IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bwiza : Station KOBIL yatewe n’umuriro

Bwiza : Station KOBIL yatewe n’umuriro

mardi 7 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Impanuka y’umuriro yiyadukije mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, kuri station KOBIL yo mu Bwiza mu gisagara ca Bujumbura, kw’ibarabara ryitiriwe Peuple Murundi, iruhande ya station King STAR yo mu Bwiza.

Uwo muriro wiyadukije mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota 45 z’agatondo, inkaratasi n’amadosiye bikaba vyahiye.

Nyene iyo Station yatewe n’umuriro amenyesha ko amadosiye yose iyo Station yahora ikoresha yahiye, amafagitire atari bwarihe, hamwe n’urutonde rw’amadeni abantu bari bafise iyo Station vyahiye.

Igiporisi kijejwe gukinga impanuka kikaba canyarutse kuzimya umuriro utarashika ahari igitoro, ivyatumye uwo muriro umara umwanya muto.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.