Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cibitoke : Abana b’amahasa bishwe bari kumwe na se wabo n’umukozi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Abana b’amahasa bishwe bari kumwe na se wabo n’umukozi

Cibitoke : Abana b’amahasa bishwe bari kumwe na se wabo n’umukozi

mercredi 1er Mukakaro 2015

Inkuru iriko iravugwa mu gisagara ca Bujumbura n’iyigandagurwa ry’abantu mu Cibitoke ca Bujumbura, harimwo bane bo mu muryango umwe, se n’abana biwe babiri b’amahasa hamwe n’umukozi.

JPEG - 50.3 ko
Pantaleon n’abana biwe babiri Franck, Fleury

Pantaleon n’abana biwe babiri Franck, Fleury n’umukozi wo mu nzu bakaba bagandaguwe barashwe, inzu yabo nayo ica iraturirwa ku Mutakura, ibarabara ry’umunani inomero 42.

Nk’uko aya makuru tuyakesha umwe mu ncuti z’abo bahisi, Franck na Fleury bari amahasa, bakaba bari bafise imyaka 23 gusa y’amavuko. Umwe yari muri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika, uwundi nawe yari akiri mu mashure yisumbuye. Bishwe barashwe, basanzwe aho baba muri komine ya Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura, kuri uyu wa 1 Mukakaro. Mama wabo bana b’amahasa hamwe na mutoya wabo umwe , bakaba barokowe n’uko batari muri iyo nzu.

Icegera c’umuvugizi w’igiporisi ntavyinshi avuga kuri abo bishwe urw’agashinyaguro, avuga ko azogira ico ashikirije abanje gutohoza neza ivy’abo bishwe, ariko akavuga ko hari abarwanyi muri iyo quartier. Mu muryango wabo bagandaguwe, bakavuga ko umushingantahe Pantaleon atan’ibintu vya poritike yarimwo, yazize ubusa. Amasasu menshi yazindutse aravuga muri iyo komine ya Cibitoke hamwe n’amagrenade vyatewe, bikaba vyahitanye abantu. Kugeza ubu hakavugwa ko abantu boba barenga cumi bahasize ubuzima, abatari bake nabo bakaba bahunze iyo quartier.


IGIHE

Messages

  • Ico utosubiza kizima uratinya kugisambura.

  • Nonebazizeikiubwontibaranyeporotike?

  • Abatutsi bariko bramarana,iyo ntambara izoherera mu ngo i wanyu.Mwaratwimbiye ivyobo kuva isi ibaho,muducira izi kuzimu,mumenyeko urucira muka so rugatwara nyoko,twari twarababwiye ko imigumiko iheze bazoca batangura kubiraramwo mwebwe ababanyi babo kumwe kwo muri 94.

  • biratey agahinda kubona police yica kumurango izuba riva bakica abantu urwagashinyaguro. bameny KO nabo bazopf uko bica.

  • Mana tabara uburundi .ndakwinginze. Uwatangije runo rugamba azabibazwe. Aya maraso yamenetse uzayamubaze ubwo azaba ari mubwami bwawe. Abana barapfuye ubu .abasaza nabakecuru.wishe abarundi nabi . imana ntizakwibagirwe .utumye uburundi buba amatongo. Abarundi babaye impunzi

  • mwabantu ni muvuge make namw kandi mwambay inyama namaraso ivyo vyashikiy babo namw vyobashikira NTukadyohegwe ngo nuko ibwoko bugizingorane twese tuva kumana imwe uwo naw yivugira ngwabatutsi Imana imubabarire nazi icavuze!! uwukizana ivyamoko arinyuma peee Bose abahutu nabatutsi bariko baricwa kandi na l’État yuburundi lmana irahari

  • Fidélité Dieu Te pardonne ton ignorance!Tu devrais faire preuve de retenue dans ces moments où nous déplorons des morts le jour du 53éme annif de l’Idpce de notre pays!Un Annif célébré malheureusement dans la douleur!Tu es franchement pitoyable car tu incarnes l’idiotie elle-même!Du reste RIP Franck,Fleury,votre père sans oublier ce jeune homme!Espérons que l’on saura le coupable et qu’il aura le châtiment qui lui est dû!

  • ihonyabwoko ryatanguye

  • @Fidelité

    Nta soni?!! Urashobora kuvuga ibintu nk’ ivyo abantu bitavye imana?

  • harabura iki koko ngo abarundi mwumvikne mutaramana,kandi ikibabaje abapfa ni abana bakiri bato bo kuba bakubaka igihugu!!!!ariko se kuki mutavuga inkuru yose!!abaturage kuki mwanga gusakwa n’inzego zibishinzwe,kandi zibifitiye uburenganzira ahubwo mugagahangana na bo!!kandi ariibintu bikorwa hose abahungiye mu rwanda muzegereabashinzwe umutekano babasobanurire!!!akora ibyamuzanye byarangira akagenda ntimurwana ntimutukana ni ibintu tumenyereye ko bibaho!!ko mutavuga ko n’umupolici mubasakaga iwabo yapfuye!!Imana rwose ibafashe ibibazo murimo birangire!!!!!

  • None ko bishwe bikoreye za karachinikov ninde wazibahaye? Bari bazi ko abapolise batava amaraso. Abo baginga birwa batwika abahutu none muri gutekinika ngo bishwe urwagashinyaguro !! None imbunda bari bafite zarasaga amazi!!
    Batangure intambara iherere iwabo!! Ibihe byarahindutse ni uguhambira izo nkoramaraso. Ikindi kandi ndasaba abarundi gucunga no kumenya abahunga. Banagaruka bakabahozaho ijisho kuko abenshi bajya mu Rwanda gufata imyemenyereza ya gisoda.

