IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Busoni : Lewokadiya Kabihogo yabogojwe n’itegeko ryo hejuru

Busoni : Lewokadiya Kabihogo yabogojwe n’itegeko ryo hejuru

vendredi 18 Ndamukiza 2014

Musitanteri wa komine Busoni Lewokadiya Kabihogo, yahagaritswe mu mabanga yiwe yo kurongora iyo komine yagirizwa kudashobora kurangura amabanga yiwe ajejwe neza.

Itegeko rikura uyo musitantri rikaba ryatanzwe na buramatari w ‘intara ya Kirundo Nzigamasabo Revariyano, aho amwagiriza kuba adashobora kumenya kwegera abo arongoye na cane cane mu kubahimiriza kubungabunga ibikoresho rusangi. Ubu uyo yahora arongoye iyo komine akaba yaciye aba arasubirirwa vy’imfata kibanza n’umuhanuzi wiwe.

JPEG - 65.1 ko
Lewokadiya Kabihogo yabogojwe mu mabanga yo kuba musitanteri

Ariko rero amakuru ava aho i Busoni, akavuga ko hari ibindi vyinyegeje inyuma y’iryo kurwa rya musitanteri Kabihogo. Muri ivyo, hakavugwa ko uyo mupfasoni yoba yaheruka kubuza abantu boba bari biyadukije, baja kuraba agasozi koba gafise ubutare aho i Busoni, bagomba gutangura ku bwimba, nawe arabankira. Itegeko ryo kumubogoza naho ryasohowe na buramatari Nzigamasabo Reveriyano, abandi bavuga ko nyabuna ryavuye i Bujumbura, hejuru.

Mukamenya ko iyo komine isanzwe ivugwamwo ingorane ndetse z’umutekano, aho abo bita IBIPINGA (abatavuga rumwe na CNDD FDD) bamenyesha ko kenshi bakubagurwa, abandi bakaburagizwa n’urwaruka rw’Imbonerakure.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.