IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umwihwezo w’amadosiye y’abazitoza kuba abahanuzi b’amakomine watanguye

Umwihwezo w’amadosiye y’abazitoza kuba abahanuzi b’amakomine watanguye

lundi 13 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI watanguye kwihweza amadosiye y’abazokwitoza ku rwego rw’abahanuzi b’amakomine.

Kw’igenekerezo rya 11 Ndamukiza, niwo wari umunsi wa nyuma wo gushikana amadosiye muri CENI, kubashaka kwitoza ku rwego rw’abahanuzi b’amakomine. Ahatari hake mu gihugu cose, abashaka kwitoza bakaba baratanze amadosiye yabo, n’ubwo hari imigambwe imwe imwe usanga itari muma komine yose.

Imigambwe rero iboneka cane yatanze abazitoza, akaba ari umugambwe CNDD-FDD, UPRONA, MRC Rurenzangemero, PSB, Frodebu Nyakuri, UPD, Palipe Agakiza, hamwe n’inani nka RANAC, Urunani Amizero y’abarundi, ADC Ikibiri hamwe n’urunani COPA.

Guhera kuri uno wa mbere naho, mu murwi CENI bakaba batanguye kwihweza amadosiye y’abo bazitoza. Kuwa 15 Ndamukiza ,naho akaba ariho hategekanijwe gushira ahabona intonde mfatakibanza z’abazitoza ku rwego rw’abahanuzi b’amakomine.

Tubibutse ko kuwa 16 Ndamukiza ariho naho hategekanywa kurangira igikorwa co gushikana amadosiye ku bipfuza kwitoza mu bashingamateka. Ayo matora y’abahanuzi b’amakomine n’ayabashingamateka akaba ategekanijwe kuzobera rimwe kuwa 26 Rusama 2015.


Floxella Karire

Messages

  • Urunani Mizero y’abarundi mwarukuyemwo? Ko twumvise rwatanze amadosiye mu makomine atari make?

  • Yemye iyo Dr. J Minani atihimbahimbira agakora agashinga umugambwe Frodebu Nyakuri twebwe twigeze guhayagiza Frodebu turikumwe nicungu ya democratie twohavuye kwibagirwa umugambwe Frodebu! Leonce arawuzimanganije peeeee!!!
    Erega numugambwe Uprona wincungu yokwikukira kwigihugu cacu cu Burundi iyo umuvyeyi araho Concillie atawugarukira warigiye kuzimangana nka FRODEBU. Ndababwirako iyomigambwe nubwo bizogorana kwongera gutsinda amatora tuzokomeza kuyubaha kuko ahatwese turimuyindimigambwe nkatwese twarabaye mwiyo migambwe ya UPRONA na FRODEBU. Minani kuruhande rwa FRODEBU warakoze. Concillie kuruhande rwa UPRONA warakoze.

  • Ndakengurukiye CENI n’imigambwe yatanz Dossier z’abitoza.non ko bamwe bavuga ngo Intambara izoba, abandi ngo ntamatora azoba, kandi benshi akaba arabobanyamigambwe bitoje, none izoba cank ntamatora azoba aboyitey aribo batanz dossier? Non izoterwa nand? Abarundi tureme amatora azoba mumutekano ntangere.

  • Umugabwe Amizero Yabarundi Uporitike,yawo, Igezehe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.