  • Je mperuka numva ko URWANDA rwahawe uruhusha n’ishirahamwe mpuza makungu ryo kurwanya Genocide mukarere k’ibiyaga bigali na cane cane mubihugu bihana imbibe kubera ivyabashikiye 1994.none se murindiriye iki kugira mutabare abarundi??narumvise ko EAC hari igisirikare kijejwe gutabara abanyagihugu murako karere,none murindiriye iki gutaba abarundi???ntimubona ko ubwicanyi bwabaye ndanse m’uburundi.ubu haharurwa abantu 100 bamaze gupfa murindiriye bagere kuribangahe kugira ngo mubatabare??canke abarundi bishwe ntabwo vyitwa Genocide canke yoba ari inkinamico???Oya nukuri harageze ko mugarukirira uburundi n’abarundi kuko sinumva ingene akarwi ka Nkurunziza kokora ibara amakungu mwese mubona.

  • Amaraso yabo bantu nkurunziza azoyabazwa n’Imana

  • kubera ukwica muburundi vyatse indaro uburundi bukewe abasoda mvamakungu bogukingira abanyagihugu kukobarageramiwe wew uciyumvira ivyamoko uracarinyuma cane kwica nubutegetsi bubi buhari kuko nawe wopfa kubwubutegetsi bubi kumva igisirikare cuburundi atacokimariye abanyagihu nimwishire kujamuri somari gucamahera niwanyuntamahoro ariyo yaba bishoboka bohereyeyo imana izigame eleshababu muguhasha ababasindiye

  • None Kagame mwirwa muririmba ari hehe!!? Naze nawe abarundi bamumese!! Ngo azatabara inkozi z’ikibi!! Nkurunziza yatoranyijwe n’Imana kuyobora uburundi. Umwanga yiyahure cg yomoke gusa azabayobora .

  • Yoaoo! Ndababajwe Nizonzirakarengane Mana Urahevye Abarundi Dupfenkagahuzo? Hagezekugiricukora Kuko Abicanyi Muburundi Basigaye Bicabantu Atacobinona ,mugabo,bamenye,kurubanza Gwimana Rubarindiye;mbe Reta Yoyo,iriko,Ikoriki,Kugira,ikingire,abanyagihugu Bayo? bibintu Ibi Azorokoka Bazobababo Ingaruka Yavyo Ibisigaye Ntimumbaze

  • nagahomera bunwa sinarincibaza ko ibintu nkivyo bikibaho,aho inzgo zumutkano zicabantu kumurango birarenz kwicabana batashoy kwivuna ataco bagiz,biteb bitebuk bazovyishurankurunziza aragow na babo bifatanij,ivyo

  • Yoo!Uburundi Bwabaye Nkasomari,imana Yakiri Abobahisi Mubwami Bwayo,reta Nayo Nigiporisi Bikubite Agashi,abarundi Bararushe Nukwama Bahekurwa Ukobukeye Nabobakingiye

  • Numva ataco mfise novuga mana dutabare nyagasani erega ntawundi dufise adutabara,aya mabingira aratumaze,amakungu yaraduhevy,non dutabaze nde??????

  • Abo ntibari abaporisi ahubwo bari imbonerakure.

  • Ayo makuru muyaduha ukutariko none police yokwirigwa irarasa rikarenga atawuriko arayisubiza?urya mu decorp numvise yapfuye nawe wishwe n,iki?bemuvuga kumpande zose birya bigwanisho vyahafatiwe ni police yaje ivyikoreye?

  • kwica umunt kand nawe urupfu utaruguz sivyiz gus imana ibakir

  • IVYONTIBIZIJANA NDABARAHIYE

  • Abitirira ubwoko ingoran ir muburundi n’abakehabwenge,kuva 2005 hatwara band?abant bensh bapfuy bari m’ubwoko ubuh?bishw n’aband?

  • Imana nibakire mubwami bwayo abasheshe ayo maraso aze abahumire birateye agahinda

  • Bazize ayo mazuru nuko basa ntakindi,iryo ni rya honya bwoko moise bucumi yavuga ritanguye, twigwanire canke duhunge kuko onu ntitabara abantu batarapfa,communaut international nayo ifashuwifashije, kwari uguhanura

  • Mwabapolice Mwe! Mara Abana Banyu, Benewanyu, Mubaziza Umuntu Umwe. Ejo Muzokwicuza.

  • Ntimwitwaze.Amoko.Ntihicaporitike.Nintwaro.Mbi

  • IRYO NIVUMWE KURI PITA ABOBOSE BARI KUGAHANGA KUMUKURU WIGIHUGU ABARABANGINGATA YOKUBIKORERA BIRABAJE CAANE EWE PITA UZOTUVAKO TURUSHE

  • Emwe ibiri muburundi birarenze imana yonyene

  • Birababaje kweli, ariko mwabahutu mwe ntimwareka gushukwa iki kibazo kikaguma aricyapolitike ntikije mumoko? Ubu kandi nibabahindukirana muzaheza muvuge abatutsi barabagandaguye nkuko mubivuga ngo muri kahise andi ari mwebwe muhora mushoza intambara?

  • Birababaje kweli, ariko mwabahutu mwe ntimwareka gushukwa iki kibazo kikaguma aricyapolitike ntikije mumoko? Ubu kandi nibabahindukirana muzaheza muvuge abatutsi barabagandaguye nkuko mubivuga ngo muri kahise andi ari mwebwe muhora mushoza intambara?

  • Birababaje kweli, ariko mwabahutu mwe ntimwareka gushukwa iki kibazo kikaguma aricyapolitike ntikije mumoko? Ubu kandi nibabahindukirana muzaheza muvuge abatutsi barabagandaguye nkuko mubivuga ngo muri kahise andi ari mwebwe muhora mushoza intambara?

  • Ewe Fidelite Uri Ikirofa Mbe None Wwe Kuvuka Uri Umuhutu Canke Umututsi Uba Waterereye Iki?Nibara Kubona Abantu Bicwa Nabobakingiye.Mbe Kuki Police Itemereye Abamenyeshamakuru Kuja Kuraba Ibiba?Ivy’uburundi Biragoye.!!

  • Mana shikana mu bwami bwawe izo nzirakarengane. nayo abo bicanyi ubarabire ibibakwiye.

