kagame iraharuwe !!!

19.02.2016 à 14:30
sasha

Ibivyerekanako reta yicaduka yankurumbi yamaze guta umutwe ubushize yahamagariye imbonerakure mwibarabara zija gutuka umukuru wigihugu cu Rwanda banavugako bazomumesa none ubunaho ngwibiganiro mbe kumesa nokuganira bisaniyehe ahubwo urwanda rugomba gushengenza abiyita abategetsi biburundu kumajambo yogufobya genocide bagize imisi bavuga kuko birazwi kwiconaco aricaha gihanwa namategeko ikindi nibareke kuguma biteza utunyoni ikibazo cuburundi uwagiteye turamuzi ntawundi Atari nkurumbi naho ivyokugurura amaradiyo nibayugurure yose atanakimwe kirinze gusabwa ugwo ruyogoyogo rwabo rwamatohoza twebwe ntavyo dukeneye kuko abaturiye Ayo maradiyo turabazi barimurabonye bariko barivugisha ivyamatohoza ntawimena ikivyimba

19.02.2016 à 14:11
ernest

Iyo politike ikunaniye utangira gutuma intoke ibindi bihugu kubona babeshera ugwanda bazi neza ko aribo bari gukerera abana b uburundi bakaba bacumbikiye FDLR kuva mu kwezi kwa 4 nibo bari gukuramo imitima abantu nta prove bafite ariko blah blah blah ni nyinshi kugira bagume bica inzirakarengane mbe ko batavuga ama fausses commune bahamvyemo abantu uko angana,har umunsi bizashigwa ahabona !!!

19.02.2016 à 14:05
Eddy

Harabaye amatohoza mu Burundi nta FDLR iri mu Burundi mugabo turazi yuko Abanyamerika na ONU bagize itohoza ku makambi ari mu Rwanda bamwenya yuko Impuzi z’abarundi zirirwa zigiswa igisikare n’igisirikare c’Urwanda.
Ico cegeranyo nico caraye kirezwe muri ONU na CONGO n’UBURUNDI.

Kagame yamaze gutota kubera gutagira umubano mwiza n’Ababanyi biwe kandi nokurwa mu mutego wa opposition ya Barundi.
twebwe Abarundi ntiduhubuka turiyunvira imbere koturwa mu mutego.
Nkurunziza n’umuntu yiyunvira sinka Kagame arwa mu mutego.

19.02.2016 à 14:01
Marmaris

KAGAME ubwo ntiyorka kuza aratwiyumvira ?aravuga tujabuke arabeko atahabonera.twebw abarundi b’i MBIRIZI dufatany mu nda natureke,mutama nyakubahwa nibakuve inyuma twakwitorey babona

19.02.2016 à 13:50
Zabulon kiryama

ubwo mubwoba mbwurwanda nububeshi bwinshi.
interahamwe zirihose ariko ntimutuma amagrenade hose !!
interahamwe nimba zirimuburundi KUBERIKI ZIDATERA URWANDA ?!!!ZIRI NO MURIKONGO !!!
Ubwoba bwabatutsi bari mugrwanda bozokwonona ako karere.kuko batinya democratie .abahutu bateyimberre ngo ninterahamwe.Binyibutsa bagaza ,na micombero,BIRABABAJE KO IMINSI YA KAGAME IHARUYE NAHO YORENGA KURAMBA MUGABE ,DEMOCRATY YOYO IZO MUHITANA KUKO IGUMA ITERA IMBERE.

19.02.2016 à 13:49
eric

KAGAME ubwo ntiyorka kuza aratwiyumvira ?aravuga tujabuke arabeko atahabonera.twebw abarundi b’i MBIRIZI dufatany mu nda natureke,mutama nyakubahwa nibakuve inyuma twakwitorey babona

19.02.2016 à 13:47
MUNINI-KIRYAMA

Leta y’uburundi irikujijisha ngo abantu ntibamenyeko icumbikiye interahamwe ariko nubuswa bukabije bazibeshye gato tubarindiririye kumipaka naho kwirirwa bavuza induru ngo u Rwanda nubuswa muri politique

19.02.2016 à 13:10
Yva

Yabaharivye Mezo Bifadika Bovuganumwe Izina Yabahungabanirije Umutekano Arimuburundi Ahonukuvuga Berekanye Kobashaka Kwihora. Ivyiza Nukwo Bokwicarahamwe Bakaganir Barikumwe Nindongozi Zabanya Frurika. Abanyarwanda Na Barundi Batobato Turarushe Kukwingorane Nitwe Tuzigira. Ivyuburundi Nkubu Biragaragara Kumutekano Muke Uterwa Nindongozi Zurwanda.

19.02.2016 à 12:51
Mukurarinda

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.