Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Chris Brown yoba afise umwana w’amezi 9 yanyegeje
Chris Brown yoba afise umwana w’amezi 9 yanyegeje
mercredi 4 Ntwarante 2015
Chris Brown, umwe mu bihagange kw’isi vy’umuziki muri Reta zunze ubumwe z’amerika yoba afise umwana w’umukobwa afise amezi 9, atavyaranye n’umukunzi wiwe Karrueche Tran canke Rihanna tuzi ko bakundanye.

Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru TMZ, amakuru avugwa cane muri Reta zunze ubumwe ni aya Chris Brown bivugwa ko afise umwana w’amezi 9 yavyaranye n’umugore w’umunyamuderi, azwi kw’izina rya Nia. Uwo mugore w’imyaka 31 bamaze imyaka myinshi bazinanye na Chris Brown mbere bakaba barakundanye umwanya muto, nk’umwaka wose.
Nia ntiyigeze anyegeza Chris Brown ko yatwaye inda, mbere Chris Brown yararyohewe yumvise ko agiye kuronka umwana mugabo arabinyegeza. Nia na Chris Brown naho badakundana baramvukina cane, mbere haheruka gusohoka ifoto ya Chris Brown na Nia bari kumwe n’umwana wabo, vyibonekeza ko asa na se wiwe.

Ikinyamakuru TMZ kivuga ko Chris Brown ataco afasha uwo mugore muvyo kurera uwo mwana bavyaranye.
Iyo nkuru naho Chris Brown yayakiriye neza mugabo akabinyegeza, uwahoze ari umukunzi wiwe Rihanna yatangajwe bikomeye mbere aranababara cane yumvise iyo nkuru ya Chris Brown. Karrueche Tran wewe ntaco arabivugako, mu gihe uwo mwana yavyawe Chris Brown akundana n’uwo mukobwa, vyumvikana ko Chris Brown yoba yararenze ibigo.

Messages
7 Ntwarante 2015, 20:52, par Uncle TWO SNAKE
Kuba yaronse ikibondo birashobok umugisha uva kumana ahubwo niyitegurire kumurera nanj ndamukeje azomwize umuziki nawe azovum kuko uwo se wiwe arampimbara
10 Ndamukiza 2017, 15:43, par Frédéric Mpawenimana
Ariko Chrir Brown Yararenzn Ibigo Kuko Yavanze Umukunzi Wiwe Ariko Ntakundi Narere Uwomwana Azomwize Umuzi Nawe Amenyekane Nka Se Wiwe