  • nne NKURU yisiny kutumara?mwibuts ko CROMWELL yar afis missio nk’iyo igapfa kubera un tout petit grain de sable qui a paralysé son corps!

  • NTAKUNDI ARIKO MUNTU UNEZEREJWE NURURUPFU NDAKURAHIYE NTAMAHORO UZIGERA URONKA MUBAWE NOMUVYAWE

  • muvyukuri ndahanura abantu bose bagomba kugarukana intambara ko babireka.nta ntambara dushaka.kand amakungu nabimeny ko ata ntambara abarundi dukeneye.

  • Aaaaaah musabwe kuba maso mukirwanirira kuko amakungu natatuba hafi ngo atabare abanyagihugu bazotumara kuko polici imbonerakure,igisirikare gifise itegeko ry,uminyagihugu wese cnke umunyapolike udashigikiye mandat ya gatatu ya petero nkurunziza,,turahojeje imiryango yagandaguwe ataco izira

  • Emw abatusi batihanuy kuz bararas aba polis nabo nyen barahasiga ubuzima wamututsi we pacific reko kosho abatutsi nkaw urko urabata murudubi kand izo karatyi zigir imigumuko nizabatutsi nkaj kuawiwanj abo batutsi bobwir pacific yabatumy ngo ivyo wadutumy vyatunaniy turabihevy

  • Reta koko nimba ikiri umuvyeyi wabose nkuko bivurwa nishinge ikigandaro twunamire inzonzira karengane zo kumutakura nkuko twibuka nabandi barundi nkabasoda baguye somari nahandi.RETA nitegwe isoni nokwihekura.

  • Kobiteye agahinda nubwoba ubwo ntibabahoye ubwoko bwabo??MANA turakwingize utabare abarundi nuburundi. Kuko abodukingiye nibo batumaze

  • mumenye ubwko bw,imana ko mutazomra namba

  • mbeg Uburundi turiko 2ja he?ub rer uwitw umunyeshur wa kaminuza ahirwa buhongo?nn tugiye kuja he?

  • kuzimangany famille yose!bitey agahnda!mana bahe iruhuko ridashira!

  • IMANA IYOIZO IZOROKORA ABARUNDI TWOVUGA VYISHI TWOBIZIRA.

  • Nta wuva amazi mu bantu turi kuri iyi si kandi nibaza ko iyo plan Dorufu na Petero Nkurumbi idashobora kubashikana ku ntumbero bihaye.Ayo maraso y’uwo muvyeyi n’ivyo bibondo aze abahumire n’imiryango yabo.Mes freres soyeux soudain et courageux!Condoleances àla familles et àtous!

  • YOYOYO WE! BIRABAJE IMANA YAREMYE UMUNTU IMUKUNDA KANDI IMUFITEHO INTEGO, IMIGAMBI,NAGAHUNDA YAYO YATEGUYE KURIWE( UBWOSE ABAKOZE IBYO BUNGUTSE IKI?). AMAHORO ARUTA BYOSE BARUNDI MUKOMEZE KWIHANGANA MUZONESHA.

  • YOYOYO WE! BIRABAJE IMANA YAREMYE UMUNTU IMUKUNDA KANDI IMUFITEHO INTEGO, IMIGAMBI,NAGAHUNDA YAYO YATEGUYE KURIWE( UBWOSE ABAKOZE IBYO BUNGUTSE IKI?). AMAHORO ARUTA BYOSE BARUNDI MUKOMEZE KWIHANGANA MUZONESHA.

  • mana tabara izo nzira karengane babura kwiyicanira bonyene bakaza kuziza inzirakarengane yooo ahafasha uburundi nibabugarukireko hakiri kare

  • Benedata Nimudufashe Dusengere Uburundi Kuko Bugeze Mubihe Vyanyumaaa!!

  • Ndahojj umiryango yabuz naho ibigugu nka keri bavuga bibi kubapfuy no kubabuz iyo simico y’ikirundi ariko amaraso azohumira uyo wes yyumvira kumena ayo maraso turab gato edouar nduwimana yatumw abapolisi kurasa abayobok bazebiya ngo nabamatatiri mu cibitok irwanyi zishikany barazish ngo zavyonz akarer murunzi kagera ibizigavyaragaragay tuvyagiriza abanyarwanda ababikira barabish ariko ivyakurikiy murabizi ndakebiy uyo wese aciyumvira ivya moko arab inyuma abafuy ko bari abatutsi gusa cank abahutu abo bagabo bashigikiy inyungu zabo reba nduwimana kubera abashigikiy baribagiy ivyo yakorey abahutu non ww nind agushigikiy twikebuk

  • Abantu tuzoba ibijuju gushika rya?mbe aho mubishira kubwoko,iyo mandat igira imare abarundi rufyikiri,piyo ,moise,onesime,léonidas,festus,oscar,abasenyeri 8 muribo 6 ari abahutu,n,abandi isinzi ntibayiyamirije?uwo muriro muriko mukwega muzowote!

  • Ariko iyi ngirwa president Nkurunziza arabona imana itazamubaza ibyo ariko arakora yiyita umurokore! Nawe azopfa vuba ndizera ko atazorenza uyu mwaka!

  • manaaaa!!!!! muvyukuri isi irahez arikw uhan atakwihanur abakozi bikibi nkico aribo petero nkurunziza nimbonerakure akokagab nikabahend muzoyabona ariko mana kingir ngozi naho ivukamw inkzizkb petero nimbonerakur ni kauka ni kuvale inkoni y’imana izabashikak

  • Mbenga aho bamvnga ibikwanisho basase kumutakura !ivyo basase mubuterere ku nzu ya adophof nanakimwe babivuze ko

  • manaaaa!!!!! muvyukuri isi irahez arikw uhan atakwihanur abakozi bikibi nkico aribo petero nkurunziza nimbonerakure akokagab nikabahend muzoyabona ariko mana kingir ngozi naho ivukamw inkzizkb petero nimbonerakur ni kauka ni kuvale inkoni y’imana izabashikak

  • yooo!ubu nyene frank aragandaguwe?ese ingene yitangira mu kwigisha urwaruka ivy’indimi(espagnol)?imana rugira vyose ikuzigame tuzokwama tukwibukira ubutwari bwawe.RIP

  • nimbaribo bariko bararasira muriyonzu babamwo canke akabaribo baribahay indaro abobarashe
    police ntakundivyarikugenda iyoningaruka mbi yintambara kandi uwurukarisha rwomumwa.

