IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI yongereje ikiringo co gutanga amadosiye kubazitoza

CENI yongereje ikiringo co gutanga amadosiye kubazitoza

mardi 21 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI wasubiriye kwongereza ikiringo co gutanga amadosiye, kubashaka kuzitoza ku ruhande rw’abahanuzi b’amakomine, hamwe no ku rwego rw’abashingamateka.

JPEG - 45.2 ko
Petero Karaveri Ndayicariye arongoye umurwi CENI

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’umurwi CENI ritewe ko igikumu na Petero karaveri Ndayicariye, arongoye uwo murwi ,bakaba bongeye ikiringo c’iminsi ibiri. Tubibutse ko rigize kabiri uwo murwi wongereza ikiringo kuri abo bashaka gutanga amadosiye, bakaba bacongereje inyuma yaho abanyamigambwe n’inani zimwe zimwe bari basavye ko bobaha akaryo ko gukwiza ibisabwa, kuko mu nsiguro bagiye batanga bavuga ko hari impapuro zimwe zimwe zabagoye kuronka, n’ahandi bagiriza abajejwe intwaro ko bataboroheye ku zibaha.

Tukabibutsa ko amatora y’abahanuzi b’abakomine n’ay’abashingamateka ategekanywa mu kwezi kumwe gusa, ku genekerezo rya 26 Rusama, imwe mu migambwe n’inani bakaba bari batari bashoboye kuronka abazobaserukira mu matora, mu bice vyose vy’igihugu.


Floxella Karire

Messages

  • Mwongeza ibiringo mutongeza ariko mumenye ko igihe cageze ko mukinjura mwaratweretse UBUJUJU BWANYU UKO BUNGANA mwaranatweretse vision (GUTERA AMAVOKA) yanyu. urutonde rukwirikira rubabere urugero:

    NDADAYE, HAVYARIMANA, NTARYAMIRA, KAYIBANDA, MOBUTU, ID AMIN DADA, KHADAFFI, SADAM HUSSEN, OUSAMA BEN LADEN. etc.,,,,,,

  • BRAVO KURI CENI, NIMUBAFAHE KWISHAKISHIRIZA EJO HATAZAGIRA UBONA URWITWAZO. TUBASHIMIYE UKUNTU MWAGIYE MWUMVA IBYIFUZO BYABOSE,BYEREKANA KO ATAHO MUHENGAMIYE MUMIKORERE YANYU. COURAGE MUKAZI MURIMO KATOROSHYE. ABARUNDI ISINZI TUZOHORA TUBASHIMIRA.
    ABAVUGA NIBAVUGE NAHOMWE MUKORE NUBUNDI UBUNTU BURIHABWA.

  • jewe sinanka fdd nigihe natora niyo natora. kuko nkunda nkurunziza ukuntu akunda gusenga. ariko nkumusore nsenga nkamenya amakuru ava mwijuru. nibivireho kabisa! ubuvugishwa: batsw’ubutegetsi muntambara.amahoro nimigisha nubukire burama bizokurikira mugih gito.

  • ahubwo iyo mwogereza imisi yokwenda banyoko ncanke ukatwogerereza umwanya ndayicariye wuko twoshukwisha umugore wawe kugira wende kuko ntukishukwisha umugore wawe kubera ibikogwa vya dd nayo twebwe abarundi tugucugishe ijisho

  • Ndayicariye doit vivre sur une autre planete. Il n,y aura pas d,elections tant que la CENI ne soit reformée et tant que les Sinduhije, Radjabu, et autres exilés ne seront pas dans la course. Je predis que ces derniers vont deposer leur dossier de candidatures aux presidentielles, et la CENI va les refuser. La suite sera plus interessante. Le tout se reglera ce weekend avec l,annonce de la candidature ou non de Nkurunziza.

  • Ahubwo naho bovuga kohageze kera!Non n’amatoraki ya Petero nkurunziza?icodushaka sicobakora:dusaba gukinjura kwa Petero na CENI yiwe!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.