IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Ubutungane ntawe bwatinye mukurekura Mbonimpa Petero (...)

Burundi : Ubutungane ntawe bwatinye mukurekura Mbonimpa Petero Karaveri

mardi 30 Nyakanga 2014

Reta y’Uburundi imenyesha ko yashimishijwe n’irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH yahora apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Mw’itangazo Reta yasohoye, bavuga ko Petero Karaveri Mbonimpa yarekuwe kubera icegeranyo c’umurwi w’abaganga cerekanye ko arwaye.

Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi asigura muri iryo tangazo, ko Uburungane bw’Uburundi butakoreshejwe n’umuntu uwariwe wese, yaba inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya, canke umuntu uwariwe wese yaba uwo mu Burundi canke mu makungu, mw’irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa. Kubwa Firipo Nzobonariba umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Mbonimpa yarekuwe bivanye n’icegeranyo c’abaganga cerekanye ko arwaye, ico naco kikaba casabwe n’imbere y’uko abashingamateka b’ibihugu vya buraya basaba irekurwa ryiwe.

JPEG - 26 ko
Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Nk’uko tubikura muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi iragabisha uwo wese yobona irekurwa vy’agateganyo rya Petero Karaveri Mbonimpa nk’intango yo kudahana ivyaha, ahubwo muri Reta bagasaba ubutungane bw’Uburundi ko atawe bwokwihanganira yagirijwe amakosa.

Reta y’uburundi yipfurije Petero Karaveri Mbonimpa ko yotora mitende, urubanza rwiwe ruzoshobore gukurikiranwa amagara yiwe yifashe neza, ikibazo ciwe kive mu nzira.


Egide Nduwimana

Messages

  • uh, nzobonari, aho uri mu kuri?????? iyo winumira hoho?

  • Aho uyo mugabo ntasoni agira aguma abesha nkuko ahema?nn iyo amakungu atavuza induru mubona ga yemwe irya ntama bari kuyirekura?la honte ne tue pas

  • Mutama Nzobonariba!!!!!!!!! Uribuka kuri umukisu kandi niba ntihenze usega kuri set misheri iyakatatu mumabwirizwa y,Imana baratubuza kubesha nokubeshera abandi.Iryamiganai yikirundi ku mana ntikora .Ngontawuvugana irya mukanwa.

  • Mutama Nzobonariba!!!!!!!!! Uribuka kuri umukisu kandi niba ntihenze usega kuri set misheri iyakatatu mumabwirizwa y,Imana baratubuza kubesha nokubeshera abandi.Iryamiganai yikirundi ku mana ntikora .Ngontawuvugana irya mukanwa.

  • Hahaha siwe arikuvuga ari kuvugishwa

  • mwubahiriza igihagararo c’uyu canke uriya ntibituraba,ico dukengurukiye iyi Reta nuko imurekuye hanyuma akivuza.Reta ya NKURUNZIZA komera.

  • Ewe Uzobona riba ushaje nabi kabisa!Ese wokwibutse n’aho ushaje ko hari abana n’abuzukuru uzosiga inyuma kandi bakeneye kubana n’abandi mu mahoro n’ukutekano,mu gihugu cifashe.None iyo malhonetete yawe n’iyo ugiye kubaraga!!?

  • MBEGA INTAMA MURIGERA MWUMVA IVUZA URWAMO NKURWO MBONIMPA YAHORA AVUZA?ABARUNDI MWARIBAGIY INTAMA AKARANGA KAYO.

  • MARAMARA. MAYINA UYO UBA UMARAMARA WORANDUYE UBWO BWOYA MUZURU KUGIRA USE N ABANDI

  • Baravuze kwatawuvuganindya mukanwa,kuri Buyoya urwamo ninduru yavuza...abo ba dd baraguhenda..akinda bagaramye turabiteguriye kuneza canke kunguvu bategerezwa kuvaho..irya permanance yabo yoyo tuzoyigira icibukiro ca cndd fdd..numugambwe ufutwe kugataka kuburundi ..we warabonye icitwa ngo ni reta itegura milice yo kwica abenegihugu!!!!!!!!!!!???????abo bantu mwobacira uruki!baribuka ivyo bagiriye domitien na kadege?!ahobazaja hose tuzobasangayo mpaka basavye ikigongwe abanyagihugu.icobampa barambabaje namabi babandanya bagirira abanyagihugu,ntaco burakeye

  • erega aba dd ngo ni abagabo nta mushingantahe arimwo !!!!None iwanyu Imanza zica nde ko ata mushingantahe mufise?yewe muramushaka mutire mu yindi migambwe ..Aho muteze kwica abantu ngo bazi ivya kiliba Ondes none ga muja he muri aka karere ko abazungu batagishaka abaza iwabo bakora amaraso ..Murabaza muka Edourad Nduwimana yitwa Alice yoo ni agahinda kuja mu bihugu vy abazungu ngo warujuje amahera !!!!! Heeeee ico ntavuze ababazi bokivuga..nawe UZOBONARIBA uragabe,,,

  • Niyo yakira aze ashikirizwe ubutungane abazwe ivyo vyose yagirizwa atarwitwazo rwa DIABETES. Naho amakungu na cagihe bakora ivyo bakoze abene Burundi bakangara yariho . Bateshwe bate ntawuzosubira kwemera acacinyizo nubukorone!! Ntavuva amata, ntawuvukana imbuto Eka ntamwana nikinono .

  • hahahaha utiki ga firipo? niho nkibona umugabo afise ubwanwa nkubwo gwawe wikijuju ntimube mwamugumizayo .......mbegindero nshasha muri cndd

  • Hahaaha harya yariyavuze Obama ntasubiramwo avuze ahomuvuga naho nduburundi ntazi nahobuherereye mworavye mbe ntimubona ko mumaramaje abarundi nabarundikazi ntantwaro yibijuju nkiyi. Naribwabone !!! Komwihagararako komutamugumijeye kandi ndazi urya yaronse ubudahangarwa. Aho muguma mufunda abantu hanyuma witegure niwewe na nkurunziza mwitegure kukajamwo mumwakuza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.