  • Iyo quartier ya IBITOKE ni bareke gutunga ibigwanisho bareke kurasa abapolisi hanyuma umutekano ugaruke kuko leta ntishobora kwihanganira ko i Quartier imwe yonyene yigira ibiro biteze mu gutera akajagari.
    Izo mitralleuses zinjiye gukoriki mu cibitoke na MUTAKURA?
    Abo ba polici birigwa baricigwa mwiyo Commune bazira iki?
    pacifique nabawe wew wemewe mwayo ma quartiers ariko ntiwopima ngo uraduze mu gihugu hagati wapi......

  • mana niwew ubwawe urema abantu kand niwew uzi iherez ryabo abobishwe ataco bazira ndabaguhereje ubahe ikibanza ciza ababishe guhora nukwawe mana amen

  • uyo mu papa ari hejuru we yafuye ukwiwe nawenyene arashwe.abo bahungu babiri bishwe barikumwe na se wabo n’umukozi,maman wabo na mutoya wabo bari belgique nico cabakijije.

  • ndasavye imana yaturemye itworoherez iduhe urukundo muri twebwe.Ntituz turanez nivyago bishikiy umuntu nkatwe twes twaremwe n,imana imwe rudende.

  • ayo maraso aze ahumire umuntu wese yagize uruhara muriryo gandagurwa ryabo bantu.IMANA ibakire mubwami bwayo.

  • mana ya daniel,ya shadrac meshac;abdnego,ya elia,ya yeremia umukuye mwibohero ni wumve ugutakamba kwabarundi abana baw.!!

  • mana uu
    sumba vyose,turakwinginze tabara urundi n’abarundi niwi uke amaraso yinzirakarengane

  • Il

    Birikugatwe kagurunziza

  • Nukuri Birateye Agahinda Kubona Umukuru Wigihugu Ajanjaga Abarundi Akoresheje Pierre Nkurikiye Na Adolphe Nshimirimana Mugukoresha Igipolisi Nimbonerakure.Imana Ipfume Ibahamagara Abarundi Tworohegwe Ibateshe Umugambi Woguhonya Igitsina Gabo Aho Kiri Hose Mana Twumbire.

  • turahojej umuryang wabuz nibihangan ham uyo atagir icabivugak nuk afis icoyiyagiriz nibafat wenyen bamugirek amatohoz

  • uko ruza kose urupfu ntirureka kubabaza abantu. ariko #igihe# ntimugume mutwarwa n’ibiruruma. umunyamakuru, umupolisi, umuganga n’umupatiri baterezwa kugira umutima ugumye kuko bama baherekeza imitima, yaba iyija mw’ijuru canke mumuriro. duhe inkuru yose uko iri, ivyipfuzo n’ivyiyumviro twobibasaba canke mukabishira inyuma y’inkuru. kuko mukurikiranwa na benshi b’imico, intara, imyaka, ubumenyi n’ivyiyumviro bitandukanye; sivyo rero ko boguma babona ivyiyumviro vy’umuntu munkuru ikinyamakuru gitanga. kandi mwomenya ko inkuru zica henshi baraheza bakagereranya iyo mwatanze kuzindi. nkubu muratubwiye abahasize ubuzima, ariko ntavy’ibirwanisho mwavuze. naho uba uzi ko atarivyo, shikiriza inkuru uko iri uyikurako ariko uyivuge, abasoma inkuru mutanga barazi ubwenge barashishoza.

  • uko ruza kose urupfu ntirureka kubabaza abantu. ariko #igihe# ntimugume mutwarwa n’ibiruruma. umunyamakuru, umupolisi, umuganga n’umupatiri baterezwa kugira umutima ugumye kuko bama baherekeza imitima, yaba iyija mw’ijuru canke mumuriro. duhe inkuru yose uko iri, ivyipfuzo n’ivyiyumviro twobibasaba canke mukabishira inyuma y’inkuru. kuko mukurikiranwa na benshi b’imico, intara, imyaka, ubumenyi n’ivyiyumviro bitandukanye; sivyo rero ko boguma babona ivyiyumviro vy’umuntu munkuru ikinyamakuru gitanga. kandi mwomenya ko inkuru zica henshi baraheza bakagereranya iyo mwatanze kuzindi. nkubu muratubwiye abahasize ubuzima, ariko ntavy’ibirwanisho mwavuze. naho uba uzi ko atarivyo, shikiriza inkuru uko iri uyikurako ariko uyivuge, abasoma inkuru mutanga barazi ubwenge barashishoza.

  • yaba umunyagihugu canke umuporisi nta n’umwe akwiye gupfa yishwe n’uwundi kuko bose ni beneburundi. Abarundi dukwiye kuronderera inyishu y’ibibazo dufise mu biganiro kuko intambara itanguye ubwicanyi buba butanguye nibazo ko abarundi batari bake bazi ivyabaye kuva 1993 gushika 2003 ko hapfuye abarundi benshi. Ivyo vyabaye rero ntidushaka ko bisubira. Nohanura abiyumvira intambara ko bobireka kuko n’imibabaro gusa.

  • UMUPFASONI YASIGAYE IMANA IMUHE KWIHNGANA ARIK NH BIRUKO INTWRO IHRI IZOBIBZWA

  • Mana duhe kumenya ko turi abantu tutari ibikoko duhebe twicane nkinyamaswa zitagira ubwenge nkubwacu abo nabo baguma bahaya ubwoko ubwo igihe imana yarema mwonyereka aho yaremye abahutu nabatutsi?munjiri canke bible canke koroani?basha nitumenye ko kwisi turingenzi iwacu atari hano kwica ntaco bimaze tumenye ko gusesa amaraso atanyungu numutahe bivayo ndahojeje umuryango wabuze wihangane cane.

