IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi: Ubumwe bw’Afrika buhamagarira abarundi kuganira muri bino (...)

Burundi: Ubumwe bw’Afrika buhamagarira abarundi kuganira muri bino bihe

vendredi 1er Rusama 2015, par IGIHE

Ishirahamwe ry’ubumwe bw’ Afrika bamenyesha ko barajwe ishinga n’ibiriko biraba hano mu Burundi, kandi ko babazwa n’abariko bahasiga ubuzima hamwe n’ibitigiri vy’abahunga baguma bahunga.

Nk’uko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uno wa 30 Ndamukiza, Nkosazana Dlamini-Zuma ,arongoye umurwi w’ ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ,amenyesha ko bakurikiranira hagufi ibiriko biraba bishobora gusubiza inyuma intambwe Uburundi bwari bugeze ko ,yaba mu mahoro n’umutekano hano mu gihugu ndetse no mu karere. Mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bamenyesha kandi ko bababajwe n’abasize ubuzima muri iyo myiyerekano hamwe n’ibitigiri vy’abahunga biguma vyiyongera mu gihugu c’ Urwanda .

Muri iryo tangazo bamenyesha ko vyari bikenewe ko impande zose zari zikwiye kwicara zikaganira , mu ntumbero yo gutorera inyishu ivyo badahurizako, bakabikora mu mahoro , bakongera kandi bagashobora gutegura amatora mu mutekano ,amatora arimwo bose, kandi ari mu muco.

Yongeye asaba impande zose zishamiranye muri kino gihe kwihanganirana, no kwifata mu kwirinda ibikorwa vyose bishobora gutuma ibintu vyunyuka muri kino gihe .
Dlamini –Zuma yamenyesheje ko Uburundi buri mu gihe kigoye cane ari naco gituma abo bose vyega bokora ibishoboka vyose ukugira igihugu gitorere umuti urama ingorane zihari muri kino gihe , intwaro rusangi itsimbatare hamwe no kwubahiriza agateka , nk’uko babandanya babimenyesha muri iryo tangazo.


Floxella Karire

Messages

  • Oya Nyabuna Nibatomore Boye Kwijijisha,babe Abagabo Nk Ivyabona Kuko Harusha Bamwe Bamwe Niho Bari Kiriya Gihe Hasinywa Amasezerano,kuki None Akarere Katofatira Ibihano Nkurunziza Nkuko Bari Babifatiye Buyoya ! Koma Akaruru

  • Ahubwo abari isomalia na centrafrica iyo baza bakagarukana umutekano mugihugu iwabo none baja kugarukana amahoro hanze iwabo hariko harasha ?nintambara y’urutavanako nkurunziza narekure ntawasumvya ijunja nijambo buyoya muga bakadafi bararwiriye MUBURUNDI

  • Ahubwo abari isomalia na centrafrica iyo baza bakagarukana umutekano mugihugu iwabo none baja kugarukana amahoro hanze iwabo hariko harasha ?nintambara y’urutavanako nkurunziza narekure ntawasumvya ijunja nijambo buyoya muga bakadafi bararwiriye MUBURUNDI

  • Abo Bagabo Batagira Imigambi Yoteza Imbere Igihugu,bagomba Kwicara Kuntebe Badahawe?Imigambi Yo Kuja Mwibarabara Gusa?Barabonye Igihugu Banyuranywe,nicogituma Bashaka Ibiganiro Kugira Baronke Ibibanza.Mbe Ayo Mafaranga Buyoya N’abo Barikumwe Bahereza Abaja Mumyiyerekano Ntiboyatanga Mugutegura Amatara Meza?Nkurunziza Nakomere Kwivora Turinyuma Yiwe.Ivyo Bitazi Ngo N’abanyeshure Bamenyeko Base Babo Bataye Concours Ariko Amazina Yabo Akirako Abandi Aribo Babo Bariko Baratera Akajagari Mu Gihugu.Niho Baduciko Umugani Ngo "Umuhutu Agira Imana Ntagira Ubwenge"!Kanura Mubone.Iyumvire.Hako Wokunda Amahera Ugata Akarangamutima Wotuma Wigira Sindabibazwa.Abagumyabanga Bumbatira Inkona.

  • Uburundi Bwarikukiye.Uwo Muvyeyi Murundi Kahise K’uburundi Ngirango Ntako Aramenya.Ntabiganiro Dushaka.

  • jewe iyo ndiko ndumviriza abarundi nabanyamahanga sintahura mbega uwurenganijwe yitura ubutungane canke ubugumutsi minani subwamber abikoze yamarishije abarundi muri 1993 nubu arasubiriye abo bose naba leonce bamenyereye gukamisha intambara bandanya namwebwe muriko mwiyimbira icyobo mbega nkubu imbonerakura zohaguruka burya benshi botahukirahe ko aribo benshi nkubu bene burundi muriko mucanishamwo bokora ibyo mwifuza mworurwana muca mwigira iyo Pancras yabateguriye ivyicaro ariko amaherezo yinzira ni munzu twarabahinyuye buca tubahindukirira kuko mwayarengeje urugi nezerwa ejo muzorira nimba mutaraheza kuziduza mukeneye ayava Arusha na Kajaga harigihe muzoteba mukabibazwa abo basoda n’aba polisi muraza mumibu muriko mubongera indamnite d’OPS canke de RISK? Ndabakebuye akataretse kaba gasema

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.