Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI: Igikorwa co gushira mu nyabwonko (saisie) abiyandikishije (...)
CENI: Igikorwa co gushira mu nyabwonko (saisie) abiyandikishije catanguye
mardi 3 Ruhuhuma 2015, par
Umurwi CENI (Commission Electorale Nationale Independante) ugiye kumara iminsi mirongo ine n’itanu bariko barashira mu nyabwonko abiyandikishije kugira baze baronke uburenganzira bwo kwitabira amatora Uburundi bwimirije.

Kuri uno wa kabiri niho hatangura igikorwa co gushira mu ma mashini abiyandikishije kugira bazotore mu matora twimirije, nk’uko bimenyeshwa n’umukuru w’umurwi CENI mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere.
Kuri uwu wa mbere niho abazokora ico gikorwa co gushira mu mashini abiyandikishije bariko baragirana amasezerano n’umurwi CENI. Kugira rero ico gikorwa gishobore kunyaruka hakazokora imirwi myinshi itandukanye. Umurwi wa mbere uzotangura igihe c’isaha cumi na zibiri za gatondo, ugaheza igihe c’isasita y’umurango, uwundi murwi ugaca ubakira ugatangura igihe c’isaha zitandatu z’umurango ugaheza igihe c’isaha cumi na zibiri, uwundi murwi utangura igihe c’isaha zitandatu z’ijoro ukarangiza mu gatondo isaha cumi na zibiri.
Mu murwi CENI bamenyesha ko hamwe ishirahamwe PNUD risanzwe ribafata mugongo ryobibafashamwo, bokwongereza igitigiri c’abandika kugira ico gikorwa kigende neza kandi kinyaruke kugira ikirangaminsi c’amatora kize cubahirizwe.
Mukamenya ko ata numwe yemerewe gushika muri ico kibanza atari abahawe uruhusha n’umurwi CENI nk’uko Petero Karaveri Ndayicariye abandanya abishikiriza. Inyubakwa nayo iriko iberamwo ico gikorwa ni ahitwa CECORES, hakaba hacungerewe n’abajejwe umutekano.
Tubibutse ko ikiringo co kwiyandikisha kubataronse akaryo mw’iyandikwa rya mbere gitegekanijwe mu gihe intonde z’abiyandikishije zizoba zamanitswe. Ku cerekeye bamwe n’abandi bafise amakenga ku makosa yabaye mw’iyandikwa rya mbere, umukuru w’umurwi CENI, Petero Karaveri Ndayicariye arahumuriza akavuga ko abahinga bakoresha inyabwonko bazi kubiraba neza bakoresheje ama "logiciel", gutyo bigashobora kuboneka ahabaye ubusuma n’aho amazina ya benshi mu Burundi ameze nk’ayasa.
Floxella Karire
Messages
3 Ruhuhuma 2015, 12:51, par mukobwajana
EMWE NTA NDAYICARIYE EKA IZINA NIRYO MUNTU ..MBE SIDA NTIWOTUNYARUKIRIZA UYU MUGABO KO ATEYE INGORANE ZIZOVYARA INTAMBARA MU GIHUGU???MANA NTIWOBAGIRE NA ADOLPHE N ABANDI BADUPFUKAMYE MU NDA..NONE SIDA UKORA IKIMURI ABO BANTU ANKA IMITI!!!!KARAVERI ARAZI KO YAHEJEJE KWIBIRA ABA DD KUKO ENROLEMENT IBANDANYA VYARAHEZE ,,EREGA NABO BAGUMA BIBA..NUKO NYENE
4 Ruhuhuma 2015, 00:10, par Nuwera
Umukuru wa CENI damwemera akorakazi yashinzwe nkumuhinga koko.