  • Birateye Agahinda N`ubwoba Ivyo Nibareke Kwiteze Utunyoni Kur`uwo mugambi Bafis Wokumara Abantu. Igipolisi Turakimenyerey Ukuntu Gikoreshwa N`ubutegetsi, Kizowukora Citwaza Ngo Batewe Bariko Bakizura Cank Bariko Basaka Ibirwanisho. Hama Twam Turindira Ayo Matohoza Yama Akorwa Nabo Kugira Abakingir Ntaco Afasha Umunyagihugu. Izo Nguvu Bariko Bakoresha Hari Igih Zitazokora Intahe Igafata Ijambo. Ntawuhora Ku Ngoma!

  • Emwe birateye isoni mu gihugu citwa ngo carikukiye abogikingiy akaba aribo bica abo bajejwe.Imana ibakire mu bwami bwayo.abo bakoz iryo shano basabe imbabazi sinon Imana izobarandura.

  • Ngabo rero abo police y’u Burundi n’abayirongoye bise aba assaillants yashoboye kwica. Twibuke ko yabasanze mungo zabo munzu.

  • Biratey agahinda kubona abantu bicwa nk’inyamaswa bamenye ko IMANA izo bishura

  • Ewe wiyita kelly urumuntu canke uri murumuna washetani ,ivyiyumviro ufise sivyumuntu yambaye umubiri akaba afise umutima n’ubwenge butahura ,abo uriko witamba kumivyimba urwabo rwaraheze ,nawe urwawe rurakurindiriye

  • mana kiza abarundi nuburundi kuk nahawe abarundi natwe dusungere igihugu cacu

  • IS WORST jewe igihugu c’uburundi mbona ko hoba ibintu bibiri kurico,kigasubira mumaboko yabakoroni bakatwica rubi mugabo tudasangiye urukoba canke ubwoko canke imana igatiburira mw’umuriro twese tugahera kuko ntakuntu reta yoguma yica abantu ariyo yobakingiye. Copfuma amaraso aseseka rimwe narimwe.

  • Imana Ibakire Mubwami Bwayo Arik Umunt Yubahuts K8ca Ivyo Bibondo Na Se Ndetse Numukoz Wabo Arimw! Biratey Agahnda Kuwavyay Uwo Muntu Cnk Abo Bantu Babkoze Nuwatanz Itegek Bazogererw Kuriy Ngero Mana Tubigusavy Tuk8zigiye.

  • police;P;politesse,O;obeir,L;legalite,I;intelligence,C;courtoisie,E;efficacité.mbega yemwe police ya 2015 mu bona itaniye hehe nabaraye batugandaguriye ingabo zigihugu i somalie?

  • Ese Iyaba Bari Bazi Ko Imana Yoba Ihari Ntibobay Bakora Ivyo Ese Imana Data Rugira Vyose Yogaragaza Abo Bagome Yobaye Yerekanye Ko Umusi N’umusi Abo Bakora Ivyo Bazoteba Bakamenyekana Bame Bibuka Ko Nabonyene Bazopfa

  • BURUNDI URUWO GUSENGERWA NAHO UBUNDI UGEZE AHARINDIMUKA(KUMANGA)

  • Ncuti zanje nimwihanhane kuko ibiteye ubwoba ntibizobura kuza ariko haragowe uwuzana umuvurungano mubose rimwe abatera mwumutima w’amacakubiri.

  • Ni bareke kubesha ngo abo bishwe Kubera ibirwanisho bari batunze. Wewe yatazi ingizo y’aba DD urayibarirwa. Abo bishwe kuko ari abana ba mukuru wa Pacifique NININAHAZWE ntibasubire kubabeshera ngo bari batunze ibirwanisho. Ndabazi turabana kandi nanje n’ishuti zanje.

  • mbega abakozi iryo bara bibaza ko bizoherera ngaho.burenebitebuke .imana izobibaza.imana ibahe uburuhukiro budashira.

  • mbega abakozi iryo bara bibaza ko bizoherera ngaho.burenebitebuke .imana izobibaza.imana ibahe uburuhukiro budashira.

  • Nuzuye Amarira ,intuntu ,agahinda!Kubona Abantu Bicwa Bazira Ubusa!Mwabapolisi Inzara Irahera Ariko Igihemukibi Ntigihera!Mureke Guca Ubujumu Buboze Mumaraso Yabenewanyu!Mbemurazi Urwo Gahini Yapfuye?MANA AKIRA ABABANA BAWE MUBWAMI BWAWE!ABOBAPOLISI NABO UBAHARIRE KDI UBAHINDURE BABONE UBUBI BWIVYO BAKORA!

  • imana irahari kandi irahora mwibuke kaini na abeli jewe icobona ntimukihore nguhora nu kwimana

  • Mana igaragaze nk’lmana ukuru ibinyeshamba mû bantu.

  • Ewee nkuru nziza abo barundi bariko bicwa nabo batabaye ukinumira Imana izobaguhanire bikuiye uragapfa uturitse muzopfa mwangara nkagahini none se abarundi tugiy gutabagwa nande ko abisw ngo nibo bodutabaye aribo bariko baratuica ingabo zigihugu cacu mujejw guhonya abene gihugu mukuiye kuibuka igikogwa IMana yabahay nigukingira abarundi twese apana umugambwe turagowe Mana girumanuk wewe nyene udukize

  • Abo basi bigihugu bahishibije ntabandi atari inyankaburundi za petero nkurunziza bashaka kuzimanganya ubuzima bwa kiremwa muntu batazi ukuntu yaremwe abo bamenj banka kuva kubutegetsi biyumvira ko ari ivyibare vyabase nibabatohoze babakorereko bishobotse babanyonge nkakumwe babigirira sadamu baraturembeje

  • Mwumvise ngo ni mukuru wa pacifique,uyo yishwe n’abatutsi bataronse amahera yabo mu migumuko iheruka,ewe pacifique uteye isoni,mwenewanyu yaba muri ako kazu ufise ibihera vy’abazungu,?

