Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi: Urugomero ruteye igomwe rw’umuyagankuba rugiye kwubaka
Burundi: Urugomero ruteye igomwe rw’umuyagankuba rugiye kwubaka
samedi 8 Ntwarante 2014
Integuro y’itegeko yo gutangira uburyo umugambi wo kwubaka urugomero rwa Rusumo witiriwe “Regional Rusumo Falls Hydroelectric Project” yaraye yemejwe n’inama nshingamateka yo mu Burundi.
Uwo mugambi wo kwubaka urugomero rwa Rusumo wari wateweko urukumu kw’igekerezo rya 11 Gitugutu 2013 i Washington, hagati y’u Burundi n’ishirahamwe mpuzamakungu ribijanye n’iterambere ryegukira ibanki ry’isi yose.

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka mu Burundi, Come Manirakiza, mu nteguro yo kwiga amategeko yo kuri uyu wa 6 Ntwarante akaba yasiguye imbere y’abashingamateka ko, ibikorwa vyo kwubaka urwo rugomero rw’umuyagankuba ku ruzi Kagera, bizotwara amafaranga agera ku miriyoni 470 y’amadorari. Urwo rugomero rukazotanga ama megawati (MW) ashika kuri 80, ayo nayo akazoshobora gusangirwa hagati y’igihugu c’Uburundi, Urwanda na Tanzaniya.
Umushikiranganji Come Manirakiza akaba yemeje ko ibanki nkuru y’isi yose ariyo izoshobora gushigikira ibikorwa vyo kwubaka urwo rugomero, aho igihugu cose muri ivyo bitatu bigiye kuronswa umuyagankuba, bizotanga amafaranga agera ku miriyoni 133,3 y’amadorari.

Nk’igihugu kigiharurwa mu bihugu bikiri inyuma mu bijanye n’iterambere, muri ubwo buryo bwo gutanga ayo mafaranga, bwanshinzwe bukazoca bwitwa nk’aho Uburundi buzoba buronkejwe ingabire igera ku bice ijana kw’ijana, ku rwanda ingabire y’ibice 50 kw’ijana n’ideni y’ibice 50 kw’ijana, ku gihugu ca Tanzaniya naho, ideni rigera ku bice 100 kw’ijana.
Muri ivyo bikorwa vyo kwubaka urugomero, ibanki y’iterambere rya Afrika (BAD) nayo yifadikanije n’ishirahamwe rya Buraya (UE) bikazoca vyitwararika gufata uburongozi bwo gushigikira ibikorwa vyo gutanga imihora yo gutanga umuyagankuba, bizotwara amafaranga agera ku miriyoni 130 y’amadorari y’abanyamerika.
Ku bwa Manirakiza, uwo mugambi wo kwubaka urugomero ukaba uri muyankenerwa hano mu Burundi, kuko ikibazo c’umuyagankuba kiri mu biraje ishinga igihugu cose. Mwomenya ko umuyagankuba uzoshobora gutuma iguhugu cose kironswa umuhora ngurukanabumenyi, mu bijanye n’ubuhinga bwa none.

Mariella Bukuru
Messages
8 Ntwarante 2014, 16:34, par Nivyimana
Nivyiza imigambinkiyo niyo tubadukeneye ariko biragoye ivyiwacu simpaka nutwoduhera duke mwasabwe mudutange ahubwonagahumbi ingene tubura umuriro ibuja duhagatizwe namasoko akomakomeye amazu mezameza adasiba kumanikwa umunyagihugu yabatoye aryamikisha abana inkoni.
9 Ntwarante 2014, 04:06, par Mama
Mwotubwira igihe urworugomero ruzotangurirwa kwubakwa nigihe bazorumarira? Kandimukatubwira namba ruzokoreshwa muntara zose zigize u Burundi? Niyaba atarintara zose ruzoshika muntara zingahe kombona utwotu Megawatt 80 tuzohabwa uburundi tuzoba dutumutse? Ibibibazo vyanje bishobora kwishurwa nuwariwewese yobashoboye kuvyishura, canecane abarundi, abanyarwanda, abatanzaniya bashoboye gusoma ikirundi, nuwariwewese afise icazi kubijanye nururugomero rwumuyagankuba batweretse, uwuzogira icansumbije akakimbarira azobakoze.