  • nimba umukuru w’igihugu akunda igihugu ciwe nukuri ko yabaye impfuvyi tubizi azi ukuntu bibabaza kuki avuga ko azi imana ntahagarike ubwo bwicanyi buri mugihugu nimba uvuka uri umuhutu, canke uvuka uri umututsi, canke uvuka uri umutwa, ko usanga uri uko nyene utarinda kubaza, kandi uri umwana nubwo bwicanyi bitwaza atavyo aba azi ? none vyukuri nku muntu mukuru asumba abandi ubutegetsi yumva koko kwica ikiremwa cimana utashizeho wumva arivyo motif ngo nukwihora ngo ivyo ubwoko bwakoze, nukuri nteye akamo umukuru w’igihugu nabamufasha bave ibuzimu baje ibuntu bibuke ko hari abahambaye basezeye isi, ikindi naco bibuke hejuru y’ivyo vyose ko mwijuru hari mana yabahambaye na bato kandi ituzi neza kandi itarenganya twibuke ntitukorere isi kuko si wacu iwacu nimwijuru kububashe imana, rero nimba musenga imana tuzi twese yo mwijuru akaba nyene vya bikorane wama ukoranya ngo nukuyishima hamwe nuwo mwubakanye bigaragaze rero uhagarire ubwoko bwayo udacaguye nkuko bavuga ukorera ubwoko bwawe ni naho imana izoguhangaza nayo ahandi imana izohava ishavura ikugerere mu nkoko hanuza umukenyezi wawe umuryango wawe ntuwimbire ikinogo, hagararira ubutungane kuri bose ureke kubishira mumajambo gusa binyuranye numutima wawe ivyo wiyumvira uzobibazwa ndakurahiye kandi ndagukebuye kuko aho uri harabandi niwibaze kandi barabahambaye cabugufi w’unamire imana yo mutabazi wa twese.

  • umuntu avuga atarabona ntavyishi novuga ariko Uguhora n’ukw’Imana yo mwijuru birateye isoni nagahinda kubona abantu bicwa nkinyamaswa ataco bazira ariko uwicishije inkota nawe azokwicwa nayo muzoba mubona !Mana yacu akira ivyo bibondo vyawe ubihe kuruhuka neza mubwami bwawe!

  • Imana izoza rka twihangan.absigay mwihangn mubicshj ku man

  • @Fidelite, mbe burya wewe nturi igishetani kweli?

  • MUREKE IBINTU BYO GUSUNIKANA AHUBWO MUJE MUBIGANIRO BY’AMAHORO
    MUSIGEHO KUGUMYA KUMARANA KANDI KUMAHEREZO ARUKO MUZICARANA

  • YOBA BISHOBOKA BOBICA NKA 2

  • nyakwubahwa Mukuru w’Igihugu. turazi ko usenga. ariko ivyukora, ntahobihuriye nivy umukozi w Imana. Abantu bariko bicwa n’igipolice cawe urorera...
    Bandanu ukomantaz umutima.

  • KABISA NANJ KUGEZA IYISAHA AMARIRA ANYUZUYE MUMASO BIRABABAJ,BIRABABAJ GUSA ICONOSABIRA ABITAVYE IMANA NUBURUHUKIRO BWIZA MWIJURU MURAKOZ

  • Nabataraba bazapfa, ko aribyo mwashaka se ngo mubone uko muvuga ngo ntamutekano uhari!! Mugumye mwicane ubwo muzi ababahenda!

  • Ntacofisenovuga NA mariranubabaro

  • MBEGAYEMWE AHO UYOMUMUNT AVUGANGO BABICE WEW YAMBAY IVYUMA NTAZOPFA?BAMUVUGA MAKEYA MUZOSHOBOR KWISHURA?

  • Imana Nibakire Mumbwami Mbwayo.Ntakibura Intango Kibure Niherezo.Nababishe Bazobona.

  • Nubugesera Ivyo Biratwereka Neza Ko Iyi Leta Ya Nkurunziza Usavye Imeza Yibiganiro Naw Asohora Les Bombes Gusa Ariko Imana Mushobora Vyose Vuba Iradukurako Kuko Sibinani Kuko //qui Est Fort En Muscle A Rien Dans La Tete\ Ariko Kurugamba Tuzobikurako Rwagasore Yarabivize Ngo Imihimbiri Abambuzi Bampema Yuzuy Ntakibaza Bafise Muburundi ,twifatanij Nababuze

  • ariko umugabo umwe niwe ariko atuma abantu bahona ayamaraso aze amukwirikire.

  • manamana tabaratabara mugabo uwudashakira amahoro mugenziw naw ntakayaronke

  • n’ukuri aba bantu barambabaje sana!!ntakund kobapfuye iconsaba Imana ibahe ubur’uhuko budashira.iyaba ubutegetsi bukundana barikubungabunga uwomumaman asigay nayahandiho azosar!iconosab nimufashe uwomuvyey asigay!!.mana ndababaaaye cane!!!

  • Nkurunziza na Denise nta mana bazi, ni mugeze ngaho, abo bana bicwa bamenye ko nabo bavyaye

  • Mbenga Akamramz Mana Rokora Igihugu Cawe Cuburundi Nahahd Turashize

  • imananiwakire icowaremy ababishenabontituziko arabakozibawecankenabasatani?mbegaww washesh ayomaraso uragowenahowokwihaniramuricagikoranecapitantuzobabarirwakukonaweyarabuz ahoyofukamang asab imbabazi acayifatanyanasatani iherezoryanyumuzokwiyahurankayudamananuzigam abasigay

  • MANA TABARA UBURUNDI MANA UHAN ABOBANT BAHONEJ UMURYANGO.

  • Mana mushobora vyose niwakire abo bakunzi bawe bashikire ubuzima buhoraho bua i wawe abacanyi nabo ubaharire

  • IMANA IFASHE UBURUNDINABARUNDI.NAKAMUNA!

  • IMANA IZIBAKIRE MU BWAMI BWAYO NZIRAKARENGANE ASHA UYU PETER NDABONA ABARUNDI TUDAHAGURUKIYE TWESE RIMWE NGO TUMUGWANYE DUKORESHEJE UBURYO BWOSE BUSHOBOKA YARAHIYE YUKO AGOMBA GUHONYA ZINA MURUNDI WESE ATARI IMBONERAKURE! MUGA ARAHUMBA KUKO UBURUNDI SI ICIBARE CASEWIWE CANKE NYINA NDAREMYE UYUMWAKA NTUHERA TUTAMUSHENGEJE IMBERE Y’INTAHE NKA CAKIJUJU CO MURI CÔTE D’IVOIRE CITWA LAURENT GBAGBO MUGA IVYO PETER AHAYE AGIRA NTIBITANGAJE KUKO WE NAYAKIGUGU KIRAHO BANGANYA UBWENGE!

  • Mana ayo mahasa amaraso yabo azohumire umukuru wigihugu NKURUMBI .le tyran egoiste qui se croit immortel .mbabajwe numugore wiwe yarongowe na satani

  • Mana ayo mahasa amaraso yabo azohumire umukuru wigihugu NKURUMBI .le tyran egoiste qui se croit immortel .mbabajwe numugore wiwe yarongowe na satani

  • Biratangaje Kuba Muburundi Abajejwe Utekano Naho Bokora Nivyo Satani Atokora Ntibabura Ivyo Badendekeranya! Ahubwo Nibavuge Ivyo Bagamije?Kuko Burya Hariho Ababatuma.

  • ntakundi ndahojeje umuryango wabuz ababo

  • Ikwezi Irikwegera MBega Aba Polisi Bahasize Ubuzima Ntamiryango Bari Bafise?Naw Uvuga Ko Urumuryango Wabo Iyobakujaniranya Urazi Abantu Bacu Bapfuye Kubera Iyo Shetani Ngo Ni Pacifique Nyakurwa Mwi wc Nibabone!

  • abobicanyi kwica babigize umwuga ntibatinya imana

  • Birababaje Cane Ahubgo Nihakorwe Amatohoza Abo Babishya Bafatwe Bahanwe Pe

  • Niragira
    Mbe we wavutse ryari,ivyo ubaza vy’amoko nimba utabizi ntawobigusigurira ngo abivemwo,baza abatutsi bazokubwira ko amoko ariho ,hama ivyo bitabu navyo vyihoze vyandikiwe iyo tutazi ibirimwo twebwe abirabure ntibituraba babituzaniye comme ça abazungu ngo babashe kutugaba ,aho kutwigisha guhingura ivyo dutunze.
    Hanyuma ,wewe warasizwzwe,abatutsi si abantu ni inyamaswa effectivement kandi sindagusabira kubikubamwo faits gaffe.

  • Nimurire rwose musumvye aho,twebwe ntitukirira ,abatutsi mwadukoreye isekeza imyaka n’imyaka,ba mama mubapfakaza bakiri bato,impfuvyi amahera yazo murasahura.Ubu dusigaranye imyidogo gusa.Abo bagize imana bishwe n’urusoro,abacu mwabamarishije za baionnettes twabaguriye,mwatungiriye abakobwa ku migano,abagabo murashahura abagore bafise inda murazibaga,hanyuma ngo muri nivyo muvuga?Ayo marira y’ingona azoteba azokama.
    Ngo ibinyeshamba mu bantu,ico gihugu ni cacu,subira ethiopie na somalie mwa ba al chabab

  • AKO ni agahinda.........agahinda kumuntu uwariwe wese.Ikimbabaza nuko abantu batumva neza ko Pacifique nininahazwe ariwe origine yabantu bose bapfa...Mbega burya ariraba mucirore?Araryama hama akagira examen de conscience akabona ko ivyo ariko agira ashaka kurwana n abarundi incucu ko atavyo ashoboye.Uburundi ni souverain.Abanyamahanga , abo banyamuji ba pacifique et consorts ni ba powe bige pendant des annees ingene boshika kuvyo bashaka.Iyo umuntu akoze umugambi wo gutwara awutegura pendant des annees buhorobuhoro .Habaye forcing abantu barapfa.ikibabaje nuko hapfa abatari murivyo bakagwa mumporero nkayo mahasa....Mukama pacifique igarure ureke gushuka les anges .reka uburundi bubandanye kwiberaho.
    ubandanije abavyeyi bakakuvuma sinzi iyo uzoja.nubu baratanguye nsingishobora no kwihweza ifoto yawe nca mfunga amaso ko ivyo ukora bisa na jaune brune

  • ubwo ga basha Imana Izobaharira? Iyi Reta Yarikwiye Kwikebuka Ikareka Iryo Honya Bwoko.

  • Mana y’uburundi,dutabare,turazi ko atakikunanira.Uguhora nukwawe Mwami,ariko tabara abicwa,kingira inzirakarengane.Ntiwemere ko aba satanistes bigarurira Uburundi.Ntamenshi tworonka tuvuga.Imitima yacu iratuntuye

  • Ewe fidelite buriya sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa.

  • Imana Ihorihoze!oyomahasa azohumira Adolphe na peter na bunyoni!!basigaye baronkubushimwe kobishe benshi!!Denise senger’ubuzima bwawe kuko utunze umwicanyi murugo!nguwicishije inkota............!!!!!

  • les nations unis attendent combien des morts pour intervenir et sauver le peuple burundais tué sauvagement

  • birababaj ahubwo iman ibakir mubwam bwayo.

  • IMANA NIYO NKURU.YEZU ATI UZOHARIRE ABAKUGIYE NABI.MAMAN WABANA ATI ;REMA

  • None ayo mahasa yari amaze kugandagura umupolisi muragira ngo umuporisi yavaga amaraso. Iyo utangiye intambara wemera ingaruka zayo. Nabasigaye bafite ibyiyumviro nkiby’intagongwa pacifique bahabonere isomo.

  • NIBA BARI BAFISE INTWARO RERO URUMVA KO ARI DANGER! IL NE FAUT PAS JOUER AVEC LA POLICE .

  • Nabandi baracapfa,abatutsi ko mwabishize mu migambi de sacrifier 15 tutsis par jour,abazoba incungu bo na bado ,urabona pacifique atanze akarorero ahereye kuri grand frère wiwe n’aba neveux kugirango agire credibilite bazomuhe ubutegetsi,erega urya ashaka gutwara ariko ntazotwara azoba nka faray ay did wo muri somalia arikumwe n’ibisimba vyinshi azobaze.

  • abobana bamahasa reka imana ibakir ni mubacire inzira bashike kuwiteka amajambo make. uwutazi agakura aniga umutavu.gusa ndare meshej ko twes nico turinz ariko ntarwimpaga dushaka. ese imana yokoz.tukaba bamw . naj nibereye mu kirundo.abaremeshej nda bahay grand m6 ijoro ryiz

  • gs uwutanguye intambara abazi kwazoyiheza nabo nimba vyarashits bagatangu nibihangane mgb ne faut pas jouer avec les polici

  • mana ewe yisi nijuru duharir twes twaracumuy ndababay ndababay knd turizey ko ivyo bibiliya ivuga arivyo!uwicishijwe inkota.......mana wirure uwomuvyeyi asigaye guko numva nokoma induru kubiriko bibera muburundi mana tabar tabar ubwok bwaw

  • Mana Heba wibuke Uburundi kuko satani yaduhagurukiye!!!! Ibiriko birabtey agahinda n’umub2baro ku barundi arik Manawatwibagiy kweri?? hatagize icukora ububutegetsi buratumaraa Heba utugarukirek6 Mana kuk6 t8rarusheeee!!!!!?

  • @venuste. Uti les nations unis attendent combien de morts. So wanyu Kagame ko yishe abahutu batabarika yarangiza akagemurira n’uburundi muri Rweru ko utigeze umwamagana. None uraririra inkozi z’ikibi zishe umupolisi. Ahubwo police yagombaga kubz yaratwitse irya Quartier y’intagongwa. Kandi ayo mahasa ari muri bamwe bari baragabye igitero muri Cibitoke muri décembre . Usibye ko barihishe

  • @Jean claude. None uragira ngo Imana yakira abicanyi!! Ahubwo ayo mahasa najye mumuriro nka shetani kuko inkoho yari yikoreye ni iza setani.

  • Jewembona igihungu kitugoye kubamwo IMANA NIDUHANGAZE

  • Vyabaye agahomera bunwa, n’ugusenga gusa nico gisigaye

  • mumapfungoyanje yukwezikweranda ramadhani ikibazonshizimbereyawe mana nkurunzizanabiwe umugirenkukowagize farao ningaboziwe kuko ivyarikwakorera ibiremwavyawemana biteyagahida twitezekurwanirwa nawemana (aaamen)

  • iconobivugako nibazako babishe babahora ubutunzi baribifitiye komwumvako se w’umuryango canke nyina wumuryango atanumwe w’umunyeporitike jewe nibazako arico babahoye murakoze.

  • Imana Nibakire Mubwami Bwijuru Ababikoze Bibazako Bazorambira Kwisi Mugabo Uhoraho Arababona Biteye Agahinda

  • Imana ihorere abo bana kuko birababaje nkurumbi azafe nabi yambayubusa

  • Imana niyakire abobafisi,yongere igarukire igihugu c’Uburundi kuko kirageramiwe.

  • Imana niyakiremubwami bwayo abobahisi bagiye iwayo,kandi yongere iremeshe abo abo bahisi abasize,Mana bakire mubwami bwawe.

  • lmana izobahora kandabica mumpisho, bitwajibi na biriya lmana yoyo irabazi nahobazikwarabikwarabahinga mukwiyoberanya!!

  • Ubashitse Ahera Haw Mana.Ababikoz Bazobone Amakuba.

  • Iconovuga Nuko Uwo Atera Ubwobwicanyi Yoreka Kwihagira Igihu C,Imiriyoni Irenga9 Arumwe Hejuru Y,inyungu Ziwe.

  • MANA GARUKIRA UBURUNDI!DUTEBE TWICWE NK’IMPENE??GEZAHO.

  • Muvyukur Mana,bakiremubwamibwawe,kuk Twes Turi,abanyavyahah,murakoz

  • Nguwicishinkota azokwishihwa inkota, uwi cishikoho nawe azokwicihwa inkoho. ubwobuhimbiri bwibaza yuko nabonyene rutabarindiriye?

  • Turahojeje imiryango iriko irahekurwa nabao bamennja, iryo niryahonyabwoko ryategurwa ririko rirakorwa, mugabo bamenye yuko ivyo bariko barakora kumusinumusi kobazobibazwa. ivyo bibondo bagandaguye Imana ntikabaharire bazopfe bangara nkakayini.

  • none abobabishe nabaporisi canke?

  • Ndahojeje imirtyango iguma ibura. Abapfa bose n,abacu. Imana ihoze imirtyango yose yabuze niyiguma ibura kandi imana iyihorere izabakire no mu bwami bwayo. Ngo barahiriwe abapfa bazira ubusa kuko bazohozwa. Aho naho badashizemwo abahunze nabo bariko bicwa na kwashi n,inzara mu buhungiro mu bihugu bitandukanye barimwo. Mana tabara abarundi Nyakubahwa Peter atware neza igihugu abarundi batahe canke mana ubigenze uko ushaka umushoboze gutwara neza. Mana abarundi twizeye wewe gusa niwe ufise irtyambo ry,anyuma kuri kazoza kabarundi n,abana bazohavukira. Uwiteka urakoze kumva ugusenga kwacu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.